IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Babiri bafashwe mu matohoza y’ubwicanyi bwabereye ku Mpanda

Babiri bafashwe mu matohoza y’ubwicanyi bwabereye ku Mpanda

lundi 5 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi cafashe abantu babiri bariko bakorwako amatohoza ku rupfu rw’abantu babiri nyene bishwe barashwe kuri uwu w’Imana, muri komine Mpanda, intara ya Bubanza.

Abo bantu babiri bishwe ni umukozi wo mu gisata kijejwe ubutunzi ku bitaro vyo ku Mpanda, yari kumwe na mugenzi wiwe w’umudandaza. Bompi bariko biyunguruza bakoresheje ipikipiki.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko barashwe n’abantu bitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet bariko biyunguruza mu muduga wo mu bwoko bwa TI. Abajejwe umutekano bahashitse abo bantu bitwaje inkoho bamaze guhunga.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abantu babiri aribo bamaze gufatwa n’igiporisi, ku mvo z’amatohoza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.