Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura Rural:Umuntu umwe yishwe n’abantu bataramenyekana
Bujumbura Rural:Umuntu umwe yishwe n’abantu bataramenyekana
samedi 12 Nyakanga 2015
Umuntu umwe yarishwe n’abantu bataramenyekana ku mutumba wa Mutobo,zone Rukina,komine Mukike ,intara ya Bujumbura,mw’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Nyakanga 2015.
Uwo yaraye yishwe azwi kw’izina rya Barasokoroza Barnabe akaba yahora yigisha kw’ishuri rya Rurambira II,aho mu ntara ya Bujumbura benshi bazi nka Bujumbura Rural.
Amakuru ava mu banyagihugu bo kuri uwo mutumba,akemezwa n’abategetsi ku rwego rwa komine,amenyesha ko ubwo bwicanyi bwabaye nk’isaha imwe n’igice z’ijoro,igihe uwo yishwe yariko arataha ku muhana iwe.
Aabajejwe intwaro muri komine bamenyesha ko abakoze ubwo bwicanyi bataramenyekana,ariko ko amatohoza yamaze gutangura.
Van Naris Mugisha
Messages
16 Nyakanga 2015, 20:37, par John
TURAHOJEJE UMURYANGO WABUZE DUSAVYE DUSHIMITSE ABAJEJWE UMUTEKANO GUKORA IBISHOBOKA VYOSE KUGIRANGO BAHASHE IZONKOZI ZIBIBI.
17 Nyakanga 2015, 06:40, par VYENYE
GEZAHO.UBWICANYI.BARUNDI.NDAHOJEJE.UMURYANGO.WABUZE.BIHANGANE