IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gaspard Baratuza:" Igitero cakozwe mu ntumbero yo gucanishamwo (...)

Gaspard Baratuza:" Igitero cakozwe mu ntumbero yo gucanishamwo igisirikare"

vendredi 11 Nyakanga 2015

Umuvugizi w’igisirikare Col Gaspard Baratuza amenyesha ko igitero cakozwe ku mukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto cari gifise intumbero yo gucanishamwo igisirikare c’igihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,inyuma y’umutaga kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Nyakanga 2015,Gaspard Baratuza yamenyesheje ko ku ruhande rw’igisirikare batatu bitavye Imana, mu gihe babiri mu bagize igitero nabo nyene bapfuye,hamwe n’umukozi mu bushikiranganji bw’umutekano ariko atari umupolisi.

Muri ico kiganiro ku bamenyeshamakuru, Gaspard Baratuza yavuze ko inkoho imwe yo mu bwoko bwa lance-Roquette,inkoho 2 zo mu bwoko bwa kalashinkov nazo zafashwe.

Colonel Gaspard Baratuza avugira igisirikare c’igihugu yasavye abasirikare kuguma bafatanye mu nda.

Mwomenya ko ata mumenyeshamakuru yaronse umwanya wo kubaza ikibazo muri ico kiganiro.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.