IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > 16 mubafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD binjiye ibohero rikuru rya (...)

16 mubafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD binjiye ibohero rikuru rya MPIMBA

lundi 10 Ntwarante 2014

Abanywanyi 16 bafatiwe ku munsi wa gatandatu ku ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo barumvirijwe na sentare ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu. Mw’ishirahamwe APRODH baranegura kubona abo bafashwe bumvirijwe n’abacamanza bamaze guhabwa imitahe yo guhagarika urwo rwaruka, kandi batari bwabumvirize.

Abo bafashwe mu migumuko yabereye ku ngoro y’umugambwe MSD bagirizwa ivyaha vyo kugumuka barongowe n’umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije, hamwe n’ugukomeretsa abajejwe umutekano, aho mukamenya ko uwo Alexis Sinduhije yagirizwa ko ariwe yari arongoye iyo migumko n’ubu atawuzi irengero ryiwe, akaba kandi atawamenye ingene yasohotse aho mu ngoro y’umugambwe MSD, aho yariko atangira ikiganiro imbere y’uko abajejwe umutekano bafata ingingo yo kwinjirayo ku nguvu.

Bahejeje kwumvirizwa urwo rwaruka, baciye babungururiza mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues), ishirahamwe rijejwe gukingira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe, aratangazwa n’ingene bumvirije abo bafashwe, imitahe yo kubajana mu Mpimba iza yamaze gusohoka. Kubwa Petero Karaveri Mbonimpa, abo bacamanza bashatse guheza ibwirizwa, kuko ingingo yari yamaze gufatwa kuva n’imbere y’uko babumviriza. Hejuru yabo barungitswe mu bohero rikuru rya Mpimba, hari abandi bakomeretse, bariko bavurirwa ku bitaro bitandukanye, ariko bacunzwe n’abakozi bo mwigendereza.

Mu gihe n’abo mu muryango CROIX ROUGE utabara imbabare babujijwe kuvura indembe zari zafashwe n’amasasu, igiporisi c’Uburundi kiremera ko cakoresheje inguvu mu kurasa amasasu, ariko bagasigura ko bashatse kwivuna. Helmenegilde Harimenshi, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko bategerezwa gukoresha inguvu kugira bashobore kubohoza abaporisi bari bagizwe imbohe mu ngoro y’umugambwe MSD.

JPEG - 48.8 ko
Nathan Ndayongeje, umunyamabanga mukuru wa MSD nawe yarasiwe ku ngoro y’umugambwe MSD

Egide Nduwimana

Messages

  • Kuki ibintu nkibi biba tukabona atamuntu numwe agira ico abivuzeko? nukuri tugerageje kuraba tubona umenga reta ntigikingira umunyagihugu kuko ivyabaye ku w’Imana nagahomerabunwa mu Burundi kuko nabariko barahita baragize ingorane . igiporisi kimenye ko gihohotera abo kijejwe gukingira; hanyuma ico nohanura Abarundi nibareke guhurumbira imigambwe kuko ntanakimwe bizobamarira nibaze dukore twiteze imbere.

  • Nibababikeyo babaze nazirya inkwoho barasisha aho bazikuye, naho bazibika!Kuko barya n abicanyi.

  • Mb kevin nimb ur kevin nyen,ivy wandts urabifitiy ivymezo?burek guhuruduka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.