IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bujumbura:Isanganya ry’imodoka ryabereye imbere y’ihoteri Water (...)

Bujumbura:Isanganya ry’imodoka ryabereye imbere y’ihoteri Water Front

vendredi 21 Kigarama 2012

Mu gitondo co kuri uyu wa kane niho twasanga umuduga wagize isanganya , umuntu yihweje ingene warumeze biratangaje kandi biranagoye kumenya icateye iryo sanganya ,ico twashoboye kumenya nuko ata muntu yahasize ubuzima.

Mu bantu bose twasanze bashengereye ahabereye iryo sanganya nta n’umwe yashoboye kumenya icateye iryo sanganya .Ariko ico twashoboye kumenya nuko abantu bane bari muri iyo modoka buvuyeyo bakomeye.Iyo modoka ifise numero C 5745 A, yakorewe mu gihugu c’Ubudagi ,yataye ibarabara mwijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 19 .

Ivyo bikaba vyabereye ahahurira ibarabara ryitiriwe Uprona n’iryitirigwe ununyagihugu w’umurundi ,Avenue du people Murundi.Ivyononekaye akaba ari uwo mu duga biboneka ko uruhande rw’imbere rwabaye nabi cane hamwe n’uruzitiro ruri imbere y’ihoteri Water Front.

Amakuru twaronse munyuma atumenyesha ko hari igihe c’isaha y’indwi z’ijoro ,aho iyo modokari yariko izanana ibarabara ryitiriwe Uprona igeze aho rihurira niryitiriwe umunyagihugu w’umurundi ,aho gukata ija mu kuboko kw’ukuryo yaruhukiye mukigo c’ iyo hoteri ibanje guhitana ibirokosima bihakingiye , n’ibiti vy’amashurwe.Abantu bayibonye bati n’’ibitangaza vy’Imana kubona iko imodoka imeze abantu bakaba bavuyeyo badora.

Nkuko bamwe n’abandi babivuga ngo si iryambere isanganya nk’iryo rishitse muri ico kibanza nyene ,abagendesha imiduga bakaba basabwa kwitonda kuko ngo kenshi amasanganya nk’ayo aterwa n’umuvuduko munini na cane cane muri iyi misi mikuru irangiza umwaka.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.