Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Brezil : Udukingirizo twitiriwe umukinyi Neymar twasohotse
Brezil : Udukingirizo twitiriwe umukinyi Neymar twasohotse
mercredi 28 Rusama 2014
Mu gihugu ca Brezil hasohotse agakingirizo kitiriwe umukinyi rurangiranwa w’igihugu ca Brezil, asanzwe akinira na FC Barcelone yo muri Espane. Utwo dukingiriza dusohotse mu gihe ico gihugu kiriko citegurira kwakira inkino z’igikombe c’isi yose twatiriwe umukinyi Neymar da Silva Santos Júnior.
- Agakingirizo kitiriwe umukinyi Neymar da Silva Santos Júnior
Utwo dukingirizo twitiriwe umukinyi Neymar dufise amabara y’umwambaro w’umurwi nserukiragihugu wa Bresil Neymar asanzwe akinira, tukaba kandi twanditseko inomero 11 zisanzwe zambarwa n’uwo mukinyi nyene. Abahinga bakoze utwo dukingirizo bamenyesha ko bashatse gufasha abazodukoresha kwumva ko bashimishije abo bazoba bariko barakorana amabanga mpuzabitsina, nk’uko umukinyi Neymar abigira mugushimisha abakunzi biwe iyo ariko arakina mu kibuga.
- Umukinyi Neymar da Silva Santos Júnior
Mu gihe igihugu ca Bresil citeguriye kwakira inkino z’igikombe c’isi yose, umukinyi w’umusatirizi wa FC Barcelona n’igihugu ca Bresil yitezwe nk’uwuzokwerekana ubuhinga bw’igihangange bivanye n’ingene amaze iminsi yigenza mu kibuga.
Ni naco gituma abakeneye kumenyekanisha ibikorwa vyabo bamaze gutangura kumuhurumbira ari benshi, aho mukumva ko n’urwo ruganda (PRUDENCE) ruhingura udukingirizo twitiriwe Neymar rushaka kumenyekanisha ico gokorwa. N’amahinguriro akora utubutura two munsi baramaze kumurondera kugira abafashe kumenyekana.


Egide Nduwimana
Messages
29 Rusama 2014, 04:40, par jean de diei
Ego kweli vyarivyo kumugirura publicit ariko iyudukingirizo bararengej
29 Rusama 2014, 17:58, par tharcisse
Bamugiriye publicite yudukingirizo kuko ahabereye mondial ubusambanyi buba bwinshi,harya nawe usanga ari mumuhariwababikunda.
28 Ruheshi 2015, 20:47, par NDUWAYO SALVATOR
NONE UBWOBUKINGIRIZO IMBERE,UTABUYE,GASANIMAYOZA,NEYMAR NINIMEROZIWE?