IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bamwe mu bagumyabanga ba CNDD FDD bemeza ko igihugu kigeze ahatemba

Bamwe mu bagumyabanga ba CNDD FDD bemeza ko igihugu kigeze ahatemba

mercredi 8 Ndamukiza 2015

Bamwe mu bagumyabanga b’umugambwe CNDD FDD barabandanya kwerekana amakenga y’umutekano muke uri mu gihugu, mu gihe hasigaye igihe gito kugira amatora y’inzego zitandukanye atangure.

Nsengiyumva Minani Felicien yaririmvye ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD

Nsengiyumva Minani Felicien asanzwe ariwe yaririmvye ururirimbo ruhayagiza umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, agaruka ku mabombe 30 yatowe mu Gakungwe, mu ntara ya Bujumbura Rural, ivyo birwanisho bikaba vyatowe mw’isakwa ryagizwe n’igiporisi. Kubwa Nsengiyumva Minani Felicien, igihugu kigeze ahatemba, aho asaba abarundi kwubaka igihugu muri kazoza, kirimwo amahoro atari intambara. Abandanya amenyesha ko mu gihe hegereje amatora, ubwoba mu bantu buguma burwira, mu gihe abarundi bahahamuwe n’indwano zabaye mu gihugu, imyaka itari mike, zigahekura abarundi n’Uburundi. Amenyesha ko bamwe mu barundi batagira imitima, bashaka gusubiza igihugu mu ndyane, agasaba abarundi kutabaha ugutwi.

Uwo asanzwe yararirimvye urwo ruririmbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD asanzwe nawe ari mu baterekwa ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza agira ati : ’’Barundi benewacu, inyuma y’ubwoba mufise ndetse n’ibimaze iminsi bihungabanya igihugu, na cane cane abanyeporitike muri rusangi, n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, ntibiduce intege, duhave dusanga twataye iguhugu mu kaga, duhungabanye umutekano n’amahoro twashiseko turushe’’

Onesime Nduwimana yahora ari umuvugizi w'umugambwe CNDD FDD

Nsengiyumva Minani Felicien basanzwe batazira Maréchal Femi De J’Abat, akaba avuze ivyo, inyuma y’aho imwe mu miryango y’abarundi bo mu ntara z’Uburaruko ihungira mu gihugu c’Urwanda, batinya umutekano muke wabo, aho bagiriza Imbonerakure za CNDD FDD ko arizo ziza kw’isonga mu kuwuhungabanya, eka na bamwe mu bihangange vy’umugambwe CNDD FDD bavuga ko bariko bagirwako iterabwoba ry’ukwicwa, inyuma y’aho bamenyeshereje ko badashigikiye ko Petero Nkurunziza yokwitoza ubwa gatatu. Bamwe muri abo, bakaba baranakuwe no mu buzi bahora bakoramwo; abandi birukanwa mu mugambwe CNDD FDD. Aha tukavuga nka Leonidas Hatungimana yahora ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Onesime Nduwimana yahora avugira CNDD FDD, na bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka birukanywe mu mugambwe, kuko bamenyeshereje aho bahagaze kuri ico kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

JPEG - 43.2 ko
zimwe mu mpunzi zahungiye mu Rwanda

Aristide Nizigire

Messages

  • UWO MINANI AMAZE IKI MUMUGAMBWE.NI BAREKE KUVUGA IVYO BASHAKA IGIHUGU KIRATEKANYE UWO NAWE YATEGUYE URWO RURIMBO ASHAKA IKI?REKA BAZOMUHE IYINDI COMMANDE ATEGURE URUNDI KO YUMVA AGEZWEHO TWUMVE IRYO AGONA.
    ARIKO IGIHUGU NTIGITWAGWA KU MA SENTIMENTS.
    MBEGA ICO KIRINGO NICO GIFISE IBIBAZO NON KO ABANYAGIHUGU DATA WANEJ BATAGISHAKA NTIBOREKA AKITOZA NYAKUBAHWA NKURUNZIZA TUKAZOREKA KUMUTORA HANYUMA ABONE KO TWAMUHIMVYE!
    REKA UBWO BU JINGA MWABAGABO MWE MWIGIRA NGO MUKUNDA IGIHUGU GUSUMBA NABANDI.

  • AMAKENGA NTIYOBURA IMYAKA.CUMI YATWAYE ITANU.YAMBERE NTANGORANE ARIKO IMYAKA ITANU YAKABIRI SISAWA.RABA.NAMWE

  • abonibo bagomba gutwrintambira mbeguwo femi we nuwahe ngoyararirimvye kuririmba nukuvugiku?batamuhevye natwararya aramukwiye

  • Mbee nduwima aho wunva ukwije mumutwe wewe uvuga ngo igihugu ngo kiratekanye banza usubire kwishure hanyuma ubone gusubira kuja kumurongo ugire ico uterera

  • Mbee nduwima aho wunva ukwije mumutwe wewe uvuga ngo igihugu ngo kiratekanye banza usubire kwishure hanyuma ubone gusubira kuja kumurongo ugire ico uterera

  • n’ugusengera igihugu cacu kuko kigeze ahatemba n’ugusaba abasenzi basengere igihugu cacu

  • Mbega mu gisagara nta mbonerakure ziriyo,ba pacifique na ba vitali ko badahunga,ariko abo usanga batunze za bombes mu mazu,!!

  • Abo bavuga uko si abagumyabanga ni abamenabanga kuko ntagihugu kigeze ahatemba ahubwo ni abavyipfuza ariko Imana irakibona ntaho kija. Uwo femi nawe niwe mubona ko abibona ico ni iciyumviro ciwe abona imberere yiwe nareke ababona mbali. Nabandanye umwuga wiwe kuko abaririmvyi ni nka ba Malaya baja iyo babona hoba hari ico bazokurayo ntamusimamo bafise.

  • Emwe kigeza ahatemba pe!!!Ariko none nkaho Président ntiyovuga ijambo nimba koko ariwe arongoye Uburundi!! emwe intwaro zo mw’ishamba nimbi basi!!bahora bavug’izigisirikare?? oyaaa !!!

  • nibaduhe amahoro bareke gutanga ibirwanisho mu mbonera kure .mbega mwamboneraloin aho babahenda bo ntiborasa abanyepolitike bagenzi babo .ko nama numva nyabenda avugana nabo yita abakeba bicaranye atarimwe aratwara inkoho ngo abarase .ariko arabahenda kugira agume kubutegetsi ariko ntac6 azobamarira muri iyi myaka cumi yabahaye ilki? zirya nzu yubatse muvyo yivye azobaha? mwiyamirize atarabakwegera benewacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.