IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Inzoga zitera ubuhumbu zahagurukiwe

Bubanza : Inzoga zitera ubuhumbu zahagurukiwe

lundi 30 Kigarama 2013

Inzoga zitemewe n’amategeko ziri mu bwoko bw’izitekerwa mu tumwanya canke mu macupa, ziriko ziratuzwa mu mihingo itandukanye y’igihugu, inyuma yaho hafatiwe ingingo yo kubuza izo nzoga kuguma zidandazwa mu Burundi, kuko ziri mu zihungabanya umutekano.

Mu ntara ya Bubanza, inzoga 1185 niyo yafashwe n’abajejwe umutekano bafishijwe n’abanyagihugu hamwe n’abajejwe igisata c’amagara y’abantu muri iyo ntara. Ayo macupa akaba yari ayasigaye, mu gihe ubundi bwoko bw’izo nzoga nyene bwoba bwari bumaze kudandazwa bidaciye mu mategeko, kandi abanyagihugu bazi ko izo nzoga zikwega amabi menshi mu miryango, zabujijwe kudandazwa haraciye igihe kitari gito.

Abafashwe bariko barazidandaza rero babibiri bakaba bari mu minwe y’igiporisi. Nayo imiryango itandukanye yo muri iyo ntara ya Bubanza ikaba inezerezwa n’iryo yirukanwa ry’izo nzoga mu mihana no mu mazu y’ubudandaji, kuko inzoga zo mu tumwanyi zagirizwa guhungabanya umutekano, gusesagura amatungo yo mu muryango, gusinzikaza amagara y’abantu, gutera ubunebwe, ubuhumbu n’ibindi. Abajejwe umutekano n’intwaro bakaba bariko barakora ibishoboka vyose, kugira izo nzoga zituzwe mu gihugu cose, haba izo muri ubwo bumwanya, umudiringi, ikibarube, n’izindi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.