Accueil > Amakuru > umutekano > Bugarama: Abanyagihugu babanye neza mu budasa bw’imigambwe yabo
Bugarama: Abanyagihugu babanye neza mu budasa bw’imigambwe yabo
mercredi 18 Nyakanga 2013
Amahoro n’umutekano vyifashe neza muri rusangi muri komine ya Bugarama iri mu ntara ya Bujumbura, inyuma yaho iyo komine iciriyemwo ingorane zitandukanye zijanye n’umutekano.
Umuhanuzi mukuru wa musitanteri wa Komine ya Bugarama, avuga ko ubu abanyagihugu babanye neza, atawurya urwara uwundi bapfa umugambwe canke ukundi kudahuza ivyiyumviro, kandi atabanyagihugu babura irengero ryabo, kiretse umukuru w’umutumba wa Ruteme aherutse kwitaba Imana, ariko icatumye acikana ntikimenyekane.
Abandanya avuga ko n’urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye rubanye neza, atawurya urwara uwundi. Ibivurwa ko hariho abatabanye neza kubera kudahuza ivyiyumviro vya politike, ivyo muri komine yabo, ntabiriho. Ndetse akaba anamenyesha ko n’imigambwe itavuga rumwe na Leta ikora atangorane amanama yabo, gusa bagasabwa ko bomenyesha kare inama zabo, kandi bagakurikiza amategeko.
Akaba arangiza ahanura ahakiri indyane ziturutse ku mvo za politike ko atakamaro kuko ubu nyabuna hageze aho bakorera igihugu, bakijukira ibikorwa vy’iterambere bose, atagusigara inyuma witwaje imvo za politike.
Aristide Nizigire