IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Amb Ndabarushimana yagirije RPA ko ikora nka "Milles Collines": (...)

Amb Ndabarushimana yagirije RPA ko ikora nka "Milles Collines": Video

mercredi 29 Ndamukiza 2015

Dieudonné Ndabarushimana aserukira Uburundi mu gihugu c’Ubufaransa avuga ko ibiriko biba mu Burundi, vyateguwe kuva mu mwaka w’i 2010, ndetse akavuga ko ashigikiye iyugarwa rya RPA, aho ayagiriza ko ikora nk’iradiyo yo mu Rwanda "Milles Collines".

Mu kiganiro caciye ku mboneshakure yo mu Bufaransa "FRANCE 24", aho Dieudonné Ndabarushimana na Gratien Rukindikiza(Icegera c’ishirahamwe ry’Abarundi baba mu Bufaransa) bari abatumire, uwuserukira igihugu c’Uburundi mu Bufaransa Dieudonne Ndabarushimana, yavuze ko imyiyerekano iriko iba mu Burundi yateguwe kuva mu mwaka w’i 2010, igihe imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yava mu matora. Avuga ko bavuye mu matora kubera babonye batoyatsinda, hanyuma bagira ADC IKIBIRI kugira barondere kugabura ubutegetsi, avuga ko n’ubu bariko barondera ko bogabura ubutegetsi, kubera gutinya amatora. Yagiriza kandi abatavuga rumwe n’ubutegetsi ko aribo batera umutekano muke, ko kandi biyeregereza amakungu bayiyezako kugira bikunde bashike ku butegetsi.

Ku bwa Gratien Rukindikiza, amenyesha ko abanyagihugu bari mu myiyerekano kubera agashavu, kubera gutwarwa nabi, abicwa bunyamaswa, ihonyangwa ry’ibwirizwa nshingiro. Avuga kandi ko adatahura Reta, itegura urwaruka rw’imbonerakure nk’abarwanyi (milices) ko kandi bafise imigambi yo guhonya abantu, bafashijwe n’urwo rwaruka Imbonerakure. Muri ico kiganiro camaze akanya katari gato, bikaboneka ko, uwuserukira igihugu c’Uburundi mu Bufaransa, yari yamaze gushavura, aho atakundira Gratien Rukindikiza ko aheza ijambo.

Uwuserukira Uburundi mu Bufaransa avuga ko yanezerejwe n’iyugarwa rya RPA, avuga ko RPA yugawe kubera iriko ikora nka radiyo "Milles Collines" yo mu Rwanda, mu kubiba urwanko mu bantu, avuga kandi ko Uburundi buri mu bihugu vyo mu karere vyubahiriza ubwingenge bwo kumenyesha amakuru. Naho uwo amenyesha ko Uburundi bwubahiriza ubwo bwigenge, tukabamenyesha ko abamenyeshamakuru bo, babandanya gukubagurwa, tutibagiye n’iyugarwa ry’ikigo c’abamenyeshamakuru eka n’iradiyo RPA.

Kurikirana aha munsi ikiganiro cose, vyumvikana kandi biboneka ko carimwo agashavu.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • ndatangaye cane uwanditse iyi nkuru avuga ko ambassadeur yaguma yaka ijambo rukindikza!!yemwe murerekana aho muhengamiye pe!!!muri barya ninde yavuze cane?rukindikza yarabuze ivyo avuga nivyo arementanya!ahubwo rpa bari baratevye kuyugara!!ububeshi bwayo burarenze!mbe ko mutavuga ko nkundabashaka olivier bamubesheye?nizindi radio privé zari zikwiye kwisubirako!!yaco mutinya amatora,nimuje kurubuga tubabone!

  • mbe ndakubaze gutinya amatora n ukuja mw ibarabara guharanira agateka kawe? cank nugutinya guhiganwa n abandi ukabima urubuga rwa politique. mwe mwita ngo mwahora mudutwara mwize he? bamubanza mw iyumvire imbere yo kuvuga.

  • kuvyukuri dukwiye kuja hamwe tugatora inyishu yibibibazo tubifashijemwo numukuru wigihugu cacu peter.

  • Nk Uwuca Agafaranga Yategerezwa Kuvug Uko Nyene

  • Ubunubwonopfa nopfantekaye kubera iki radio ARP ndakiruhutse ariko bizodutwara umwanya nunini kugira twongere twubake ivyocononye, urevye abahungiye mu Rwanda ukuntu babateze micro bakavumagura prezida wu Burundi bongerabavuga ngontibomutora urabonako arp yamaze guhumanya abataribake. Nakonumvise ngwabarundi baba mubihuguvyohanze ngobagomba gucangira akayabu kamahera ngokugira basabire ARP ngwijegukorera mubuhunguro mu Rwanda!

  • Mwabantu mutagira imitima muvuga ibisunitswe n’umuyaga mukavuga ivyo gukindaga abantu nimube muziba hako muvuga ibitagira mvura.rpa ikintu ivuga c’ikinyoma nigiki?muyiziza ukuri kwayo kandi uwutanga ukuri ntaho yigire akundwa yama ari umwansi ku bakunda ibinyoma.mbe mushakako twumviriza iradiyo yanyo rma fm,murahumba ntayo tuzopfa twumvirije,irya izotembana na shebuja peter nkurunziza.kandi nubu atavuyeko tuzobandanya igikorwa twiyemeje gushika twese batwishe.bamenyereye kunwa amaraso ariko ayinzira karengane ziriko zipfa azobahumira.

  • TWESE ABARUNDI TURASHIGIKIYE IYUGARWA RYA RPAKUKO IRATERANYA KANDI IRAKOKEZA INDWANO.KANDI ABAMENYESHAMAKURU BAYO BAKORERA KU MACAKUBIRI.

    MBEGA BURYA KUVYEEKEYE IYO MIGUMUKO BABONYE TWINUMIYE TWEBWE ABANYAGIHUGU BATARI BAKE BIBAZA KO IVYO BARIKO BARAGIRA TUTOBIKORA KANDI TUGANAGATAKO TUKABIBABUZA.
    "AKATARETSE KABA GASEMA"

  • ahubwo uyo mu ambassadeur arabesha cane kuko ivyo rpa ivuga twe tubibamwo turabona ko arivyo.ak:umumenyeshamakuru avuze ati nguyu umupolisi arishe umuntu aho ni kumusaga,amubona nabantu bakoranye,kubwiwe yoca avuga ko amuhaye icanwa?kugara rpa abarundi tubona ko ari ukugira batugandagure kamwe kamwe atakitubika.mwibuke ko kuwimana mwijoro bishe abantu babiri kumutakura babujije amaradio kuvuga ibiba ikibiriraho ckumva biravuzwe mwiryo joro nyene ababisha batarahava abamenyeshamakururu bagahakwa kwicwa.ubu naho havugwa aba fdlr ninterahamwe zazanywe na cndd fdd.ahubwo amakungu ahaguruke tutararwa mukaga nibiba vyo turokoke atarivyo azoba yakinze,gukingira biraruta kuvura.

  • soit umutima wuwo mu ambassadeur uriko uramubwira ko arko arabesha, soit aserukira ikindi gihugu kitari uburundi kuko ndumva ivyuburundi ntavyo azi, arko j’opte pour la 1ere alternative kuko arazi ko leta arimwo, n’abatumire baguma batumirwa kuri radio rema fm baguma bemeza ko izi manifestations arizubwoko bumwe kandi abazirimwo bo mubwoko bwos badasiba kubiyamiriza kuko bo bazi aho amacakubiri yagejeje abarundi ivyo bikabatera kwiyamiriza umunt uwariwe wes, niyo yoba umukuru wigihugu, yoza guhonyanga amasezerano yatumye bongera kubana amoko yos ( kurya yose arikumw mwibarabara) mumahoro ayo nayo ni accords d arusha. Ivyo babirengako babizi mukuvyitirira amoko kumpamvu bodusiguriqa bo nyene. Iyari guhanwa nibaza ko itari kuba RPA yama ivuga amabi akorerwa abarundi nabanyamahanga(ababikira babataliayano,..) arko ntihagr igikorwa, ahubwo harikwugarwa rema. Arko siyo yugaw ubu rero niyo iriko ikwiragiza iyo poison hagati mugihugu aho atawucumva izindi radio urts rtnb na rema. Nareke ako kagaye rero. Mkombozi ati muzotubuza kubivuga ntimuzotubuza kubibona.. Nagahwane!!

  • 1)KUBWANJE NTABWO NSHIGIKIYE AMA VIOLATIONS AMWAMWE MUGABO KANDI NTABWO NSHIGIKIYE ABAGUMURA ABANYAGIHUGU (SURTOUT LES JEUNES KANDI BIRABABAJE!)NGOBAJE MWIBARABARA KUGIRA BAKURE UMUKURU W’IGIHUGU!!!

    2)IMANA IRAKUNDA IGIHUGU C’UBURUNDI IYOHATABA IYUGARWA RWAMARADIO AMWAMWE NINGINGO ZIMWE ZIMWE ZAGIYE ZIRAFATWA IBARA RIBA RYARAGUYE IRYA NGINGO TWARAYIKENGURUTSE CANE GOSE.ABANTU BARAJANGAHO BAGAFATA AMA IMAGE YUMUNTU YAPFIRIYE NKA SOUTH AFRICA BAGACA BARUNGIKA KUMA WATS’APP
    NGONUWABA POLISI BISHE NIHATARI!
    3)NDABAHANURA BATEKEREZE BAJE HAMWE UWOMU PRESIDA BADASHAKA KOYITOZA BAZE BAREKE KUMUTORA BAHEZE BAMUTSINDE ABANYAMIGAMBWE,ABIGENGA N’AMAKUNGU BAZE BAKURIKIRANE AMATORA KANDI NDIZERA NIBABIKORA AZOGENDA NEZA CANE GOSE GUSUMBA N’AYANDI.
    NDANGIJE NDABAHANURA BAREKE KUDUKORESHA TWEBWE BURUNDI BWEJO AHUBWO BADUFASHE MUKUBWUBAKA NOKWUBAHA ABATURONGORA.MURAKOZE

  • neza na neza kugashavu aguma adutera uyo muja wa nkurunziza tuzoturira ivyiw vyose atangare niho azobona ko ari ishavu ryabanyagihugu kandi ameny ko twebw dukora ivyo dushaka atamuntu numwe adutuma reri ibizokinonekara vyo ni kugatw ka nkurumbi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.