Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bugarama: Abanyagihugu babanye neza mu budasa bw’imigambwe yabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bugarama: Abanyagihugu babanye neza mu budasa bw’imigambwe yabo

Bugarama: Abanyagihugu babanye neza mu budasa bw’imigambwe yabo

mercredi 18 Nyakanga 2013

Amahoro n’umutekano vyifashe neza muri rusangi muri komine ya Bugarama iri mu ntara ya Bujumbura, inyuma yaho iyo komine iciriyemwo ingorane zitandukanye zijanye n’umutekano.

Umuhanuzi mukuru wa musitanteri wa Komine ya Bugarama, avuga ko ubu abanyagihugu babanye neza, atawurya urwara uwundi bapfa umugambwe canke ukundi kudahuza ivyiyumviro, kandi atabanyagihugu babura irengero ryabo, kiretse umukuru w’umutumba wa Ruteme aherutse kwitaba Imana, ariko icatumye acikana ntikimenyekane.

Abandanya avuga ko n’urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye rubanye neza, atawurya urwara uwundi. Ibivurwa ko hariho abatabanye neza kubera kudahuza ivyiyumviro vya politike, ivyo muri komine yabo, ntabiriho. Ndetse akaba anamenyesha ko n’imigambwe itavuga rumwe na Leta ikora atangorane amanama yabo, gusa bagasabwa ko bomenyesha kare inama zabo, kandi bagakurikiza amategeko.

Akaba arangiza ahanura ahakiri indyane ziturutse ku mvo za politike ko atakamaro kuko ubu nyabuna hageze aho bakorera igihugu, bakijukira ibikorwa vy’iterambere bose, atagusigara inyuma witwaje imvo za politike.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.