IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura Rural: Ibikoresho vy’umurwi CENI vyaraturiwe

Bujumbura Rural: Ibikoresho vy’umurwi CENI vyaraturiwe

samedi 23 Rusama 2015

Ibikoresho vyo mu matora vy’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI vyarahiye biratokombera bituriwe, mu gihe vyari bijanywe mu Kanyoshe mu ntara ya Bujumbura Rural.

Umuvugizi w’umurwi CENI Prosper Ntahorwamiye,yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko,ivyo vyabereye i Mayuyu mu ntara ya Bujumbura Rural, aho ivyahiye vyari bigizwe n’ubwiherero batoreramwo(Isoloirs) hamwe n’amasandugu yo gutoreramwo(Urnes).

Kubwo umuvugizi wa CENI,mu baturiye ivyo bikoresho,hoba harimwo abanyeshure bo muri kaminuza ubu bari muhira,kuko imbere y’uko babiturira babanje kubereka amakarata y’abanyeshuri bo muri kaminuza bababwira ko nabo nyene batariko bariga.

Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko ivyo vyaturiwe bizosubirizwa,ariko akamenyesha ko hari amakenga ko bibandanije ukwo ibiri mu bubiko vyose bishobora guhera bigatuma haba ingorane mw’itunganywa ry’amatora.

Mwomenya ko amatora yari ategekanijwe kuwa 26 rusama yunguruijwe kw’igenekerezo rya 5 ruheshi,n’itegeko ry’umukuru w’igihugu.


Van Naris

Messages

  • ahubwo baturiye bikeyi!iyo baturira ivyigihugu cose.ahubwo ndabahaye courage vraiment!ahubwo nibindi rondera iyo biri mubiturire

  • Izindi ntara murindiye iki kubiha umuriro? Twebwe twarahejeje kera. Amatora avec Nkurumbi àla tête, Jamais. Bashake bareke konona amahera y’igihugu.

  • J mbona nibindi bizohava biturira kuko ntamatora ashoboka mugih nkik!

  • ahubwo plan d’action les manifestants twokwiha iyindwi itangura ni uko twoja gututira irya nzu CENI ikoreramwo,,,,kuko amatora akaba peter azoyiba atacamira

  • UKWO NUGUSHAKA GUTOBA AMATORA

  • Erega sivyo gusa, nivya commune Mugongomanga vyaratuririwe mw’Ijenda. Ariko Ntahorwamiye, reka kubeshera abanyeshure ba kaminuza kuko vyaravuzwe ko vyaturiwe nabari mu myiyerekano. None wari witeze ko uzotegura amatora ya bamwe abandi bari mu buhungiro nkuko umengo si abarundi? Murashobora kuvuga ngo umutekano urakwiye kubice 99% kandi muzi neza ko abanyeshure batariko bariga?

  • yo kubiturira sivyiza m abanyeshure mureke kubakora munkovu mwababujije kwiga none ngo nibobabikoze?ntitwovyemeza! nih mwabonye uwukora ikibi akabanza kwivuga i

  • Mw’i jenda ntibitangaje ni mu batutsi gusa badashaka amatora na democracie ,baramaze abahutu n’imigano mu 72,rero ntibitangaje,none rwasa azokwitoreza he ko aho muri buja rural ariho yari yizeye amajwi na makeya?Aho bibaza ngo bariko bakorera ikibi cnddfdd,murihenda!

  • Uriko urihweza umwe wese ariko yironderera inyungu ziwe,ntakuntu woba userukira uburundi,apana abarundi,ukavangura uburindi ukabucamwo kubiri uvuga ngo aba nakazi kabo kobarya batekanye,amatora ntashoboka mugihe umurundi ashonje.

  • ABOBANTUBABITURIYEBAKWIYEGUHANWA...NDABABAYE!

  • Ico mbona co Peter iyi mandat ntayo azotwara. Akataraza kari inyuma.

  • Ico nikimenyetso cuko atamatora ashoboka muriki gihe mu burundi!! ahubwo iyo CENI na Leta yaba DD ni bogozwe vuba!!!

  • ekada!!!murabeshera kumwe mwabirukana mundaro mubesha ko aribo bateye umutekano muke mugisagara none mugire mubambike ibara?ewe leta mbi uzotuvako turushe/ariko ntaco imana iradukunda izodukiza akarenganyo na kanderezo:hama namw banyeshu mwihangane ibitirimwo birimukurangira kaza roho imana isumba ingabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.