Bukirasazi: Umukuru w’igipolisi yarapfuye arashwe n’abantu bataramenyekana

Yanditswe na
Kuya 24 Kigarama 2015 saa 06:03
Yasomwe : 81549
0 0

Umukuru w’ikirindiro c’abapolisi muri komine ya Bukirasazi mu ntara ya Gitega yarishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana.
Uwo yaraye yishwe azwi kw’izina rya Nahimana Victor yishwe mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 23 Kigarama 2015.Amakuru ava aho i Bukirasazi amenyesha ko yishwe nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro.
Ayo makuru amenyesha ko abantu bitwaje inkoho binjiye basaba abari ho bose kuryama bubitse inda baca babwira ko uwuvyura umutwe wese baca bamurasa. Mu gihe uwo mu polisi (...)

Umukuru w’ikirindiro c’abapolisi muri komine ya Bukirasazi mu ntara ya Gitega yarishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana.

Uwo yaraye yishwe azwi kw’izina rya Nahimana Victor yishwe mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 23 Kigarama 2015.Amakuru ava aho i Bukirasazi amenyesha ko yishwe nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro.

Ayo makuru amenyesha ko abantu bitwaje inkoho binjiye basaba abari ho bose kuryama bubitse inda baca babwira ko uwuvyura umutwe wese baca bamurasa. Mu gihe uwo mu polisi yari avuye kugura ikarata yo gushira amafaranga yo kuvuganirako muri Telefone niho abo bagizi ba nabi bamurasa bikanze ko yoba afise ikirwanisho kuko yari yambaye impuzu z’igipolisi.

Uretse uwo yitavye Imana,impuzu ,amafaranga n’ibindi bidandazwa vyarivye nabo bagizi ba nabi,imbere yuko bahunga atanumwe amenye iyo bahungiye.

Ayo makuru aremezwa n’uwurongoye igipolisi mu ntara ya Gitega Marc Hakizimana akamenyesha ko abo bantu bari abagizi ba nabi kuko inkoho y’uwo mu polisi canke icuma co gutuma tumanako amakuru batabitwaye.


Kumenyekanisha

1
DUSABE YIVS 4-05-2016 à 14:13

NON BOBA BARAMENYE ABAKOZ AKO KABI KABISHE ?

2
Eric 3-01-2016 à 20:30

Kotwumva Ngo Nyakubahwa Pita Nkurunziza Ngo Yafaswe Nivo?

3
ELIPHAZI NYANDWI 26-12-2015 à 22:36

Ndahojeje umuryangon’igihuguvyabuze .

4
ndayisaba jean-marie 25-12-2015 à 09:25

nyabuna turinginze imana nk’umuvyeyi wacu itabare igihugu c’uburundi kuko niwe mutabazi mukuru .

5
INTAGOHEKA 24-12-2015 à 23:39

NKAJEWE NDUMUNYABUKIRASAZI NDAHOJEJE UMURYANGO WABUZE

6
Nike John 24-12-2015 à 22:25

Abobicanyi Ntigitinyanimana? Mugabonabo Amaherezo Bazicwa

7
Bachelier 24-12-2015 à 20:12

ubu dusigay twiteze ugukingirwa n’imana Yonyene Kuk Ndabona Abitwa Ngo Ni Abajejw Umutekano Batakibishoboye.

8
NDAYISHIMI 24-12-2015 à 19:02

UBWOBWICANYI.BUZOGEZARYARI,
NTIBAGITINYA.NIMANA.UWUKORA.
IVYOVYOSE.BABIKORA.BAZINGO,
BAGIRANEZA.BAZOBIBAZWANI,
MANA.
UWOYARAYE.AFVUYE.IMANA.IMANAIMWA.
KIREMUBWAMIBWAYO.AMENI.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha