Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bubanza : Abanyagihugu batekewe n’ubwoba ku gitero kivugwa c’Imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Abanyagihugu batekewe n’ubwoba ku gitero kivugwa c’Imbonerakure

Bubanza : Abanyagihugu batekewe n’ubwoba ku gitero kivugwa c’Imbonerakure

jeudi 17 Ndamukiza 2014

Ubwoba ni bwose mu banyagihugu bo mu ntara ya Bubanza bavuga ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwahawe ibirwanisho kugira rutere abo badasangiye ivyiyumviro. Mu giporisi i Bubanza barahumuriza ko umutekano ucungerewe.

Iminsi indwi igira ikwire abanyagihugu bo mu ntara ya Bubanza bavuga ko baronse amakuru avuga ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD muri iyo ntara ya Bubanza rwahawe ibirwanisho kugira bagandagure abatari muri uwo mugambwe. Kuva babimenye, ubwoba ni bwose mu banywanyi b’iyindi migambwe baguma biteze ko bicwa.
Ubwo bwoba bwatumye bamwe muri abo banywanyi b’iyindi migambwe, nk’abo mu Gisovu, hamwe no ku Kanabubu, batangura kwirarira. Abo banywanyi b’imigambwe nka UPRONA na FRODEBU bagiriza umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza ko uriko ukwiragiza inkoho mu Mbonerakure za CNDD FDD, mbere bikavugwa hari n’izindi nkoho zikibitswe mu ngoro y’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza.
Abo banywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko abarongoye CNDD FDD mu ntara ya Bubanza ko bova mu gacerere, batange umuco kuri ivyo bagirizwa.

Umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, umushingamateka Juvénal Havyarimana amenyesha ko ivyo umugambwe arongoye wagirizwa ari ibihuha vyononera ubutangane n’intwaro, agasaba ko ababijejwe bogihagurukira.
Umushingamateka Juvenal Havyarimana arongoye umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza asaba abajejwe intwaro ko bohumuriza abanyagihugu, n’ahikekwa ivyo birwanisho hasakwe, n’aho hoba muri iyo ngoro y’umugambwe arongoye. Nk’uko uwo mushingamateka abandanya abishikiriza, ariteguriye gufashanya n’abajejwe intwaro, kugira ukuri kumenyekane.

Mu giporisi mu ntara ya Bubanza nta vyinshi babivugako, bakamenyesha ariko ko abanyagihugu borema kuko umutekano ucungerewe neza. N’aho ataco bavuze kuri iyo ngoro y’umugambwe CNDD FDD yagirizwa kuba ibitse ibirwanisho, mu giporisi basavye abanyagihugu kwerekana ibibanza birimwo ivyo birwanisho.

Mwomenya ko ubwoba n’umwikeko w’igitero c’umwanya uwariwo wose vyibonekeza mu ntara ya Bubanza vyatumye bamwe mu miryango y’aho i Bubanza itangura guhunga, abandi bahungishiriza abana babo i Bujumbura.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.