Accueil > Amakuru > umutekano > Avuye i Kongo yasanze umuryango wiwe mw’ibohero
Avuye i Kongo yasanze umuryango wiwe mw’ibohero
jeudi 6 Munyonyo 2014
Umuryango wa Edouard Nsabimana uratewe amakenga n’ingene igiporisi cihutiye kumupfunga, imbere yo kumuremesha, inyuma yaho anyururijwe n’abantu bitwaje ibirwanisho.
Bamwe mu muryango wiwe bakaba babariye ikinyamakuru IGIHE ko Edouard Nsabimana n’abandi mu ncuti ziwe bapfunzwe, bakaba boba bariko baragirwako amatohoza n’igiporisi i Bubanza, inyuma y’aho bafatiwe, bagaca bajanwa n’inkozi z’ikibi zitashoboye kumenyekana mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Mu muryango wa Edouard Nsabimana bavuga ko bari batanguye kurondera amafaranga yo kurekuza uwabo, ariko mu nyuma barabihagarika kuko bumvise ko vyari bitanguye kubonwa nabi mu bajejwe intwaro.

Edouard Nsabimana n’abo bari kumwe bakaba bamaze iminsi bagenda muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bikoreye ivyari vyibwe n’abo bagizi ba nabi, ariko akemeza kandi ko ata muntu babonye, kuko baciye babohwa igitambara mu maso. Bavuga ko bagarutse bava i Kongo n’amaguru, abo bagizi ba nabi nyene bakaba aribo babagarukanye babashikana ku Rusizi.
Mu giporisi bakaba bahumuriza uwo muryango ,kuko hariko haraba amatohoza kuri abo bamufashe bakamunyuruza gushika i Kongo. Ariko mu muryango wa Edouard Nsabimana bo bakavuga ko batumva uko umuryango wose woherera mu munyororo ku bw’amatohoza.
Aristide Nizigire