IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Babiri baguye mu ntambara hagati y’abajejwe umutekano n’umurwi (...)

Babiri baguye mu ntambara hagati y’abajejwe umutekano n’umurwi utaramenyekana

lundi 25 Nzero 2016

Abarwanyi babiri b’umugwi utaramenyekana, baraye biciwe mu ntambara hagati yabo n’abajejwe umutekano,mu Komine ya Mugamba iri mu ntara ya Bururi.

Amakuru amenyeshwa na musitanteri wa Komine Mugamba Anicet Niyonzima,amenyesha ko iyo ntambara yatanguye isaha 9 n’igice z’ijoro ryo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 24 Nzero 2016, ihera imbere y’isaha zitandatu zo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 25 Nzero 2016.

Musitanteri wa Komine Mugamba, Anicet Niyonzima ,avuga ko abajejwe umutekano baronse amakuru ko hari umugwi witwaje ibirwanisho winyegeje mw’ishamba, baca baja kuraba, ari na ho bakozanyako.

Musitanteri wa komine Mugamba yavuze ko uretse abitavye Imana,abajejwe umutekano bafashe kandi ibifungurwa vyabo, n’ivyo bakoresha mu guteka.

Komine Mugamba n’imwe mu makomine yabereyemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hagati mu gihugu.

Hagati aho , nta gihe kirekire cari giheze umigwi FOREBU na RED Tabara,imenyesheje ko igiye kurwanya Reta ikoresheje ibirwanisho


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.