Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bamubwiye ko amaze imyaka 10 mu bitaro vy’indembe kubera urukanywa
Bamubwiye ko amaze imyaka 10 mu bitaro vy’indembe kubera urukanywa
mardi 14 Nzero 2014
Hari abantu bakunda inzoga birenze, bakanywa ntibigerere gushika n’aho batakaza ubwenge ntibamenye n’iyo bari. Uwu mugabo vy’ama vyamushikiye, umwana wiwe w’umukobwa yigira inama y’ukuntu yogarurira akenge se wiwe, kugira arabe ko yogabanya canke agaheba urukanywa.

Tom Mabe, ni umugabo wo mu gihugu ca Amerika, akazi kiwe ni umudereva w’ikimodoka kinini Poids Lourds. Tom Mabe yariguze urukanywa, arasoma icupa agakutsa aruko rimutwaye ubwenge. Umwana wiwe w’umukobwa yarabiravye bimutera ikibazo maze, aja imana n’abandi bana ukuntu bomwereka amakosa agira asubiye kunywa agatakaza ubwenge.
Ntivyatevye ng’uwo Tom Mabe bamutoye mu muduga zamutwaye ubwenge, baca baramuterura bamutwara mu cumba bateguye nk’ibitaro, eka ivyariyo vyose vyerekana ko ari kwa muganga. Tom Mabe zimivuyeko, yabonye umuganga, uwo aca amubwira ko agiye kumuhamagarira umuganga mukuru «Docteur».
Asohotse, Tom yibwira ko arwaye, ariko yihindukije akumva umengo arakomeye, amaguru akumva ata ngorane ariko akabona ivyuma vyinshi hejuru yiwe. Haheze umwanya, muganga mukuru arinjira, aca abwira ya mborerwa Tom ko yaje kwa muganga kubera isanganya yagize mu mwaka w’2013 kubera akaborerwe, ko rero amaze imyaka 10 ari mu bitaro, ko ubu ari mu mwaka w’2023. Tom arabara cane yibuka umukobwa wiwe, yibuka umuryango wiwe eka aca araremba.

Wa muganga aca amubwira ko bishitse agatora ubwenge, ko yoba arasamara ku mboneshakure. Iyo mboneshakure yerekana «Video» bafashe aho bavuga amakuru y’abantu bagize ingorane kubera akaborerwe. Haheze umwanya hinjira umugenzi wiwe nk’uwuje kumusuhuza, ashika amubwira ko igihe yagira isanganya umwana wiwe yari afise imyaka 2 ubu afise imyaka 12, ko kandi vyose vyatumwe n’akaborerwe gateye ubwoba. Uwo mugenzi wiwe niko kumwegera aca amukubita amakofe adaharurwa kubera ishavu.
Tom amaze kumenya ko atari umugenzi wiwe ko kandi ari amanyanga bamugiriye, n’ishavu n’akantu avunduruka muri ca cumba n’ibimaramare vyinshi avuga ko agiye kwica umugenzi wiwe. Tom Mabe ntituramenya ko hari icirwa vyamuhaye kuko ivyabaye vyose umwana wiwe arabifise ku masanamu ngira azohora abimwibutsa.
Mwirabire ivyashikiye Tom Mabe
Cherif Nkeshimana
Messages
16 Nzero 2014, 05:38
Udukuru twanyu ni twiza kuri journal nshasha.Mais il faut citer les sources nko kuri iyo nkuru yoyo mborerwa.Mu kavuga abayitanze ubwambere!
16 Nzero 2014, 05:38
Udukuru twanyu ni twiza kuri journal nshasha.Mais il faut citer les sources nko kuri iyo nkuru yoyo mborerwa.Mu kavuga abayitanze ubwambere!
17 Nzero 2014, 15:32, par Nsengiyumva Dieudonne
Turetse ko yagwaye nokunywa inzonga n icaha,nohanura abashoboye kubisoma banywa inzonga ndabasaba kuziheba na ukeneye kumana na mpwemu yera muvya mbere ukwiye guheba nivyo.murakoze!
27 Nzero 2014, 11:06, par HAKIZIMANA Jean Marie
Inzoga nyishi sinziza ariko nazo zirakenewe