IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bubanza : Umusore yabiriye impene yaciriwe gufungwa umwaka umwe

Bubanza : Umusore yabiriye impene yaciriwe gufungwa umwaka umwe

samedi 8 Kigarama 2012

Umusore afise imyaka 20 yaziritse impene arayabira mu ntara ya Bubanza, nyeneyo ashaka ko uyo musore yomuriha amafaranga ibihumbi 300 kugira ntamushengeze mu butungane. Uwo musore ubu arafunzwe mu gipolisi yaciriwe igihano co gufungwa umwaka wose.

Hari mu gatondo ko munsi wa kane italike 6 uku kwezi kwa Kigarama, umusore afise imyaka 20 wo mu ntara ya Bubanza yariko aratembera. Ageze mu nzira abona impene iziritse iriko irarisha ubwatsi hanyuma uyo musore aca arayifata atangura kuyabira.
Iyo mpene yarabiye cane cane hanyuna nyene yo avyumvise aja kuraba asanga wa musore arayirembeje ayabira. Aca akoma induru ababanyi barashwabaduka baja kuraba ibibaye. Ahamagara igipolisi kugira gifate wa musore.

Nyene iyo mpene asaba uwo musore ko yomuha amafaranga ibihumbi 300 kugira abihebe ntamushengeze mu butungane. Avuga kandi ko akeneye ayo mafaranga kuko ngo impene yiwe itazogurwa kw’isoko niyayishora. Uwo musore ntabihakana ariko avugako adashobora gutanga ayo mafaranga kuko wewe avuga ko atacaha yakoze.
Igipolisi caciye kimufata kija kumufunga. Yagirizwa guhonyanga imico n’imigenzo, ico bita mu gifaransa ‘’atteintes aux mœurs et a la pudeur publique’’. Kuri uyu wa gatandatu, sentare nkuru y’intara ya Bubanza yamuciriye igihano co gufungwa umwaka umwe.

Nta ndwi yari bwahere, hari umwungere wo mu ntara ya Cibitoke nawe yari yafashe inka arayabira. Nawene yarahakanye icaha kuko ngo yabiriye inka yiwe.

Aho mu ntara ya Bubanza naho, ku mwaka uheze, hari umugabo yari yabiriye ingurube.

Abahinga muvyerekeye imico bavuga ko rimwe na rimwe bitumwa n’uko abantu bafise ingorane nyinshi mu muryango, babuze abagore, batinya kuvugisha abakenyezi, bagwaye mu mutwe canke bafise iyindi ngorane mu mutwe kumbure itewe n’uko baciye mu ntambara canke mu ngorane zitandukanye. Basaba ko imbere y’uko abobantu bafungwa, bobanza kumvirizwa n’abahinga b’ingorane ‘’les psychologues’’.


Bonesha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.