Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Abanyagihugu batekewe n’ubwoba ku gitero kivugwa c’Imbonerakure
Bubanza : Abanyagihugu batekewe n’ubwoba ku gitero kivugwa c’Imbonerakure
jeudi 17 Ndamukiza 2014
Ubwoba ni bwose mu banyagihugu bo mu ntara ya Bubanza bavuga ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwahawe ibirwanisho kugira rutere abo badasangiye ivyiyumviro. Mu giporisi i Bubanza barahumuriza ko umutekano ucungerewe.
Iminsi indwi igira ikwire abanyagihugu bo mu ntara ya Bubanza bavuga ko baronse amakuru avuga ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD muri iyo ntara ya Bubanza rwahawe ibirwanisho kugira bagandagure abatari muri uwo mugambwe. Kuva babimenye, ubwoba ni bwose mu banywanyi b’iyindi migambwe baguma biteze ko bicwa.
Ubwo bwoba bwatumye bamwe muri abo banywanyi b’iyindi migambwe, nk’abo mu Gisovu, hamwe no ku Kanabubu, batangura kwirarira. Abo banywanyi b’imigambwe nka UPRONA na FRODEBU bagiriza umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza ko uriko ukwiragiza inkoho mu Mbonerakure za CNDD FDD, mbere bikavugwa hari n’izindi nkoho zikibitswe mu ngoro y’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza.
Abo banywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko abarongoye CNDD FDD mu ntara ya Bubanza ko bova mu gacerere, batange umuco kuri ivyo bagirizwa.
Umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, umushingamateka Juvénal Havyarimana amenyesha ko ivyo umugambwe arongoye wagirizwa ari ibihuha vyononera ubutangane n’intwaro, agasaba ko ababijejwe bogihagurukira.
Umushingamateka Juvenal Havyarimana arongoye umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza asaba abajejwe intwaro ko bohumuriza abanyagihugu, n’ahikekwa ivyo birwanisho hasakwe, n’aho hoba muri iyo ngoro y’umugambwe arongoye. Nk’uko uwo mushingamateka abandanya abishikiriza, ariteguriye gufashanya n’abajejwe intwaro, kugira ukuri kumenyekane.
Mu giporisi mu ntara ya Bubanza nta vyinshi babivugako, bakamenyesha ariko ko abanyagihugu borema kuko umutekano ucungerewe neza. N’aho ataco bavuze kuri iyo ngoro y’umugambwe CNDD FDD yagirizwa kuba ibitse ibirwanisho, mu giporisi basavye abanyagihugu kwerekana ibibanza birimwo ivyo birwanisho.
Mwomenya ko ubwoba n’umwikeko w’igitero c’umwanya uwariwo wose vyibonekeza mu ntara ya Bubanza vyatumye bamwe mu miryango y’aho i Bubanza itangura guhunga, abandi bahungishiriza abana babo i Bujumbura.
Egide Nduwimana
Messages
17 Ndamukiza 2014, 11:38, par mutabazi
iki kinyamakuru gisigaye kimeze nka radiyo RTLM yo murwanda. leta yuburundi igomba gushakisha abagikoraho kuko kizabazanira ibara
17 Ndamukiza 2014, 11:44, par sisi
nuko bafise iyo baja abo nabatahunze 93 bibaza ngo biraryoshe.ahusanga aribo bariko barahabwa ivyo bigwanisho kugira batere akajagari kuko babo mumtatora ataco banze.
17 Ndamukiza 2014, 12:57, par mico
mutabazi ,... mukireke ikinyamakuru cacu kivuge ugira nico giturira conyene raba amaradio nka RPA .. .. muburundi habaye ukwishira nukwizana kurenzeko ntaho ndabibona kwisi
17 Ndamukiza 2014, 13:32, par NGABO
Ahubwo iyi journal umenga nimwe yo mu Rwanda yitwa KANGURA,yavuga amajambo yo guturira gusa.ntawomenya mission ifise kuko uyisoma cane ntakintu kizima yandika.
17 Ndamukiza 2014, 13:37, par congolais
mb mwebw mwiyita uko mushatse muvugira cndd!?iki kimenyesha makur ahbw nigtsimbatar!ww mb wohung pour rien?!ndavug ww nimb ur mutabaz!
17 Ndamukiza 2014, 15:46, par beya
sisi:uvuzevyo nakare ngo bacumuganingo abafise iyo baja baragenda
17 Ndamukiza 2014, 17:32, par Jerome Niyigaba
Uwo avuga ko iki kinyamakuru ari nka radio LTRM yo mu Rwanda,nibaza ko yabuze ivyo avuga,ntazi no kwandika ikirundi yandika ikinyarwanda.Birashoboka akaba arumwe muriza nterahamwe zivurwa muburundi!kuko umurundi afise ubwenge bukora neza, ntiyovuga ko abamenyeshamakuru ivyo bashikiriza atarivyo!Umumenyeshamakuru nijisho ry’abanyagihugu!
18 Ndamukiza 2014, 15:18, par pierre
Moi je conseillerais à tous les médias de bien accomplir leur métier, de ne jamais diffuser des propos mensongers ou difamatoires,sinom l’histoire vous jugera mal!
18 Ndamukiza 2014, 15:18, par pierre
Moi je conseillerais à tous les médias de bien accomplir leur métier, de ne jamais diffuser des propos mensongers ou difamatoires,sinom l’histoire vous jugera mal!
18 Ndamukiza 2014, 15:18, par pierre
Moi je conseillerais à tous les médias de bien accomplir leur métier, de ne jamais diffuser des propos mensongers ou difamatoires,sinom l’histoire vous jugera mal!
18 Ndamukiza 2014, 21:22, par john bukuru
abo bagabo ko batinya ukuri harico bikeka
25 Ruheshi 2015, 15:56, par Mix
Ndanz ahozir muzombaz