Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Abantu batandatu barimwo abaporisi batatu bakomerekejwe na (...)
Bujumbura : Abantu batandatu barimwo abaporisi batatu bakomerekejwe na Gerenade
lundi 18 Ndamukiza 2016, par
Abanyagihugu batatu hamwe n’abaporisi batatu nibo bakomerekeye mu bitero vy’ama gerenade vyakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana mu bibanza bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.
Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko abo baporisi batatu bakomerejekwe na gerenade yatewe mu Ngagara karitiye y’icenda, aho bita kuri Messe y’abaporisi, hakaba hari mu birori vy’ukubisikanya hagati y’uwugiye kurongora igiporisi mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’uwo asubiriye.
- Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Nk’uko vyashikirijwe na Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, iyindi gerenade yatewe muri zone ya Kinama hagati y’ahahoze isoko ya kera hamwe n’ahashizwe isoko nshasha. Abantu batatu nibo bakomerekejwe n’iyo gerenade.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abateye izo gerenade mu bibanza bitandukanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana bataramenyekana, ariko amatohoza akaba yamaze gutangura.
Abantu bitwaje ibirwanisho barasanye kandi muri iryo joro nyene n’abaporisi bariko barakizura muri zone ya Kanyosha, ariko akaba atacononekaye.
IGIHE
Messages
18 Ndamukiza 2016, 14:38, par Birari
Ivyo Twumva Ngo Rwasa Yarahunze Nivyo ?
18 Ndamukiza 2016, 15:21, par Intagoheka
Ewe Birari Reka Kunva Invugo Yazimujeri Nazisindumuja Irya Ningabo
18 Ndamukiza 2016, 16:31, par Nzorubara
Nibazibakubite gose aho ntacomurabona
18 Ndamukiza 2016, 17:30, par LILI
AMATOHOZA YIBURUNDI ARACYAKOMEZA
20 Ndamukiza 2016, 10:10, par Aferky
Ego nivyo rwasa yaciye uvira, kuko yasanze ivyo yifuza atabibonye kandi hari umuntu wo mwigendereza yamubwiye ko ari kurutonde rwo kwicwa bigaca vyitirirwa cnred.
23 Ndamukiza 2016, 07:48, par america
ewe mukama tabara abarundi
25 Ndamukiza 2016, 11:07, par VYIZIGIRO BEURRA
Senga Imana Niyo Yonyene Yogutabara Uburundi Nababutuyemwo!!