Bujumbura : Amagerenade yatewe mu bibanza bitanu bitandukanye

Yanditswe na
Kuya 15 Ruhuhuma 2016 saa 11:13
Yasomwe : 37089
0 0

Abantu baharurwa muri cumi nibo bamaze kumenyekana ko bakomerekejwe n’amagerenade yatewe mu bibanza bitanu bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bitero vyibonekeje kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha zibiri.
Abantu umunani bakomerekeye kuri station y’igitoro ya Interpetrole iri hafi ya Hotel NOVOTEL, imbere y’ikibanza citiriwe ukwikukira. Babiri bandi bakomerekeye muri zone Buyenzi, bakomerekejwe na Gerenade yatewe imbere y’ishami ry’ibanki BCB aho nyene mu Buyenzi, (...)

Abantu baharurwa muri cumi nibo bamaze kumenyekana ko bakomerekejwe n’amagerenade yatewe mu bibanza bitanu bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bitero vyibonekeje kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha zibiri.

Abantu umunani bakomerekeye kuri station y’igitoro ya Interpetrole iri hafi ya Hotel NOVOTEL, imbere y’ikibanza citiriwe ukwikukira.
Babiri bandi bakomerekeye muri zone Buyenzi, bakomerekejwe na Gerenade yatewe imbere y’ishami ry’ibanki BCB aho nyene mu Buyenzi, hakaba n’iyatewe mu Ngagara muri karitiye ya gatanu.

JPEG - 50.7 ko
Abaporisi bariko bahanagura ahari amaraso y’abakomerekejwe n’izo gerenade

Izindi gerenade zibiri zatewe imwe kw’isoko kwa Siyoni, hamwe n’iyindi mu kibanza badandarizamwo amashurwe mu gisagara ca Bujumbura (Maison Fleurie), imbere y’ishure rya Athenée Primaire.

Abari kuri station y’ibitoro ya Interpetrole bavuga ko babonye ikintu gitembagara kiri mu kamwanya, baca bumva kiraturitse.
Muri zone Buyenzi, grenade na yo nyene iri mu kamwanya, yatewe imbere ya banke ya BCB.

Abanyagihugu bari ahatewe izo gerenade, yaba kuri station y’igitoro ya Interpetrole iri hafi ya Hotel NOVOTEL canke imbere y’ishami ry’ibanki BCB mu Buyenzi, bavuga ko babona ikintu gitembagara kiri mu kamwanya, mu nyuma gica kiraturika.


Kumenyekanisha

1
Janvier 16-02-2016 à 15:17

ABO BARIHENDA BARONDERA ICO BATAZOFATA.

2
KANEKERE 15-02-2016 à 21:09

Abo bene Yuda bakorivyo icobabereye ciza iyaba batavutse!!

3
Ndi Kingwendo 15-02-2016 à 18:42

None Abobagizi Banabi Nimwe Rede Tabara Ariko Abonyene Bica Nibno Bobatoyo Urya Uwawe Ukinovora Intuntu

4
Kegis 15-02-2016 à 16:24

ABo ni SINDUMUJA ntabandi

5
kamaro 15-02-2016 à 15:04

yemwe mwabantu mwe ndumiwe!! kumbe ukutavuga rumwe nareta nugutera za grenade mubanyagihugu!!. abarwanya reta bose turababonye!!!! nabicanyi gusa......

6
Burundi Jean 15-02-2016 à 13:59

Mbega Ibijuju Vyabantu Urashobora Gutera Gerenade Abana Canke Bantu Bariko Birenganira Ugaca Uvuga Ngowateye Manda? Uriko Umenja Ivyo ukeje Umenye Ko Uzovyishura Ume Nye Ko Kirya Kibanza Cumukuru Wigihugu Ataricawe Kirimwo Abagabo Bashitse Ubugabo

7
Matabaro 15-02-2016 à 12:11

Uburundi numurima wisanga rero kunda wicare nabo wanka ushaka muganire none ubu hoho wirigwa winyegeje mumwobo nkinkezi niho ubona kuri igihangange sinzanye yugaheba iyo mamnda ukabaho kumahoro. Ingorane ufise ubu naho woyiheba ntibigikunda kuko amaraso umaze gusesa ni menshi agasho karakurindire
Pore sana
Abarundi bavuga bati
Nkunda kurya yariye igifyera kimumena itama
kuri president P

8
WASAFI 15-02-2016 à 12:05

NUKURINUBWOTWIHAGARARAKO NGAMAHORONIYOSE TWARINJIRANWE KUKONTAKUNTU IBINTUKIVYO VYOBERA AHANTUHATANDUKANYE BIKABERA ISAHIMWE IKIBABAJE NUKOBIGIRAMWO INZIRAKARENGANE MANA GIRA UTABARE ABAWETUTARASHIRA KUKA ABADUTWARA NTAKIZERE TUKIBAFITEKO

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha