Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bunyoni:" Igikorwa co kugarukana umutekano mu gisagara kigeze ku ntambwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bunyoni:" Igikorwa co kugarukana umutekano mu gisagara kigeze ku ntambwe (...)

Bunyoni:" Igikorwa co kugarukana umutekano mu gisagara kigeze ku ntambwe ishimishije"

dimanche 27 Nyakanga 2015

Umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni amenyesha ko mu mahangiro ane bihaye mu kugarukana umutekano mu gisagara,yose bayashitseko ku bice birenga mirongo umunani kw’ijana.

Mu mubonano ari kumwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi bagiranye n’abajejwe umutekano mu karere k’uburengero,Alain Guillaume Bunyoni umushikiranganji w’umutekano,yavuze ko ihangiro rya mbere ryari iryo kwisuganya mu bijanye n’abakozi,uburyo n’ibikoresho,iryo naryo barishitseko ku bice ijana kw’ijana.

Kubwo umushikiranganji w’umutekano ihangiro rya kabiri ryari iryo gutororokanya abahinga batandukanye bivanye n’imirimo yari ikenewe.Alain Guillaume Bunyoni avuga ko abasirikare n’abapolisi b’abahinga bari bakenewe bose babonetse.Iryo hangiro naryo ryashitsweko ku bice ijana kw’ijana.

Ku bijanye n’uruja n’uruza mu gisagara,umushikiranganji w’umutekano avuga ko ryari ihangiro rya gatatu.Kubwiwe,iryo hangiro ryashitsweko ku bice 77 kw’ijana.Muri ico gisata Alain Guillaume Bunyoni avuga ko uruja n’uruza mu mabarabara ruba ata ntambamyi,kandi n’igikorwa co gukizura gikorwa n’abajejwe umutekano.

Ihangiro rya nyuma ryari kugarukana no gutsimbataza indero mu nzego z’umutekano.Alain Guillaume Bunyoni avuga ko hari abajejwe umutekano bagiye mu myiyerekano ,hakaba n’abafashe ibirwanisho vyategerezwa gukingira abanyagihugu babihindukiriza kuri bo hamwe n’ababarongoye. Iryo hangiro ryashitsweko ku bice 85 kw’ijana.

Mwomenya ko uwo mubonano wabaye mu ntumbero yo kwihweza aho igikorwa inzego z’umutekano zasabwe n’umukuru w’igihugu ko zoba zagarukanye umutekano mu gisagara mu kiringo c’amezi abiri kigeze,inyuma y’ukwezi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ibyo Bunyoni avuga nibyo . Ubu Bujumbura iratekanye . Usibye ko hari aba sans echec batarava kwizima abo rimwe na rimwe batera ama grenade. Gusa barabeshya bazajya batera grenade imwe hafatwe inkozi z’ikibi 20. Nizeye ko bazafungwa burundu bakumva abo baginga.

  • Bamureka Kubesha Abarundi Ko Umutekano Ari Wose, Datawanje Abanyagihugu Birirwa Baragandagura Bo Ndazi Ko Ataco Bigutwaye. Kudera Iki Ugendera Muri Charroi Yose Ya Keta N’ I Bataillon Y’ Abapolisi? Ko Wagarukanye Umutekano W’ Abanyagihugu, Unanirwa N’ Ukugarukana Uwiwawe? Uhenda Nde?

  • Rekuza amatama Bunyoni ahishiye nkumurwayi wa Kwashiorkor,umutekano wawugarukanye murugo kwaso na nyoko twebwe iyo bukeye dushima UMUKIZA.

  • turabamenyesha ko nubwo mu burundi hali umutekano ko ubu nkurunziza yahungiye igitega. nokujya muli surwumwe bagomba kumuherekeza , umutekano mu burundi ni ijana kwi jana. umukuru wigihugu ntamutekano afite wowe uwufite gute ..gute ? ndakubaza gute?

  • ibiziga vyirirwa biratorwa ngo har umutekano! manyina nivyo kwari mwe mubica!!!

  • nonese kuki umukuru wigihugu yahungiye igitega?
    amabariyeri yuzuye igisagara. ese kuki utagendera mumuduga umwe? widuhenda sha.

  • Twahora dusoma muri Bibiliya ivyashitse k’umwami Farao. Sinibaza ko Nkurunziza n’ibikorane ahora akoranya yobaye Farao w’i Burundi!

  • Twahora dusoma muri Bibiliya ivya Farao wo mu Misiri
    sinarinzi ko yosubiye kuvukira muburundi akabaho yitwa Nkurunziza!

  • Iyi nterahamwe yiyita mututsimwiza iminsi yayo iraharuye. Ntusubire gufyina n’abatutsi. Ntiwogenda mu Rwanda tukaraba. No ngaho uri buca ubona yuko abatutsi atari abo gufyinako. Ivy’umutekano navyo ntibabandanye babifyinako bashiramwo agahemo, iyo utora ibiziga kw’ibarabara ricako ingenzi nk’irya aeroport, wategerezwa kugira agahinda, ariko ako kagirwa n’uwufise umutima.

  • Ariko ivyo uvuga ubivuze wiyumviriye canke uriko urarota? erega amaraso araboreza mwanyoye meshi muriko muradadabirana ntimukimeya ivyo muvuga. Mugabo mumenye ko vyose Imana izobibasubiza kumitwe.Imana iyo igoroye ukuboko ntawuyikora mu nkokora! Aho wewe urazi ko amajambo yose uvuga tuyabika abawe bose azobakurikirana!!

  • @papi
    Ahantu hari umututsi nta mutekeno uhaba,mbega burya warigeze ubaho mu burundi?Ahubwo nkurunziza atabikoze uko yoba yibagira vuba iyo mwashize se bande de sanguinaires

  • tinyimana nyoni?abarundi sibijuju

  • Mwamaze abana b,Uburundi none ngo amahoro arengako!Erega niko mwikuye umwansi kw,izosi ,aba mwashaka guheza mwabahejeje none kubwanyu n,umutekano ntengere 100 pour 100!Emwe bayina nimwivugire mwari mugerageje ntubesha pe! Abari mugihugu murahejeje none muriko muhamagara abari mu Rwanda ngo muzimanganye ntihazosubire baboneka nuwo kubara inkuru....!Ubwoko ntibihona ngo buherengetere mwa bijujumwe,abahunze bazohunguka ,kandi bazoza ari beza muzobabana, umunsi muzoba imbere y,intahe uze wunamure amaso urabe abazoba baja kukwagiriza ko batazoba barimwo!Nimbi ufise ubwenge ibindi vyibwire sinovuga vyose nkuriko araga!

  • Ariko fidelite Ko Uri umunyamacakubili wagahebuza abatutsi mufiki??mbe abo ba tutsi uvuga nibo bishe aba FNL batawe muri ruvubu??abo batutsi nibo baturiye isoko gushika n’ubu mugisagara hakaba huzuye agashomere katagira uko kangana??mba yandege y’igihugu yagurishwa yagurishijwe n’abatutsi??mbe abahutu bincabwenge Bose bangaye bangajwe n’abatutsi??mbe adolphe Ko yishwe yoba yarishwe n’abatutsi??mbe mutama Pierre Claver Ko yahatswe kugandagurwa yoba yarahakijwe n’abatutsi??mbe Bikomagu Ko yishwe yoba yarishwe n’abatutsi??mbe Leonce ngendakumana;Sylvestre ntibantunganya;Dr Jean minani ba Rufyikiri nabandi nabandi Bose batemera 3eme mandat Bose n’abatutsi?? vibuzimu uje ibuntu;wugurure amaso akanure ubone..muriko mugandagurwa n’umutware wanyu.ico womenya n’uko abafise ivyiyumviro nkivyo vyawe muri bake.abarundi twarize turamaze kumenya ikibi n’iciza...umwansi w’uburundi ntabwo Ari umuhutu canke umutufsi.umwansi n’umwe gusa.n’umutware mubi atwarira kugikenyi.kandi agatwara arenze amasezerano yi Harusha akongera akarenga na Constutition y’igihu.nawe si uwundi n’uyo Nkurunziza nakarwi kiwe..nayo wewe nayo macakubiri yawe ntaco uvuze.kuko wosanga woba wararonkejwe akazi canke bource canke visa yokuja hanze nivyo binywa maraso.ariko umenye Ko abarundi Bose yaba umuhutu;yaba umututsi;yaba umutwa Bose nabarundi kandi bategerezwa kubana muri kirya gihugu.

  • Mbega kabunyoni kariyàmbiza?nagakongole

  • Umutekano uriho,ariko wewe wumvako ukwiye guhinyuza uyumushikiranganji mukwica abawe nababanyi urabikora kandibirakunda kuko ntakuntu wokwiyumvira kwica uyomunzuyawe ngobikunanire, ntakuntu woshaka kwica uwirenganira ngobikunanire, ivyonavyo tubishira mumirwi ibiri: uwambere nukuba uriko urakora nkivihebe ivyonavyo bibabiriko birandikwa kuko kugirabagushire mumurwiwivyihebe habanzaguca igihe kitarigito hanyuma bakavivura kohari ivyihebe, ivyihebenavyo habahokubihasha nubwobitumva. icakabiri numurwiwabantu bakunzekuba mubihugu nkavyose aho usanga hariho umurwi wiyemeje gukora ubwicanyi iyohagize umuntuyishakira kwaka ubuzima umuntu bafise ivyobapfa yifitiye ifarangaryiwe araheza akabashikira bakamukorera icogikorwa cokwica, aborero uzobasanga aribeshi murivyobihugu ryateyimbere ariko nongaha Burundi waratanguye mumpera zukwezi kwa 4 kwuyumwaka abarihanze bafise udufranga niwobikorako mukwaka ubuzima uwobashaka kwapfa mwenabobantu bakoreshwa nabandibantu bagakora ibara nomurikigihe mubonabantu banezerezwanuko umurundi yapfuye baranatanga amahera kugira wamubwi wokwaka ubuzima abantu wice uwobabonyewese kugira hatangazweko hapfuye umuntu kukonivyobibaha morare. Mwenivyorero uvuzengo nintambara wocuvugako ibihugu vyose birimuntambara nimwampaririza muzoce mumbarira ndabahe igihugukimwe gikomeye kandikirimwo umutekano ndababwire abantu bapfabishwe burimusi ukwobangana, babita inkozizibibi zicabantu atanikintu bosaba ngobabireke bamaho ariko abajejwe umutekano bakama bacenganacangana nabo.

  • umutekano uriho mutama komera havuye amarocket ubu ni mortier nisawa sawa mukomereze aho

  • Time 4 u 2 join Adolphe Hitler. Umutekano uzoca uboneka mu gihugu.

  • kano ga type ksrisiga produit womengo ni agakongomani

  • Barundi barundikazi namwe mwese mukunda amahor kandi mwegereye Uburundi
    soma iri bara...Ngo depuis 2006 hari umuntu azwi kandi atinywa wumwihuture qui a cree une entreprise mbisi mukibi.Iyo entreprise itora abantu bapfuye bagize accidents ou babuze ababapfuba bakaja guta muri rusizi ou ruvubu..ou bagata mwibarabara...Expectatiions Radiyo zica zisamirana ngo hari ibiziga birereta mu nzuzi ngo zishwe na ba DD via documentation.Gatoyi ivyo biziga iyo vyatawe muri entre rwanda et burundi ni agateranyo .mbega u rwanda rukeneye ko iki uburundi?Abo babitayo ni abakozi bumwihuture akeye gutwara.Gatoyi ubu yarashoboye kuteranya abahutu au point u burundi buri mubudwari dwari bitwanza ngo 3ieme mandat ya peter ngo siyo.....ko yari yarasavye ati corrigea constitution mwaravyemeye/ndabarahiye no muri 2020 azokwitoza kandi azotorwa....Uwo mu chef wa entreprise mbisi nawe Barareha na Bunyoni..turi kuri piste tuzomushengeza maze murabe ko amahoro atagaruka i burundi.Mbabajwe nabo bakwiza i bihuha ngo i burundi hari interahamwe...mbega zoba hehe ko zivuga ikinyarwanda kibisi kandi abarundi tutagikeneye abo bantu baduteranya nababanyi bacu bitwa abanya rwanda ...bunyoni komera kwibanga utuze abo bantu baroha abana eka n abandi mukudurumbanya...

  • IYO BIBILIA MWITWAZA NIYAHEHE? URYA MWITA FALAO YIMITSWE NI MANA.UMUTEKANO UTAWUBONA NTAKAWUBONE KUKO NTAWOYIPFURIZA ABANDI.

  • IYO BIBILIA MWITWAZA NIYAHEHE? URYA MWITA FALAO YIMITSWE NI MANA.UMUTEKANO UTAWUBONA NTAKAWUBONE KUKO NTAWOYIPFURIZA ABANDI.

  • Havyarimana nintera hamwe murwanda ubu mwomenya barihe? mumisi mikeya irimbere tuzoba tubaza gutyo iyo Peter na bunyini nimbinerakure zabo iyo bayongeye

  •  @umurundi
    sinirigwa ndakwishura vyinshi canke ngo mpogore,ico nkwishuye kimwe ni iki:umwansi w’uburundi na africa ni umututsi nta kindi nongeyeko.

  • Ngo baraguteye nawe imuhira ga bunyoni?Emwe murahishi inkuru!Ngo twoca twibaza ngo mwaneshejwe!?Eka noneho tuzobimenya wapfuye ataho bigihishwa!

  • Ivyo muvuga byose, umutekano niwo nshingiro rya vyose, nta mutekano nta mahoro, nta terambere, amahoro akenewe nabarundi bose, nta kurobanura, mwanka amahoro nta ngorane afise. ingaruka muzoziryako mwese.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.