IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bernard Busokoza na Karori Nditije ntibaraye mu ngo zabo

Bernard Busokoza na Karori Nditije ntibaraye mu ngo zabo

lundi 3 Ruhuhuma 2014

Umutekano wa Busokoza Bernard yahora ari icegera c’umukuru w’igihugu n’uwa Karori Nditije umukuru w’umugambwe w’Abadasigana UPRONA woba utifashe neza, ari naco gituma abo bashingamateka babiri bataraye mu mihana yabo.

Amakuru ikinyamakuru IGIHE catohoje muri aka gatondo ko kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 3 Nzero uyu mwaka, akaba ari ukwo, yaba Busokoza Bernard yahora ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu canke Karori Nditije umukuru w’umugamabwe UPRONA, kuva kuri uyu w’Imana, atawuzi aho bari, ariko imvo zabatumye bahunga ingo zabo nk’uko bamwe mu miryango yabo babimenyesheje, akaba ari umutekano wabo muke. Uyo mutekano muke, bakaba batanguye kuwicura, kuva aho ku kirimba c’uwari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Busokoza hahinduriwe abajejwe umutekano. Ikindi, akaba ari inkuru zavuga ko hari abantu batatu bashobora gutabwa mu mvuto, harimwo Bernard Busokoza, Karori Nditije na Tasiyano Sibomana umwe mu bari mu nzego nkuru za UPRONA.

Bernard Busokoza ahagatiwe na Kabura Francois icegera ca kabiri co mu nama nshingamateka i bubamfu na Karori Nditije i buryo

Ivyo rero, bikaba vyunyuwe n’iyanka ry’abo bashingamateka bava mu mugambwe UPRONA barikumwe n’abandi badasigana ishirwa mu ngiro ry’umugambi bavuga ko ari uwa CNDD FDD wo guhamba umugambwe wabo, mu kuwuha indongozi nshasha bavuga ko izoba ije kuwutwarira mu kwaha kw’ubutegetsi.

Tukabamenyesha ko amakuru dukura mu mugambwe wa Rwagasore avuga ko, hamwe ingendo yo kubaha Niyoyankana Bonaventure ngo abe ariwe arongora UPRONA itohagarara, abo badasigana bagiye kumenyesha icese ko bavuye mu nzego zose za Reta ico bise ’’crise institutionnelle’’ mu gihe uwagenywe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Abadasigana bavuga ko batamwemera, kandi n’abo azogena muri Reta bazoba batazwi n’umugambwe UPRONA.

Ariko naho biri ukwo, umushingamateka Niyoyankana Bonaventure akaba ariko arita ku rutare kugira aronke abamushigikira mu ntara zitandukanye z’igihugu, mu gusigurira Abadasigana bari ku va ku mitumba gushika mu ntara ko aje gusubiza ibintu mu buryo mu mugambwe, abadasigana batokwumviriza ivyo abamutyoza bavuga, kandi ko ahari biciye mu mategeko.


Aristide Nizigire

Messages

  • ewe Mana yuburundi garujira aban bawe kk bigez ahumwas ashak kweri ......

  • CNDD nayo nyene itikebutse ntibizoyorohera UPRONA ikuy’akarenge muri leta.
    Mbega urya mushingantahe w’ijambo BUSOKOZA bamumaramarirako bamuhiga kw’iki? ntiyababishije bidagadure? ba DD isubire! baz’umutima! ntimusukane!

  • Ariiiko inzigo y’abahutu ivanzubwenge buke izobagezahe?aho gutezimberigihugu!aho kwicara ngo barabe les atouts zotuzaniramahera y’agaciro nkibijany n’akaranga ngo babitezimbere baguma umengo bari mwishamba!mbe mwa njiji mwe ntimubona k nabatutsi bishe ndaday kndi bari bazi k bafisigisoda cifashe dans la sous region k baruhiyubusa ukuri kugatsinda?yooo!u r wrong my friends!aho gutezimbere igihugu ngo rirya segenya ryabahutu bavundiy mudu portions tunganurwara kk batize babonakazi abana babo bige muriko muvyurinzigo Y’abatutsi?héee!no mu Rwanda bari kurushi bararufash mwabijuju mwe!kurya IMANA yabakuy i Malagalazi ikabonayo mwagow ikabahubutegetsi niko izobugabira nabo mwirigwa mucura bufuni na buhoro kk mwese irabakunda!pu pu murinjiji péeee!

  • Mw mugifis icomuvuga nimwivugire.mé ntayirwa idahita.twizer Imana hasigayakanyagato ikatwishura.

  • nibagende ubutagaruka!!! bagumeyoo

  • AZE NDAMUTIZE.IGISOKOZO AJEGUSOKOREZA AHANDI ATARIMUBURUNDI.

  • Barabe neza ntibabagandagure.uyo mugabwe cndd uzovanwaho niki ga nyagasani ni bahunge maze bababise.biriya ni bampema zuzuye ngo ni banduwimana izina ryapfuy’ubusa.kabisa

  • Amakuru ava mu bajejwe iperereza ryo hagati mu gihugu aramenyeshako Abasoda bashika 15 bambaye gisivile bafise amabwiriza yo kugandagura Busokoza na Karoli Nditije bazindutse bakikuje ingo z’abo bashingantahe ariko bagasanga Imana yahejeje kubaburira bagashobora guhunga. Amakuru yizewe neza aremezako umugambi wo kwica the opinion leaders ba Uprona wateweho igikumwe n’umuyobozi tudashatse kuvuga amazina ye (MWESE MURAMUZI). Ibi bikaba bitaje gusubiza igihugu mu mahoro ahubwo bije gusongera isibe. Muragabe Uprona oyeee

  • Amakuru yizewe neza aremezako Major BUSOKOZA BERNARD yahungiye mu rugo rw’umu diplomate ava mu gihugu ca kure(ntitumuvuga kubera imvo z’umutekano) akaba ariho ariko arategurira urugendo rwo guhunga DD, Uwaduhaye aya makuru akomeza avugako Karoli Nditije acunzwe bikomeye n’abasoda biyoberanije ariko barinda Embassy ya USA hano i bujumbura nawe akaba ari mu rugo rwa 1st Secretary of US embassy to burundi. Abahagarariye ibihugu byabo mu burundi bahangayikishijwe bikomeye n’akaduruvayo kariko gaterwa n’umugambwe uri kubutegetsi biboneka ko wananiwe kurongora igihugu mu ntwaro ibereye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.