IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bujumbura: Umusore yashurashuje umwigeme mu muduga

Bujumbura: Umusore yashurashuje umwigeme mu muduga

dimanche 9 Kigarama 2012

Mugihe imvura nyinshi yaguye kwigenekerezo rya 6/12/2012 ku mugoroba yariko irahita , umusore yashurashuje umwigeme mu muduga kandi kwibarabara.

Birumvikana ko inyuma y’imvura haba hakanye cane. Uyu musore wewe ntiyagomvye gucana Imbabura ngo arondere ubushuhe ahubwo yasavye uwo bari kumwe ko bosusurutsanya. Nuko hari kumugoroba wo kuwa kane kwibarabara Ruheshi muri komine kinindo haruguru gatoyi y’ákabarEekitwa ‘’DES ACCOLADES’’ nk’isaha imwe yo ku mugoroba. Umusore n’umwigeme bari mu muduga umwe bahagaritse umuduga kw’ibarabara, ntumbaze nimba uyu mwigeme yari umu Cherie wiwe canke umuhabara wiwe.

Nuko kubera ari kw’ibarabara riri hafi y’akabare abantu baba ari benshi baja kwizimya akanyota, basanga umusore n’umigeme mu modoka rwambikanye bariko bahindura udu ‘’posteri’’ canke udu ‘’positions’’ twose dushoboka mu muduga, ni nde ari hasi ninde ari hejuru ? Nk’uko twabibwiwe na benshi mu babibonye bati:’’ iryo n’ibara ku mutemere ,ntibisanzwe ko abantu bagira ibintu nk’ivyo kw’ibarabara. Baraduhamagaye dusanga igikorwa nyezina caheze, bene kubikora bagiye. Gusa twahasanze abantu benshi bibaza kubihejeje kuba’’.

Bamwe mu rwaruka twahasanze batubwiye ko ivyo ari ibisanzwe ko umugabo afashwe n’umusonga ari kumwe n’umutabazi, ntacotuma ativuna umusonga. Abakuze bo bati ‘’ako ni agahomera munwa,isi iraheze aho abantu basigaye bashurashurira kw’ibarabara noneho kandi ry’isanganiro’’. Wewe ubivuga ko iki? Jew impanuro notanga n’uko umuntu yo kwihesha iteka n’icubahiro kandi tugaharanira ko umuco wacu udatituka .


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.