Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Afrika yaraye ibonye imfura y’indege ikorewe ku mugabane wayo
Afrika yaraye ibonye imfura y’indege ikorewe ku mugabane wayo
jeudi 14 Myandagaro 2014
Ikirere c’umugabane wa Afrika caraye kibonye indege ya mbere ihakorewe. Ubwoko bw’indege ya gisikare yakorewe mu gihugu ca Afrika y’Epfo yaraye igurutse. Izofasha kugenzura imbibe z’ico gihugu, gucungera umutekano wo hagati mu gihugu no mu mazi.

Afrika yaraye ibonye imfura y’indege yateguwe ikongera igakorerwa ku mugabane wayo. Mu gitondo c’uwo wa gatatu igenekerezo rya 13 Myandagaro igihe c’isaha imwe y’igitondo, indege yitwa AHRLAC (Advanced High performance Reconnaissance Light Aircraft ) canke (Avion Léger de Reconnaissance de Haute Performance) iteye bwa gihori yaragurutse iva ku kibuga c’indege c’i Wonderboom de Pretoria. Iyo ndege izofasha igikorwa c’igendereza, gucungera imbibe z’igihugu, no mu mazi. Babanje kuyipima imbere y’uko bayishirako ibirwanisho.
Indege AHRLAC yatanguye gukorwa kuva mu mwaka w’2011. Yakozwe n’abahiga badashika 60, kandi badashikana imyaka 32, bagabuwe mu mirwi nka Paramount, Aerosud, umurwi wa mbere ujejwe gukwirikirana ibijanye n’indege.

Nk’uko umurwi wa Paramount, umwe mubakoze iyo ndege ubivuga, izogurwa amafaranga y’amanya Buraya imiriyoni cumi (10millions d’euros). Isanzwe iriko ironderwa n’ibihugu vyo muri Afrika biriko biratera imbere canke amashirahamwe nka OTAN.
Cherif Nkeshimana
Messages
14 Myandagaro 2014, 18:26, par Arcados
Mbe imwe babahinga bo muburundi bakora bigezehe ko itaraguruka ngo ibanze ikubite amazuru hasi ikigera kuri 100m?hahhahahahahah Burundi bwanjeeee
14 Myandagaro 2014, 18:41, par Mama
Ubundibazako ubuheta izobaya ndege iriko irakorerwa Gitega? Ariko ndakeje igihugu ca South Africa. Mboneyeho nokubisabira ko natwe bodufasha tugashobora kugura nkiyondege yogucungera Tanganyika yacu Bujumbura Burundi.
14 Myandagaro 2014, 21:09, par Ntahombaye
Africa oyee.hasigaye imwe ikorerwa i Gitega iguruke.
15 Myandagaro 2014, 00:21, par BAZOGENDA BARAGWIRA
Natwe bitebe bitebuke tuzoyikora,!!
Mugabo hazoba ari igihe Uburundi buzoba bwitwa ubw’abarundi bose, atari ubwa rwa rudome rugira kane muri alufabeti.
15 Myandagaro 2014, 17:18, par nwari
ntaco baturushije ?ntanintambwe imwe??twebwe twateye ama avoka%dufise imbonerakure?% ntihagire uwutwigereranya???????!!!!!!!*******peieiueiuu
15 Myandagaro 2014, 21:33, par ruburi
Mbega baturusha iki mugihe dushobora kurementaniriza aboduhiganwa muri politike
18 Myandagaro 2014, 16:33
Natwe tubarushije gukunda inda