IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura: Ikubagurwa ryagiriwe Mariya mu gipolisi ntaryo baramenya

Bujumbura: Ikubagurwa ryagiriwe Mariya mu gipolisi ntaryo baramenya

jeudi 26 Nyakanga 2013

Inyuma yaho abandandariza mu mabarabara yose yinjira mu gisagara ca Bujumbura bose birukaniwe, ko kizira kikaziririzwa kudandariza aho hose mu mabarabara, ko vyiza boja mu bibanza bizwi, ukutumvikana hagati y’abapolisi n’abo banyagihugu niko kwibonekeza cane mu masaha yo kumugoroba.

Abo badandaza ivyamwa bagiriza abapolisi ko bakoresha inguvu mu kubirukana, kandi ko babasesera ivyo baba bariko baradandaza, mu gihe bamwe muri bo bavuga ko badandariza mw ‘isoko nkuru ya Bujumbura itarasha ngo itokombere. Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 Nyakanga uyu mwaka kuva igihe c’isaha zibiri z’ijoro hakaba hari imishwamirano hagati y’abo bapolisi, n’abadandariza ivyamwa n’ibindi mu mabarabara. Umwe mu bakenyezi yitwa Mariya wo mu Kinama akaba yarakubiswe imigere n’abapolisi, ndetse akaba yamaze ikiringo c’isaha n’igice aryamye mw’ibarabara, atarajanwa kwa muganga, ndetse asa n’uwatakaje ubwenge.

JPEG - 142.8 ko
Bamwe mu bakenyezi birukanwe bahora badandariza mw’ibarabara

N’agashavu kenshi, abo badandariza mu mabarabara yinjira mu gisagara ca Bujumbura, bakaba baciye baryama hasi, barazibira amabarabara aca ahahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura. Naho abapolisi baje, bikaba bitoroshe ko abo bazibiye amabarabara bahava, ndetse n’imiduga yarengana bikaba vyaragorana, imwe yo ikaba yahitamwo gusubira inyuma. Igihe c’isaha zine z’ijoro zibura iminota itanu, uyo mupfasoni yakubiswe akaba ariho yajanwa kwa muganga, haserutse umugiraneza, aramurihira umuduga umujana mu bitaro vyitiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore.

Ku bw’icegera c’umuvugizi w’igipolisi Petero Nkurikiye, yabariye ikinyamakuru IGIHE ko ivy’uyo mupfasoni Mariya atavyo aramenya, ko ariko iyo hagize uwuhohoterwa bikaboneka, asabwa kwitura inyamiramabi, kandi ko umupolisi aba yagiriwe n’ayo makosa yo guhohotera umuntu, aheza agahanwa bikurikije amategeko.

Nkurikiye akaba yatumenyesheje ko muri iyi minsi bariko barakura abantu badandariza mu mabarabara yinjira mu gisagara ca Bujumbura, bakurikiza amategeko kandi atanguvu zigiyemwo, ahubwo hakoreshwa ubuhinga, abapolisi nabo bagaheza bagacungera ibibanza biba vyarimwo abo bantu bidakurikije amategeko.


Aristide Nizigire

Messages

  • nukuvuga uburundi bwabaye nkakaguriro? Twe turi mumahanga ivyo ntitubibona aho umwene gihugu akubitwa na police,mbe ubwo burundi butwarwa naba police? None mumahanga tuzataha gute mu burundi induru iri urutavanako? Abarongoye igihugu c`uburundi barihe se? Nibafate ingingo yo kubaha umurundi ari mugihugu ciwe,iyo migambwe bayireke kuyishira imbere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.