IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura Rural:Umuntu umwe yishwe n’abantu bataramenyekana

Bujumbura Rural:Umuntu umwe yishwe n’abantu bataramenyekana

samedi 12 Nyakanga 2015

Umuntu umwe yarishwe n’abantu bataramenyekana ku mutumba wa Mutobo,zone Rukina,komine Mukike ,intara ya Bujumbura,mw’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Nyakanga 2015.

Uwo yaraye yishwe azwi kw’izina rya Barasokoroza Barnabe akaba yahora yigisha kw’ishuri rya Rurambira II,aho mu ntara ya Bujumbura benshi bazi nka Bujumbura Rural.

Amakuru ava mu banyagihugu bo kuri uwo mutumba,akemezwa n’abategetsi ku rwego rwa komine,amenyesha ko ubwo bwicanyi bwabaye nk’isaha imwe n’igice z’ijoro,igihe uwo yishwe yariko arataha ku muhana iwe.

Aabajejwe intwaro muri komine bamenyesha ko abakoze ubwo bwicanyi bataramenyekana,ariko ko amatohoza yamaze gutangura.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.