IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Igitigiri c’abantu bahitanwe n’imvura y’isegenya kiguma (...)

Bujumbura : Igitigiri c’abantu bahitanwe n’imvura y’isegenya kiguma ciyongera

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bari mu kangaratete, inyuma y’imvura y’isegenya yaraye iguye ihitana amazu menshi n’abantu bitavye Imana, abandi benshi barakomereka, bakaba bariko bavurirwa ku bitaro bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura. Igitigiri c’ivyononekaye kiguma congerekana uko umwanya ugenda, abanyagihugu bagasaba abagira neza kubagarukirako.

N’aho ikirere ciriwe kimeze neza mu gisagara ca Bujumbura ku munsi w’ejo kuw’Imana, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, umuyaga mwinshi waratanguye, ukurikirwa n’imvura y’isegenya yahitanye amazu menshi muma komine cane cane aherereye mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Muri komine Cibitoke, Kamenge na Buterere, imiryango imenyesha ko yaraye yicaye, kuko yatewe n’amazi yinjiye mu mazu. Gushika mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, iyo miryango yari ikigerageza gusohora ayo mazi. Bamwe mubagize iyo miryango ntibaratorwa irengero, abandi nabo bakaba batowe ibiziga mu turere batashobora kubamenya, aho twobabwira nk’ikiziga c’umwana catowe aho bita kuri "Main d’oeuvre", abanyagihugu babonye ico kiziga bakamenyesha ko batashoboye kumenya uwo mwana. Muri Komine Isare, abanyagihugu batandatu nibo bamaze kwitaba Imana, abagera kuri munani nabo bakaba batarakorwa irengero. Aho bita mu Gatunguru, abamaze kumenyekana bitavye Imana bagera kuri mirongo ine na batanu.

Inyuma y’ayo mazu menshi yabomotse, n’abantu bitavye Imana, iyo mvura y’isegenya yahungabanije uruja n’uruza, kuko amabarabara amwe amwe atariko arakora. Gushika mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, ibarabara rikuru Bujumbura-Bugarama ntiririko rirakora kubera ryuzuyemwo ibibomoka vy’amazu n’ibiti vyatwawe n’iyo mvura. N’ibarabara rikuru muri komine Buterere mu gatondo ko kuri uwu wa mbere ntiryariko rirakora.

Igitigiri c’ivyononekaye n’abitavye Imana kibandanya congerekana, tukaba tuza kubigarukako mu makuru yo hanyuma. Mukurundira mwomenya ko ibitaro Roi Khaled vyarengewe n’igitigiri c’abakomeretse, bagasaba ko bobisahiriza mu kubironsa ayandi mazi.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, abicishije ku muhora wiwe ngurukanabumenyi wa facebook, yahojeje imiryango y’ababuze, amenyesha ko ahagaritse ibikorwa vyose yari afise kuri uwu munsi wa mbere, kugira akurikirane ubwiwe ico kibazo c’iyo mpanuka y’imvura y’isegenya yaraye isubiriye guhekura abarundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Imana ibahe iruhuko ridashira

  • CNDD ibyo izakwegera uburundi nukubyikoreza amaboko abiri. ibi biva kuri barya bakenyezi baherutse kwikura impuzu bagahenera umukuru w’igihugu. Abasgaye mwihangane

  • Ndahojeje imiryango yabuze ivyabo nababo imana Iibahe kwihangana

  • kamwenubusa ivyo uvuga ntaho bitandukaniye n’ubusa nyene. urwanko wanka uwo mugambwe biraboneka ko rwakwogeje mu mutwe hasigara ata kindi kiriyo atari rwonyene gusa. va i buzimu uje i buntu.

  • KAMWENUBUSA URIKIJUJU,UZOZE USOMANEZA

  • @cnd, hamwe na nduwimana mwebwe murakanura ariko ntimuraba, mufise amatwi ntimwumva BARYA BAKENYEZI BAKUYE AGAHUZU BAKEREKANA IBICE VYABO VY’IBANGA(INTIMACY) ntimugirengo biraheze N’AKATARAZA KAZAZA canke reka mvugengo AKARINYUMA KARAHINDA. Harya mwarahumiwe nuko mutemera

  • Ubwambere ndahojeje imiryango yabuze,bihangane.Hama rero leta ishireho umugambi wogukingira igisagara.Iherere muri rural iryamisozi iri gusa iteye isoni ,ababijejwe babirabe,inzuzi,canal d’evacuation hamwe na Tanganyika.

  • Mbanje guhoza imiyrango yabuze.kuva aho mboney’ayamakuru kuri tv narize amarira menshi kubona uburundi buhura nivyo vyago vyimvyura mwihangane.kand’imana ihe iruhuko ridashira abantu bose bahasiz’ubuzima nosaba reta kwita kubantu bose bahakomerekeye cankese basomye nturi kandi mugerageze muduhe nkahantu twoshisha inkunga cankese ikintu carico cose cofasha abo bene wacu bahuye nivyago naho turi kure yabo umuntu yo kohereza imyenda amakaye yabana amakaramu kuko vyonse vyatwawe nu mwuzuri twifatanije namwe muri ibi bihe vyakababaro.

  • mbanje guhoza imiryango yabuze ivyabo na babo mwihangane kwisi nuko bimeze.hama barundi bene wacu muzogeza ryari Gupfa imigambwe?muze twubake igihugu cacu natwe turabeko twotera imbere nkabandi.abandi bajimbere ariko tweho dusubirinyuma nkibirenge muve mudyane zi migambwe za moko nizamatongo.mugomba kumenyako iyisi canke igihugu tuzogisiga uko twagisanze.arko nyuma yavyose harho urubanza rwivyo twakoze.none sexe murundi Mwenye mama urumva urubanza uzorutsinda?habwirwa benshi hakumva benevyo.gusa igihe tugezemwo nico gutandukana ni bibi tugakora ivyiza kuko nisi igeze kumusozo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.