Accueil > Amakuru > umutekano > Buganda : Umunyagihugu yahora yagirizwa uburozi yishwe
Buganda : Umunyagihugu yahora yagirizwa uburozi yishwe
samedi 16 Ndamukiza 2016, par
Umunyagihugu azwi kw’izina rya Fidèle Nibizi w’imyaka 55 yahora aba muri komine Buganda, intara ya Cibitoke, yishwe yagirizwa uburozi. Abajejwe intwaro n’igiporisi muri iyo ntara bavuga ko amatohoza yamaze gutangura kugira abishe uwo muntu bamenyekane.
Fidèle Nibizi yagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2016, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Yarashwe n’abantu bamutegereye atashe,, muri komine Buganda, intara ya Cibitoke.

Uwo yagandaguwe yahora yagirizwa ko ari umurozi, akaba mbere yari amaze guterwa ubwoba ko azokwicwa.
Musitanteri wa komine Buganda amenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abishe uwo munyagihugu bamenyekane.
IGIHE
Messages
16 Ndamukiza 2016, 22:11, par Kubwimana.Kumutumbawamuhanza.
Kirarazirakwihanira.Abobantubakozeiryobara,nibakuranwebahanwe
16 Ndamukiza 2016, 22:39, par Karimi
Wanauwa watu eti wachawi. ijambo ryimana rivuga ati uwichishije inko nawe azokwichishwa inkota .
17 Ndamukiza 2016, 00:47, par LILI
AMATOHOZA AMATOHOZA AMATOHOZA YI BURUNDI WANGIRANGO NI INDILIMBO IGEZWEHO
17 Ndamukiza 2016, 05:04, par None?
Ntabwo arivyiza kwica umuntu, kandinawe nambayarishe ntabwo arivyiza yakoze.
Hanyuma ahohakuryanaho mugihugu kibanyi cu Rwanda inzego zumutekano zakoze umukino wokwiyicanira zirasanye bacabavugango nababateye bavuye Congo harinaho bavuze ngoni FDRL yabateye. Ariko amakuru yizewe twarose ngo bashaka kuronka ikibasubiza kwiba imutungo Kamere ya Congo bitwaje ngobagiye gukurikirana ababateye. Natwe abarundi twarahiye ko ahobakazengereje igihugu kibanyi tukinumira bagisubirayo natwe tuzoca tugenda tubavungavunge kuko bashegeshe akarere.
18 Ndamukiza 2016, 08:55, par turaje
@none mubanze muhangane nabacivil bari kumapa aba general naba police banyu hanyuma muze gusambira kurwanda nyuma , murabizi niguhita tubarangiriza gahunda kuko murabaswa cyane kuri technique
18 Ndamukiza 2016, 12:01, par REKABANDI BABEHO
Reka sigaho ntoburozi yagirizwa, ni bwa bwicanyi bw’imbonerakure. Iyaba ari uburozi ntabe wicwa kumurango abantu barororera babanje kumureka akisigura n’abamwishi bakamenyekana ko bamuhoye uburozi bakanabwerekana kubera iki bikinze ijoro ntibashake ko bamenyekana. Twarabahinyuye sha.
20 Ndamukiza 2016, 15:01, par turaje
hahaha na Peter numurozi
bamwice sasa.