Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bafashwe bagirizwa kuzura umwana bagaca bamurya
Bafashwe bagirizwa kuzura umwana bagaca bamurya
mardi 15 Ndamukiza 2014
Abahangu babiri bavukana bahagaritswe n’abajejwe umutekano bo mu gihugu ca Pakistani bagirizwa kurya umwana. Umutwe w’uwo mwana warusigaye bawutoye mu kazu abo bahungu babamwo. Si ubwa mbere rero bariye umuntu bakuye mw’itongo ry’abapfuye.

Mu gihugu ca Pakistani ahitwa Darya Khan mu karere ka Penjab, abajejwe umutekano bahagiritse imisore ibiri ivukana bagirizwa kuba bariye umwana. Uko gufatwa kwa Mohammed Arif na Farman Ali, vyatumwe n’umunuko ababanyi babo bumva mu kazu abavyeyi n’umuryango wabatayemwo, ari nakwo gutangura kurya abantu.
Armeer Abdullah arongoye ikirindiro c’ahitwa Bhakkar muri ako karere, amaze gufata abo bahungu, Mohammed Arif yavuzeko mwenenyina Farman Ali yagiye mw’itongo rw’abapfuye azura umwana bari bahejeje guhamba, aramuteka maze baramurya bamusangira, hari hasigaye kumarira uwo mutwe.
Nk’uko uwo ajejwe umutekano yabivuze, Mohammed Arif na Farman Ali si ubwa mbere bagirizwa kurya abantu, kuko baheruka kuva mu munyororo aho bagirizwa kuzura umukobwa bagafatwa maze kumurya itako ryose. Abantu bavyumvise barumirwa.
Nk’uko ata tegeko rihana icaha co kurya abantu riratorwa muri Pakistani eka no mu bihugu vyinshi vyo kw’isi kuko ata bantu barya abandi bari bwaboneka, ngo bagiye kwiga ikibazo c’abo basore, bongere babasuzume ko boba badafise n’indwara zo mu mutwe.
Chérif Nkeshimana
Messages
15 Ndamukiza 2014, 18:38, par Japé
Mana tabara isi kuko irageramiwe cane.
15 Ndamukiza 2014, 18:38, par Japé
Mana tabara isi kuko irageramiwe cane.