IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bamwe mu bari mu murwi urwanya Reta bishikanye

Bamwe mu bari mu murwi urwanya Reta bishikanye

jeudi 16 Mukakaro 2015

Bamwe mu bahora bagendanira General Majoror Godefroid Niyombare na Ponsiyano Gaciyubwenge bishikanye, aho bavuga ko bari mu murwi urwana.

Caporal Nangame Déo matricule 67180 wo mw’ikambi ya Ngagara, yahora ari mu bacunze ubuzima bwa Gén Major Pontien Gaciyubwenge na Caporal Chef Nicimana Emmanuel matricule 66384 wo mw’ikambi ya Ngagara nawe yahora ari mu bacungera ubuzima Gén Major Godefroid Niyombare bishikanye, bivugwa ko bazanye n’inkoho zitanu hamwe n’ibindi bikoresho vy’ukurwana. Abo bavuga ko bahora bariko bararwana bakaba bapfungiwe mu gasho ko muri komine ya Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke, aho boba bari kumwe n’abandi benshi bafashwe n’abandi bishikanye.

Abo bafashwe canke bishikanye, hakaba hari n’abandi kandi batari bake, bagikwiragiye mu micungararo y’intara zitandukanye, aho bivugwa ko biteguriye kubuza Petero Nkurunziza asubira kwitoza ubugira gatatu. Muri Reta bavuga ko abo batazobaterana intambwe. Willy Nyamitwe ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukiyru w’igihugu, avuga ko abo bashaka babigerageje kuva kera ariko vyabananiye, ko n’ubu batazoshika ku vyo bipfuza.


IGIHE

Messages

  • TWE TWISHAKIRA AMAHORO GUSA.NTAKINDI.

  • Abobishikanye biraheze bazobaho uriko uwutishikanye buraca aritwa nyakwigendera ndasubiye kubibabwira kuko iconazejubona abasirikare Buburundi urinze wabicira umusirikkarenumwegusa bacabashirira mpaka, mwibuke Cibitoke babiciye umusirikare ukuntubaciye bahanagura, mwongeremwibuke mumisiheze abasirikare batandatu baconerekeye Kayanza ndabwire abasirikare ivyovaraye bahakoreye sinzipfandavyibagiwe! Umvabarabwiye abenegihugungo nimwigireyo mugende maganahariya kuri provensi ngohatuhikuntu tugombatwikorere ntababwire hahahaha nagiyenabona!!!

  • Iyon,imitwe nyene yapolitique bananiwe abandi ntibazonanirwa ivyisi nukwitonda kandi bakavuga nguwitonze amira ibinoze

  • Jew ndatangazwa cane n’umuntu avuga ko hari abantu bishikany,ivyo n’ibihuha vyambay ubusa eka n’inikinyoma cambay ubusa.Hama Willy Nyamitw naw nomubwira nti:"Ico utarabona ucerekwa n’uko uramvye"avuga ko ata ntambw bazotera!Jew ndamusabira ko yobandanya yica amatwi.Vyiza yokumviriza abandi mu ntumbero yokubana neza kuko intabarigwa yabwiw n’uko amaso atukuye."Ibigiye inama bigira imana."

  • Ubwo nubweng bwa leta kugira bace integ aband system turayiz akaba arivyo nah boba bahemukiy igihug nka Peter

  • Murahendwa mubona kweri?

  • Nibareke Abarundi Baruhuke Ntakwama Muntamba.

  • emwe nanje ndabonye ko ari imitwe ya fake kugeza ho reta ibesha bingana UK vraiment iyo in masturbation reta iriko irigirira yoyo asha henda two tujuju wifatiye murikumwe arik hariho abobidakunda.

  • Emwe basha!karashiz ingani muze muguma mubesh?ereg turazubweng ngab bishikany nabahz bacungera bande?abobo bivuz?abo mukwa12 nibobatari kwivug?aho mwabukaranga twar musi yurujo kimwe gus za murek kubesh kugra muhembw amaher mensh kk isi iraheraa kand ikabahenda kand nimuvugishukur kugra amahor abonek

  • Namaho Mwese Muraba Ayo Makuru. Nanje Nashaka Kubaza Yuko Iyo Radiyo Yoturonderera Uwobibeshuza Y.Uko Bishikanye

  • burigihe babakubise ntimubura ivyo muvuga.ivyabo mwafashe turabizi.

  • AHO NISAWA NABASIGAYE NIBAZE TWUBAKE IGIHUGU CACU NTABANDI BAZOKITWUBAKIRA ATARI TWEBWE NYENYE ,NAKARE MUKIRUNDI BACA UMUGANI BATI ,UBUGABO BUTISUBIRAKO ,BUVYARA UBUBWA

  • Murahumba Sha Aho Murikomuhenda Twembwe Abanyagihugu Ngumwafashe Abantu Politique Turazimenyereye Igene Zikorwa Ahubwo Buca Kabiri Mukavuga Ko mutama Niyombari Mwamufashe Iyosisi Teme Yanyu Twarayihinyuye Toriyindi Ubu Mufata Abanyagihugu Mukitsa Haherakanya Mukavuga Kwarinkozi Zikibi Zari Ziteye Uburundi Sha Nkurumbi Uzopfa Twarababaye Mugabo Kananira Bagabo Ntiyimye Kabiri Karazirwa.

  • WOSANGA ARI ABANETSI.

  • Journal igihe twabakunda ariko ntabantu murimwo! vuga inkuru ufise icemezo! utagifise bishireko vyitwe ibihuha!
    Abo ba caporeaux woberekana amasura yabo nizo nkoho bazanye? honte pour le journal! ne publisher meme pas ariko mumenyeko muri abagabo niryo! nivyo muzohora mwandika mudasavye imbabazi abasomyi tugiye keamamaza ikinyamakuru canyu kuri internet, whatsap eka hose bsmenye ivyanyu boye kwonona amahera yabo bugurura site yanyu! sibiri kwiga ingene inkuru zitangwa ataco zishe ahubwo mwungutse ubushingantahe bwivyo mukota!

  • Birazwi nezako ubu uwufashwe wese na documentation canke polisi canke imbonerakure aca yagirizwa ko yari mu mirwi irwana. Uwufashwe agerageza guhunga canke uwihenze agahunguka aca yitwa umu assaillant aho ni iyo agize Imana ntiyicwe. Abapfunzwe bazira imyiyerekano baza barasohora umwumwe bakavuga ko bafatiwe ku rugamba. None abo ba AT ba Niyombare na Gaciyubwenge ko mutabafatiye hamwe na ba sebuja? Bahuriye he mu kuja mu barwanyi no mu kwishikana? Reka reka murahenda imbonerakure nyene zipfa gukwirikira zidashizemwo ubwenge !

  • Izo nimbonerakure zishikanye,kumwe mwaduhenda muri cibitoke ngo naba rebel kumbe mwishe imbonerakure zanyu zomowe na MONSCO muri congo,politique yaba DD ninkiyinzoya twarabahinyuye.

  • ubwo ga barundi bene wacu aho mwaseseye amaraso ntimuza muruha nimureke izo ntambara abana buburundi baruhuke.urya uwawe ukinovora intuntu. intibagira ntibana kandi igihugu cuburundi nigito ntikizobakwira nikito

  • UKO NUKURI KABISA NI BAMUREKE YITWARIRE TWAMUHAWE NIMANA NIWE IMANA YABONYE KO ABISHOBOYE IVYUBURUNDI

  • nimuze duseng kuk ivyabaye nimana yagovye guhishura

  • Cndd niyo yitera ntivyunvkana ubwo nububesh yaherey kera ibesha emama ngo coup.d.etat ariy yayiteguy vyiz nav kunteb kar

  • iyo mbonerakur muyihor iki? hend abandi

  • Cndd niyo yitera ntivyunvkana ubwo nububesh yaherey kera ibesha emama ngo coup.d.etat ariy yayiteguy vyiz nav kunteb kar

  • Ivyovyo Murabivuga. Ivy’imbonerakure Zigeramiye Abantu Komutabivuga??

  • Nyamitwe Arabeshaaaa!

  • ko tzko nyamitw yarashw na adolph kand atar muburund ivy vyovy leta ibikur heh? nkurumb natekan azokukuruka!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.