Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika yaraye ibonye imfura y’indege ikorewe ku mugabane wayo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Afrika yaraye ibonye imfura y’indege ikorewe ku mugabane wayo

Afrika yaraye ibonye imfura y’indege ikorewe ku mugabane wayo

jeudi 14 Myandagaro 2014

Ikirere c’umugabane wa Afrika caraye kibonye indege ya mbere ihakorewe. Ubwoko bw’indege ya gisikare yakorewe mu gihugu ca Afrika y’Epfo yaraye igurutse. Izofasha kugenzura imbibe z’ico gihugu, gucungera umutekano wo hagati mu gihugu no mu mazi.

Afrika yaraye ibonye imfura y’indege yateguwe ikongera igakorerwa ku mugabane wayo. Mu gitondo c’uwo wa gatatu igenekerezo rya 13 Myandagaro igihe c’isaha imwe y’igitondo, indege yitwa AHRLAC (Advanced High performance Reconnaissance Light Aircraft ) canke (Avion Léger de Reconnaissance de Haute Performance) iteye bwa gihori yaragurutse iva ku kibuga c’indege c’i Wonderboom de Pretoria. Iyo ndege izofasha igikorwa c’igendereza, gucungera imbibe z’igihugu, no mu mazi. Babanje kuyipima imbere y’uko bayishirako ibirwanisho.

Indege AHRLAC yatanguye gukorwa kuva mu mwaka w’2011. Yakozwe n’abahiga badashika 60, kandi badashikana imyaka 32, bagabuwe mu mirwi nka Paramount, Aerosud, umurwi wa mbere ujejwe gukwirikirana ibijanye n’indege.

Nk’uko umurwi wa Paramount, umwe mubakoze iyo ndege ubivuga, izogurwa amafaranga y’amanya Buraya imiriyoni cumi (10millions d’euros). Isanzwe iriko ironderwa n’ibihugu vyo muri Afrika biriko biratera imbere canke amashirahamwe nka OTAN.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.