Accueil > Amakuru > umutekano > Gabriel Rufyiri aratangazwa n’uko Guillaume yagize imyiyerekano ata ruhusha (...)
Gabriel Rufyiri aratangazwa n’uko Guillaume yagize imyiyerekano ata ruhusha ntihagire uwumukoma
lundi 26 Nzero 2015
Bamwe mu barongoye amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike bashitse aho Guillaume Harushimana yagira imyiyerekano imbere ya RPA, baneguye inyifato y’igiporisi aho kitakoze nk’uko gihora kibigira iyo ayo amshirahamwe agize imyiyerekano kandi afise uruhusha.

Gabriel Rufyiri abona ko abanyagihugu badafatwa kumwe imbere y’amategeko kuko igihe Guillaume Harushimana yagira imyiyerekano imbere ya RPA ata mu porisi yigeze amuburabuza kubera iyo myirekano atari yasabiye uruhusha. Gabriel Rufyiri avuga ko iyo ayandi mashirahamwe ateguye imyiyerekano bayisabira n’impusha mu nzego zibijejwe kandi n’impusha bakazironka bahora baburabuzwa n’igiporisi.
Mwomenya ko igihe Guillaume yagira imyiyerekano imbere ya RPA afise isandugu n’umusaraba yari kumwe n’aba porisi basa n’abamucunze ariko igitangaje n’uko ahavuye ata mu porisi n’umwe yasubiriye kuhaboneka kandi hari abantu isinzi bari gushobora guhungabanya umutekano muri ico kibanza.

Ikindi mwomenya n’uko abanyagihugu batari bake bagwiriyemwo abagendesha amapikipiki n’amakinga bari bahagaze imbere ya RPA bavuga ko bari baje gushigikira insamirizi yabo.


Cherif Nkeshimana
Messages
26 Nzero 2015, 13:22, par Iyumenya
Gabriel Rufyiri, erega ntuhave unanigwa kubandanya kuvuganira abanyagihugu kuko nturi wenyene twese tukuri inyuma.mbivuze kuko watangajwe n’uko wabonye aba polisi bari bahari kandi bacungereye umutekano wa Guillome kandi yari yakoze imyiyerekano atarupapuro yarafise none ntuziko Guillome ari Leta?Leta mugukora imyiyerekano yosaba urupapuro nde?Babikoze kuko bazi ivyo bariko barakinga.Ariko ....................................iraharuye.
26 Nzero 2015, 13:25, par Alphonse
Ivyo bavyita agasema: je nabonye vyinshi, uyo mu Guillaume nta minsi asigaje. Aho bukera igihugu c’URWANDA kirerekana ko ifoto y’uyo mugabo itigeze yinjira mu ma mashini yaco kuri arya mataliki. Uyo mugabo azoca acirwa urwa ba Nzarabu, Kaziri n’abandi...
26 Nzero 2015, 13:52, par COOCO
Ehe izo sura zabo ngo bagomba batere ubwoba abamenyesha makuru rero...mwanterahamwe mwe ,,mwabicanyi mwe..yagiye ngaho ahitana aba taxi velo bo mukamenge abemerera kubasororera kugira nawe aboneke ko afise abamywanyi.........mwabimenabanga mweeeeeeeeeeeee
26 Nzero 2015, 14:12, par mukobwajana
AKA KAGABO KAZI NGO PETER NA ADOPHE BAGAKORESHEJE NGO KAZOROKOKA NGO KAZINGE IFARANGA KEMEREWE!!!!????KARABAZA ABANDI KUMVE ..YOOO AHO NI BAYIIII BAGUHENZE NGO GIRA MANIFESTATIONS ARIKO NABO BAMEZE NK ABANA !!!!NI AMARASO ABABIRA MWO NTA KUNDI BOGIRA ..ARIKO WEWE BAYIII ADOPHE ARAKURYA BAGUSANGIRE NA PETER UMUPFUMU MUKURU WA DD ...PSAUME 108 MURI KUMWE DISI WE..INTERAHAMWE NTA MAHORO HOOOSE
26 Nzero 2015, 15:44, par KIMASA
Uyo yiyise COOCO,yogabanya agatima k amacakubiri,kuko abonye isura y amazuru agaca ayita abicanyi aragowe kuko carafashwe,niyo FDD yovaho uzotogwa wese uzosanga afise isura nk irya ubona,ukinda ugaramye....urakicwa n agashavu bikunaniye uduge muri nord wambuke akanyaru uzoba wisanga mugabo bobo ntibafyina,ntiberekwa liberté d expression.
26 Nzero 2015, 16:18, par NKURUNZIZA PIERRE CLAVER
abo ba dd murenga nubwo burabarengeye ayo maraso yabantu azobabiramwo basha,nkababazwa nizo mburakimazi zabomy inyuma,akarinyuma karahinda,ako nagasema
26 Nzero 2015, 16:27, par nzobandora
Guillaume, ariko arisema we nyene : ehe Maregos, Nzarabu, Jean Petit, ............aho uragiye bayi! iyo sandugu ubike ahadata mu misi mike abawe bazoyikenera, tu ne fais que diminuer les dépenses de ton enterrement.
26 Nzero 2015, 16:38, par Cooco
Mbe kimasa uzi gute ko ntari umuhutu??? Navuze isura zabo baboyi yatoye mwibarabara mukamenge.......Usanga nawe uri umuta taxi velo Genda Ludolphe abacape mwe ntawe muzi sha murambaza jewe........nubu nomukanya twarikumwe nabagenzi biwe npfampfe......nariko ndabasuma amajambo we vuga make ........Fin de fin kizotahira umututsi wumutima ......numumenyesha Mana wumunyarwanda yarabibonekewe...abicanyi bazama arabicanyi ako mwishamba ntigahera
26 Nzero 2015, 16:38, par claude
Heee mutama turi inyuma yawe ivyo uvuga natwe ntidutahura mugabo tumenye ko IKINYOMA KIMARA UMUNSI NTIKIMARA UMWAKA,,,,,
26 Nzero 2015, 18:50, par So
Uwobugabo ivyoyakoze birumvikana nonekoyategereje kwamashirahamwe adaharanira ivyicaro amuvuganira nkuko asanzwe avuganiranabandi akabura uwutagira nasenge arisenga.
26 Nzero 2015, 23:23, par ndiho
ewe ivyuburundi biragoye none rufyiri niwe ajejwe kuraba abafise uruhusha nabatarufise namba mutahababutse murafise agahinda mugabo turacabatwara
26 Nzero 2015, 23:25, par ndiho
ewe ivyuburundi biragoye none rufyiri niwe ajejwe kuraba abafise uruhusha nabatarufise namba mutahababutse murafise agahinda mugabo turacabatwara