Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alain Guillaume Bunyoni : Ibice 90 kw’ijana vy’ibirwanisho vyafashe vyavuye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Alain Guillaume Bunyoni : Ibice 90 kw’ijana vy’ibirwanisho vyafashe vyavuye (...)

Alain Guillaume Bunyoni : Ibice 90 kw’ijana vy’ibirwanisho vyafashe vyavuye mu Rwanda

jeudi 18 Ruhuhuma 2016, par egide

Reta y’Uburundi ibandanya kwagiriza igihugu c’Urwanda ko arico gitanga ibirwanisho bihungabanya umutekano mu Burundi. Umushikiranganji w’umutekano, Commissaire de Police Chef Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje abashingamateka ko ibice 90 kw’ijana vy’ibirwanisho vyafatiwe mu Burundi kuva hatanguye intureka, ari ibirwanisho vyavuye mu Rwanda.

Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, aho yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka kuri uwu wa kane, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yasiguye ko afise ivyemeza ko ivyo birwanisho vyafashwe vyavuye mu Rwanda, akaba yatanze akarorero k’ibirwanisho bigera ku majana abiri vyafatiwe mu gitero c’i Kabarore mu Kayanza, inkoho 69 zafatiwe mu Giteranyi mu ntara ya Muyinga, inkoho 30 n’amagerenade 58 vyafatiwe i Busoni mu Kirundo, hamwe n’inkoho zigera kuri 30 zafatiwe mu muduga w’umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu HCR. Nk’uko Alain Guillaume Bunyoni umushikiranganji w’umutekano w’Uburundi yabimenyesheje, inomero z’izo nkoho (numéros de série), zerekana ko zaje ziva mu Rwanda.

JPEG - 37.1 ko
Umushikiranganji w’umutekano, Commissaire de Police Chef Alain Guillaume BUNYONI

« Nta baporisi banyuruza abantu »

Ku kibazo c’abantu bafatwa n’igiporisi, ariko mu nyuma bakaburirwa irengero canke bagatorwa ibiziga, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yabwiye abashingamateka ko ari ububeshi ata bantu bicwa canke baburirwa irengero bari bafashwe n’abaporisi. Kubwa Alain Guillaume BUNYONI, abo bantu baba banyurujwe n’abagizi ba nabi biyambika impuzu z’igiporisi, kugira bateze urubwa urwo rwego.
Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, umushingamateka RWASA Agathon yamuhaye akarorero k’abantu bane azi bafashwe n’abaporisi haraheze ukwezi, ariko gushika n’ubu akaba atawurasubira kubakubita ijisho.

JPEG - 44.7 ko
Agathon RWASA, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka

Alain Guillaume BUNYONI yabibeshuje, avuga ko ari ibihuha bikwiragizwa n’abashaka guhungabanya inzego ziyobora Uburundi.
Nk’uko Alain Guillaume BUNYONI yabisiguye, amatohoza igiporisi cakoze yerekanye ko abanyuruza abantu mu Burundi aba ari abigira abajejwe umutekano, bakanyuruza abantu baba bashaka kwihora, canke bagafata abantu baba baronderako amafaranga.


IGIHE

Messages

  • IBISIGURO BWIKI KIGABO NUBUGORYI GUSA . nyakubahwa agathon aracyibajije cyibira ibyuya. puuuu

  • ahubwonimusenge.kandimusengekukonkikibazo,cantaryamiracarikubamuri2010amatorayaray’ahezeyumukuruwigihugutukitwarira.ugwandakukorwaduhekuye,kukomwabaretse.basohoye.ukuboko!

  • MBE IYI NKOTANYI YIYITA LILI KWIKUNDA KUDUSUZUGURIR ABATEGETSI BACU ABANTU NKAWEWE UWOKUZANA MUBURUNDI NKAGUFATA NOKWEREKA KO KIZIRA GUSUZUGURA INZEGO Z IGIHUGU CACU KUBERA JEWE MBA MURI KOMINE MUKAZA NOCA NDAKUNYWESHA NTAHANGWA KUBERA NTAHANGWA KUBERA WEWE URI KAMUJERI COKIMWE NA BA SINDUMUJA

  • sha nukuri aba bayobozi buburundi bakwiye kujyanwa indera kuko barasaze ibintu byose bashinja urwanda nibyubugoryi gusa uburundi bufise ikibazo gikomeye kuyoborwa nabantu bize ikigoroba gusa.

  • nukuri aba bayobozi buburundi bakwiye kujyanwa indera kuko barasaze ibintu byose bashinja urwanda nibyubugoryi gusa uburundi bufise ikibazo gikomeye kuyoborwa nabantu bize ikigoroba gusa.

  • Ayo marementanya yanyu nuko kutavuga ukuri bifise iherezo, "Hari uwanditse yiyita patiri Israel nimba ari umupatiri ambabarire nanje nubaha abakozi b’Imana,ariko impanuro ziwe zihengamiye cane kuvyo yemera muri politike,ndamwibarize wahanuye abandika ngo dushiremwo urupfasoni mbere hagera naho utukana uvuga yuko hari abantu ataco bibanga bandika kururu rubuga,ehe rero mugenzi nimba koko uri umupatiri urigengagenga ushikire nyabenda hamwe na ndabirabe na nyamitwe be nabunyoni bareke guta imitwe batuka urwanda n’indongozi zarwo kugera aho batuka nigihugu nk’ububirigi bwadufashije vyinshi ,urazi ico bita gutuka iminwe yakugaburiye, niwahanura abo bakakwumvira uzotege umuntu azosubira kwandika ivyo uvuga ko bikubabaza kuko natwe dutanga iciyumviro bivuye kunkuru iba yanditswe,ikindi sebarundi yari umwami we yagaba inka akagaba amatongo,ubu uwurongora ubu tumwita umukuru w’igihugu,ikindi nimba nkurumbi ari umuvyeyi wawe uzobivuge kugatwe kawe umuvyeyi nuwumenya ikikuraza kikakuramutsa,

  • Turasavye,abarongoye uru rubuga kudashira mungiro ivyiyumviro vya patiri israel bibosha kudashira kurubuga ivyiyumviro bitangwa nabadahayagiza ubutegetsi,ntavyiyumviro bitukana ndabona kururu rubuga ,kimwe hari ukudahuza kubatanga ivyiyumviro ivyo navyo n’ibisanzwe ,namwe muzi akazi mukora siwe abigisha akazi ,nibaza ko ataciyumviro mushira ku rubuga mutagisuzumye,n’ikimenyamenya nuko hari ivyiyumviro twandika ntimubishire kurubuga nuko muba mwabisuzumye mugasanga kaciyemwo twarenze akarimbi. Uwo yita umuvyeyi,aramubera umuvyeyi kugatwe kiwe ntamuvyeyi yofata bamwe mubana biwe akabica abandi akabangaza wokwita umuvyeyi aba ari umuyobe,umuvumo nawo ntamuvumo ubaho ungana no kwica abantu utaremye utazi niyo bava azogende amenyeshe abobavyeyi biwe ko atamuvumo ubaho woza uruta kumend amaraso ya bene wanyu

  • Ngo numero de series zerekana ko zavuye mu rwanda? ??? Bunyoni ni umuswa mu kubeshya kweri! ! Nonese u Rwanda rusigaye rukora imbunda?

  • abo bayozi babarundi mbona impamvu banga kagame nuko avugisha ukuri yabasabye kureka kwica inzirakarengane murabizi nezako ikirura iyo kigiye gufata umwana wintama ukakiwutesha gica cyadukira wowe niko bimeze kuri bariya bayobozi bifuza kumara abantu binzira karengane .icyo nasaba perezida kagame nuko ijwi rye ahorana iteka avugira abatishoboye hamwe ninzira karengane zipfa zizize ubusa atareka kuzitabariza nibazako abantu ubwacu nitutamushima kubyo adukorera imana yonyine izamushima .nibuka igihe isoko ryashyaga ibujumbura kagame yohereje indege iburundi zijya kurizimya nkurumbi yariho arebera uko rishya ntanakimwe yigeze akora ngo abashe kurizimya nkibuka abarundi bakomerekeye mumpanuka muri bus yajyaga ibugande indege yagiye kuzana abanyarwanda bari bakomretse yahise izana nabarundi kagame ntacyo atakoze ngo abane nabavandimwe bababurundi unomunsi barabashutse ngo umwanzi nikagame kugirango muhugire kubirego hanyuma nkurumbi abamarire kwicumu sawa nimutareba kure ngo mwiyamirize ushaka guteranya abavandimwe ingaruka ntawe zitazageraho.igihe ndabasabye igitekerezo mugitambutse

  • Ibi ni ibisiguro bidafise ico vyofasha abarundi. Mu Rwanda nta nkoho zishaje kuriya bagira. nta numwanya bafise wo kurungika abantu bo kuja kurwana mu Burundi. Bunyoni ni umuswa mubi!

  • mbega abategetsi babarundi mwataye umutwe kabisa izo mpoho muvuga birazwi neza ko igihugu cyaguze imbunda ziba zifite ibiziranga aho zaguzwe n’igihugu cyaziguze icyaricyo none ayo marementanya yanyu yo guhenda abarundi kugirango bange abanyarwanda ibyanyu barabitahuye nimba izo mbunda zaravuye mu rwanda ngaho muzane abahinga ba UN BABIGARAGAZE ko zavuye mu rwanda mureke guta umutwe turabiyamirije mureke ubujinga bwanyu muhame hamwe mwabicanyi mwe.

  • URAGOWE WANTU URIKO URASESA AMARASO NAWEWE UBIFISEMWO URUHARA NDAKUBWIRA KO IMANA ITAZOKWIHANGAWANIRA ABAKORA IVYO!!! NAMWE MURIKUNZEGO HANA UWOMUNTU WESE VYAKARORERO AFATANYE IKIGWANISHO ATABIFI YE URUHUSHA HAMWE NUWO AZANA IVYITERABWOBA MUGIHUGU.

  • Turabazi mwebwe murabicanyi ntakandi kazi kanyu Atari ukwicana mwebwe muzira umuntu ababwiza ukuri nubu hogira ibindi bihugu bibatera ivyatsi kurayo marorerw muriko murakora mwocamuvugako babatera nkuko mwirirwa muratuka ububiligi Samantha power ubufarasa nabandi twarose ikibatuzanamwo ntituzoronka ikibadukuramwo mwamashetani mwe

  • ego nyakubahwa abobagupinga nabo nibihweba vya petero buyoya kagame louis michel nakarwi kabo arikondababwire mumeny neza yuko umugambwe cndd-fdd nareta iwukomokako kodukomey tutajugumizwa nivyobibwa vyimisega vyinyakumeneka ninkiryoshano ryubusaya kagame karekuza ubugufa umengo nimbwa zagakonkoroye imbavu nazo umenga nakameme kimbwa yumusega yabazwe ikintu karondera kuburundi kazokibona bitebe bitebuke.

  • @Indayi LiLi. Ibyo bigambo bitameshe utuka abategetsi b’abarundi urumva utari umupfayongo w’igikwangari!!! Uwakubyaye yaruhiye ubusa byari kurutwa no gutera igihwereye..amaraso y’abaturage b’abarundi mumena wowe na so wanyu w’inkoramaraso Kagame umunsi umwe muzabibazwa.

  • Wiwo ngo Ni Ruhinda ubwose umurushije iki ko wowe utukanye kumurusha? Ntandero ugira habe namba. Erega ibyobyose Nkurunziza arikumara abantu bizagaragara nubwo arikujijisha amahanga

  • Burya murakenyeye musasire ikinyoma kandi mwigira abasenzi!Mbega aho mwakabereye murabona umuntu yimena igihute?Ko tuzi neza ko hari abicwa,abapfungwa bene bo ntibakurikire kuraba,bagenda ntibamenye iyo babajanye kumbe bamaze gusezera isi Bunyoni k’uko ari umunyoni yamaze abantu abica ariko avuga ko ari abasuma babica barondera amahera!Bunyoni we,urwo rutwara abandi rurakuraririye nturye ngo unywe ngo ndatsinze rurayi!Wobesha woreka ico nzi co ni uko ejo nawe ushobora kugenda isi yo ni inzira turenganako!Nubikore bizogukora mwe na saruhara rwa nkomokomo ngo ni Nkurunziza nawe ari Nkurumbi!

  • Bunyoni ni bunyoni kweli nta bumuntu burimo na Gato.mureke kwica abarundi

  • Hasigaye ko bavuga ko n’abasirikare babo birukanywe muri mission ya UN ari uRwanda rwabirukanishije. Mbega Oiseau (bunyoni), numeros uvuga bazanditse mu ma cahiers ya douanes kuri FRONTIERE? Sinovuga ngo uratubesha ahubwo ivyo uvuga uribesha gose. N’ukuri Lili avugishije ukuri ibisiguro vyawe bunyoni, ni ubugoryi(QI) ya bunyoni iri EQUIVALENT n’iy’umwana muto wo muri primaire yatoye inyoni.

  • izo nkoho bunyombya bunyoni avuga nizo FDRL yazanye kuko yazihunganye imaze gukora Genocide mu RWANDA . umunsi iyi Nyoni yafashwe izapfurwa amababa nkuko yirirwa igurukana abantu ijya kwica ikoresheje impumirakure ngo nimbonerakure n’ interahamwe yacumikiye ngo ziyifashe kunywa amaraso nkuko zabikoze mu RWANDA .

  • Biratangaje Ho Umushikirangaji Wa Police Ushoborakuvuga Ko Ntabenegihugu Bafatwa Na Police Maze Bakabura Irengero Ryabo Nareke Kubesha Nsangwa Ntawiwe Arahaburire Ntibizohora Uko Nabandi Baratwaye Barahava Mbese Nabo Bobabarimurabo Bakorerwa Nabi Buraca Bugacana Yandi.

  • U Burundi buri gushotora u Rwanda bufite Objectif yuko bugize Imana u Rwanda rugakora reactiion nimwe byaba bibaye igisubizo cyo kuyobya abanyamahanga bakurikirana ibibera Burundi. Amahirwe u Rwanda rwabibonye rugikubita mukore ibyo mushaka ,mutukane uko mushaka ntamusaruromuteze kuvanamo uretse guta umwanya wanyu mushatse mwarekeraho gukurura inzangano kuko twese turi bamwe.uretse inda zabanye politike bashuka abanyagihugu bakagendera mukigare. Naho uwo mugabo Bunyoni we mumureke kuko ibyavuga azi neza ko ataribyo kuko imbunda cyangwa. inkoho zo murwanda zari zishaje zose zaratwitswe .ikindi avuga ngo 90 ku ijana ko atavuga aho izindi 10 ku ijana ziva. Banyagihugu nabagira Inama yo gukora aho kwirirwa mumabarabara muhembera urwango namacakubiri mugendera mukigare cyabayobozi bashaka kuyobya uburari. Thx

  • Ico Nobivugako Nuko Urwanda Rwipanze Neza ,uburundi Bushaka Bwotuza,kuko Ibikoresho Sibyo Dutira

  • franchement le gouvernement burundais fait pitié!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.