IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Adolphe Rukenkanya :"Abaririmvyi ntibarira busema, ariko tugiye gukorana (...)

Adolphe Rukenkanya :"Abaririmvyi ntibarira busema, ariko tugiye gukorana nka kera"

samedi 25 Gitugutu 2014

Igiteramo categuwe n’ubushikiranganji bw’uraruka inkino n’imico kama cari mu ntumbero yo guhumuriza no gutanga icizere ku Barundi. Caremeshejwe n’abaririmvyi bavuza hanini umuziki ndangakaranga, ubutumwa bwari bumwe.

JPEG - 1.1 Mo
Umushikiranganji Adolphe Rukenkanya

Ku civugo “Ihumure n’icizere” canke “ Apaisement et Espoir” mu gifaransa, urutonde ruriko abaririmvyi bakurikira: Silas Damara,Bernice, Toussaint, Natasha n’umurwi wiwe Club Band, Rally Jo, Alfred na Bernard, Emelance Emy na Steven Sogo bararemesheje igiteramo c’agakura mu kigo c’inzu y’ingezi “Club du Lac Tanganika” iri ku nkengera z’ikiya Tanganika mw’ijoro ry’uwo wa gaatnu igenekerezo rya 24 Gitugutu.

Ibirori vyatewe iteka n’abategetsi bo mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama harimwo Adolphe Rukenkanya aramutswa ubwo bushikiranganji hamwe n’abayobozi b’ibisata bitandukanye muri ubwo bushikiranganji. Mw’ijambo ryiwe, Adolphe Rukenkanya yatanze ihumure ku baririmvyi aho avuga ko bahorana imyidogo aho babona ko ubushikiranganji bwasa n’ubutabitayeho, ati:” Ntibarira gusema, utwo tunenge tugiye kudukosora dusubira dufatane mu nda n’abaririmvyi nka kera”. Adolphe Rukenkanya avuga ko abo bantu bose ubushikiranganji bwerekeye bategerezwa kwitabwa ho kandi abazokora gusumba abandi nibo ubushikiranganji buzokwitaho gusumba abandi. Uwo mushiranganji avuga ko ubutumwa butangwa n’abaririmvyi b’abarundi buri mu bishobora gufasha mu bihe vy’amatora Uburundi bwimirije ariko gutora icivugo "Ihumure n’icizere".

Ku bwa Simbavimbere Bruno batazira Member arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi, avuga ko ibiteramo nk’ivyo bizoshika no hagati mu gihugu kuko ubutumwa buciye mu ndirimbo bushikira benshi. Abarundi bakeneye ubutumwa buhumuriza kuko ibivugwa hirya no hino kubijanye n’amatora bidahumuriza.

Bruno Simbavimbere arongoye ishiraamwe ry'abaririmvyi

Mwomenya ko ata minsi ihaciye igiteramo gisa n’ico kibereye mu ngoro ndangakaranga "Palais des Arts", bisa rero n’imboneka rimwe aho ubushikiranganji buriko bwitaho cane igisata c’abaririmvyi casa n’icibagiwe.


Cherif nkeshimana

Messages

  • Ishure ndongoye INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA hamwe na jewe ubwanje, turabashimiye cane n impundu nyinshi, Nyakwubahwa Mushikiranganji w Urwaruka Inkino n Imico Kama, kuri iryo jambo ryiza kandi ry ihumure mushikirije abaririmvyi n abacuraranzi b Abarundi. Twese twari tunyotewe kwumva imigambi myiza mufitiye Abaririmvyi, kandi mbere twanavyicura kuva tubonye muduhaye Umuririmvyi, Umushingantahe Leonard SINZINKAYO, ngo abe Umuyobozi Mukuru mushasha wa Culture et Arts.
    Ni mwebwe nyene, Nyakwubahwa Mushikiranganji, mwahaye uburenganzira bwo gukorera ku mugaragaro INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, kandi ibikorwa bigeze kure. TWIFUZA KO MWOHISHIKIRA MUKAVYIBONERA. Ibi mushikirije, biduhaye icizere ko igikorwa twakoze aho hambere tugishinga OCHESTRE NATIONAL YA MBERE Y’UBURUNDI aho nyene mu Bushikiranganji murongoye, kigiye gushishikarwa no gukomezwa nkuko twavyifuza.
    Kuva mu kwezi kw icenda guheze, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA iriko irigisha imisore n inkumi bashika kuri 15, bakazomara amezi icenda 9 biga, baca hirya no hino bongera banonosora ivy amategeko mpuzamakungu y Umuziki, ukuntu wandikwa, n ukuntu uririmbwa kandi ukigishwa. Bazosohoka ari ibishirira mu bumenyi bw umuziki mu kwezi kwa gatandatu kw umwaka w 2015. Abo bazotera iteka Ubushikiranganji murongoye hamwe n Igihugu cacu. Bazoba ari ingemwe za mbere tuzoba dusohoye muvy umuziki. Ariko rero, naho bataraheza ivyigwa, turashobora kubikorako no kuva mu kwezi kwa mbere mu mwaka uza, kuko bamaze kwiga vyinshi cane.

    Icifuzo cacu kandi nuko Ubushikiranganji murongoye bwofasha mu gushigikira abaririmvyi benshi mu gihugu, mu kubafashisha uburyo, bakaza kuronswa inyigisho zo kubanagura muri INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, kugira bashobore gukora umuziki w igiciro uvuye mu bushakashatsi bwisunze AKARANGA K IGIHUGU CACU. Hari ibintu vyinshi abaririmvyi bo mu Burundi ba kino gihe badashobora gushikako kiretse babanje kwigishwa. Ivyo ni cane cane ibijanye na RECHERCHE EN VUE DE LA CREATION D’UN STYLE-RYTHME MUSICAL BURUNDAIS ORIGINAL. Ivyo ni vyo twakora muri Orchestre national kera, kandi na Orchestre Amabano yashinzwe n Iradiyo y Igihugu ihava na yo nyene itangura kubikora. Abaririmvyi ba kino gihe ntibashobora gukora birya twebwe na ba Canjo, na ba Nikiza david, na ba Ngabo Leonce na ba Kirundo Gerard, na ba Africanova n izindi mboneza mu muziki twakoze kera, BATABANJE KWICARA HASI NGO TUBIGISHE UKO TWAKORA, N UBUHINGA TWAKORESHA MU BUSHAKASHATSI TWAGIRA HAGATI MU GIHUGU.
    Muri ca gitabo nandika citwa DE L INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE, UNE HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE, naravuze ko ibi muhejeje gushikiriza bishoboka gukorwa. Ubu mbere, ko mutugiye imbere, turashobora no gufatanya tugakoranya umurwi mwiza munini w abaririmvyi n abacuraranzi batandukanye ku rwego rw Igihugu, tukabaha inyigisho zomara igihe gito mu buhinga nyabwo bwo kuririmba no gucuraranga bisunze amategeko y umuziki, tukanakoranya abanonosoye ururimi rwacu rw Ikirundi, bakadufasha kwandika amajambo meza y iteka ashingiye ku karanga k Uburundi, twoheza tugahingura mu ndirimbo nyinshi nziza nziza zoca ziririmbwa zigashikirizwa Abarundi muri bino bihe. Ivyo twarabikoze nkiri muri Orchestre National kera, kandi n ubu turabaremesheje tuti, Ni mutere imbere nk umuzinga turabashigikiye kandi turashobora kubafasha gutegura bene uwo murwi. Murakoze.
    Ni, Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE
    Umuyobozi wa INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
    Email : [email protected]
    Tél : 79 877 097 canke 77 758 123

  • Yes Adolphe Minister naragukundaga ukiba i kigali !urimo urwana ku karengane kawe n’aba athletes watozaga

  • nagirango nunge muvyo Musenyeri Baransanaikiye ashikirije.jewe nanje namwe nd umucuraranzi, mbere mu gihe ca Orchestre national yavuze aho haruguru, eka mbre nabo bacuraranzi bose yavuze twarakoranye, gushika nubu ndacagerageza.Ubu ndi Umukozi mpuzamakungu ariko nama ndota mbna Umuziki w’u Burundi ushika kure, kuko ureste Congo, aho dutanguriye gusohoka ,abarundi bamye baririmba neza bagatahana ikibaza gishimishije mu makungu.
    Tubwirizwa kuronka centre y’ubushakashatsi bw’umuziki w’ikirundi yoba iratiro ry’umuziki w’ikirundi.Aho niho abantu boja kuvoma ubumenyi b’wbatanguye kuririmba .Indirimbo zose z’ikirundi zibitse kuri za diske za kera canke za bande magnetiques zikabikwa mu buryo bwa none, zigashobora kuzumvishwa urwaruka rw’ubu , mbere runabishoboye rukazisubiramwo mu buhinga bwa none.Kuko texte -bita Lyrics zabo zari poesies, ikirundi kivuze neza gishika ku mutima. Umuzika uramba ni uwuja hagat y;ama generations yose, bose bakawiyumvamwo.
    Mbaye ngejej ngaha
    Benoit
    Unatied nations Juba/SSR
    Tel 00211923436795

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.