IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buringa : Abapfuye bavuye gushigura uwitavye Imana ntibahurizwako

Buringa : Abapfuye bavuye gushigura uwitavye Imana ntibahurizwako

samedi 31 Gitugutu 2015, par egide

Abantu baharurwa hagati ya 10 na 16 nibo bavugwa ko bagandaguwe n’abaporisi mu gihe bari bavuye gushingura uwitavye Imana, kuri uwu wa gatandatu. Mu giporisi barabeshuza ayo makuru, bakavuga ko bivunye uwagira abatere gerenade.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko batigeze barasa imodoka yunguruza abantu yari ivuye gupfuba uwitavye Imana, mw’itongo ry’abapfuye ku Mpanda. Amakuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi avuga ko umuntu umwe ariwe yishwe kuri uwu wa gatandatu, mu masasu hagati y’abaporisi hamwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bari muri iyo miduga ivuye ku Mpanda, uwo nawe yarashwe akaba yagirijwe ko yagira atere gerenade abaporisi bashaka gusaka iyo modoka.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko mu giporisi baronse amakuru ko uwo muntu yari agiye guhambwa ari umunyarwanda azwi kw’izina rya Théoneste, ari mubari barongoye igitero cabereye ku kirindiro c’abaporisi cegereye ahari ikigo ca Centre Jeunes Kamenge. Nk’uko Petero NKURIKIYE abishikiriza, igiporisi carindiriye abo bantu i Buringa hafi y’ahari itongo ry’abapfuye, kugira inzego z’umutekano zisake iyo modoka mu giporisi bavuga ko yarimwo ibirwanisho. Abantu bari muri iyo modoka baciye batangura kurasa, nk’uko bivugwa na OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

JPEG - 95.5 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Ayo makuru yatanzwe n’igiporisi c’Uburundi arabeshuzwa n’umwe mu bari muri uwo muduga, aho amenyesha ko bategerewe n’igiporisi bavuye guhamba uwabo, abari hagati ya 10 na 16 mubari muri uwo muduga baricwa, abashoboye gukiza amagara nabo bakurikirwa n’igiporisi, abari batwawe kwa muganga nabo kubera bakomeretse barahohoshwa.

Umunyagihugu avuga ko yacitse kw’icumu muri ico gitero cagiriwe abari bavuye gushigura uwitavye Imana amenyesha ko uwo bari bavuye gupfuba ari umusore azwi kw’izina rya Djibril, yahitanywe n’urusasu rwigenza (balle perdue) kuri uwu wa kane.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko hafashwe abantu 12 mubari bavuye ku maziko, inkoho zibiri n’igerenade imwe nyene birafatwa.

OP1 Pierre NKURIKIYE avuga kandi ko abo bantu bafashwe bivugiye ko bari bafise nomero za terefone z’abaganga batagira imbibe (Médecins Sans Frontières). Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi agashikiriza ko abo bafashwe biyemerera ko abaganga bo muri Médecins Sans Frontières aribo bahora baza kubatabara n’ukubavura, mu ngwano bagira n’igiporisi c’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • None ibindi bintu mukibaziriza nibiki burundi turimugwano itegwa nabo ba senared nabacangero babo ba banyarwabda igiporisi numva cavyifashenwo neza mukugwanya uwomwansi aho hosi yozava ntibihende turimaso nehemuburundi umuntu apfiriye mumuryango afobwa nabantu 16 kandibitwaje ibigwanisho? ICO ndosaba abajejwe umutekano Bachu bakoze igikorwa nkico bazebarahamagara abamenyesha mNakuru babimenye kugirango abobaza barandika inkuru zibinyoma vabeshuzwe na maradiyo Ku KO nkizo nomero za terefone zabo baganga nisura rukomeye. Nimukomere kumuheto mugwanire igihugu catwibarutse naho bo bazohere nkifuyimijira.

  • None koyagomba abatere grenade barikuca bamureka ahubwo barakabona bamwivunye

  • Abapolisi b,uburundi ndabateye intege nimurikanure gusumba izonyanka burundi ntizibaterane intambwe.

  • Mbega Nkurikiye ubu tasoni amfise vrma iyo leta ya bicanyi niyavaho bazajahe mbega ntibabonako umugabwe uzaca umfatirwa ibihano binteye isoni erega kuyobora vyarabagoye nibaveho baho guhonya abenegihungu sinyishu ya politique amakugu yarabingize ariko nyuma bazicunza

  • muragira ngo polici ikore ite,niba yatewe igomba kuitabara,abapfuye ?,,,ahubwo murebe icyatumye bapfa!!!!ntimugashyigikire inkozi z.ibibi!!!!!!

  • Uko gisa👹👹👹👹👹

  • Uko rurekuza ibitama nkikibubusi nivyinyo nkivampile

  • Huumm Imana niyo mucamanza mukuru ni mwice abo mwica hari umunsi muzobabazwa.

  • Aho ntanisoni ugira zokuvuga? wama uvuga ubusa imisiyose. Mumenye ko namwe mufise imibiri izoja mwivu muriko murya abandi ariko namwe ntirubibagiye harasamye habarindiriye. Mumenye ko Urubanza rubarindiriye imbere yi Mana!!

  • Abarundi n’abanyamahanga bari mu vy’uburundi-umwe wese niyiyumvir’ukw’IMANA Imubona.Ashime cank Yihane yicuze asoner’amaraso y’abantu nkawe

  • MURITONDA MWABAGABOMWE UBUNAHO MUVUYE KUBABIRIGI MUGAMBA MWAMBIKE IBARA ABO BAGIRANEZA

  • Ewe sha nkurikiye na Adolf yntawarazi sha koyopfuye mwe na Desire murabantu bato cane imisi yanyu iri kurushi

  • Ewe sha nkurikiye na Adolf yntawarazi sha koyopfuye mwe na Desire murabantu bato cane imisi yanyu iri kurushi

  • Igipolisi Nigishishikare Igikorwa Caco Haraho Twotora Ka Mitende,abanyagihugu Nabo Nibadome Urutoke Uwo Wese Atunze Ikigwanisho Ataburenganzira Abifitiye Kuko Nivyo Bihungabanya Umutekano, Bapolisi Banyagihugu Mwirinde Kurenganya Kuko Uwiteka Arengeye Vyose Umuntu Wese Ico Abiba Nico Azimbura!!

  • Igipolisi Nigishishikare Igikorwa Caco Haraho Twotora Ka Mitende,abanyagihugu Nabo Nibadome Urutoke Uwo Wese Atunze Ikigwanisho Ataburenganzira Abifitiye Kuko Nivyo Bihungabanya Umutekano, Bapolisi Banyagihugu Mwirinde Kurenganya Kuko Uwiteka Arengeye Vyose Umuntu Wese Ico Abiba Nico Azimbura!!

  • Ukubesha kwanyu mutamba kumivyimba karashizingani ntihagire nuzoza araja gushinguraniteka uwiwe canke mushaka muzozemurabarya vyiza nukowokwisibirako nahahandiho ibintu bigeze habi caaaane ariko mumenye yuko muvamaraso nkayo nkayabandi muriko murica kandi ng ruriyabandi rutakwibagiye kuvugishuri ntavyokugira canke akokazo ari jewe nopfuma ndagaheba

  • abobanyagwanda.nimubirukane.muburundibwacu.barikobatudurumbanya

  • SHISHIKARA MUZEMURARASA IZO NTOVYI KUKO NINTUMVA UWANSE KUMVA NTIYANSE KUBONA

  • SHISHIKARA MUZEMURARASA IZO NTOVYI KUKO NINTUMVA UWANSE KUMVA NTIYANSE KUBONA

  • PNB korakazi mudatinya natwe turinyuma yanyu bikenewe tuzobafasha urugamba turaruzi naho twabaye dmb ntitwibagiye amagorwa twabonye nicayadute PNB komera.

  • Ntawutaziko baribavuye guhamba umunyarwanda yahora ari mubabarongoye ariko barihenda kuko dufise aba PNB babona kure nibaca mukuzimu tuzobatuma ifuku bacehejuru tubatume inkuba na 1993 twarabakoreyeko ndetse ubu twese twamaze kumenya karache PNB guguna

  • Ahubwo babarashe nabi iyo baturira nimodoka barimwo baragaswera banyina

  • bakubite iyomihi mbiri ntacob. azochi kako bamva mugwanda ngo baje gutera uburundi murahumba nti citaha inyamaz yavuze cane yiha magarira agaca namwe nuKO

  • UWOMUNTU BARI BAVUYE GUHAMBA NDAMUZI YARUMWICANYI YARI YARAGIY IRWANDA AVUKA MUKIRUNDO ,COMMUNE:GITOBE,COLLINE:BIGOMBO AHITWA MUMBIZI

  • MWAREREWE HE GA MWABAPOLICE MWE! NTANDERO MUFISE UKO MURIKO MURICA ABANDI NAMWE NIKO MUZOPHA.NTAMVURA IDAHITA

  • MWAREREWE HE GAPOLICE MWE? NTANDERO MUFISE UKO MWICA ABANDI NIKO NAMWE MUZOPHA,MWABINWAMARASO SHOBUJA WANYU AZOBATWARA MWIJURU,

  • Mubona ari abahutu canke abatutsi muduhe umuco

  • Police nireke kurementanya mbega ko desire uwamahoro atajejwe intara ya bubanza arugusaka ahomwiktse vyari gukorwa nabahariya icomwomenya nuko abantu 289 bamaze kwicwa na police arinzirakarengane naho pnb yoyo ivuga k baba arabarwanyi imana niyo yogutabara abarundi

  • Kunkumura iyo mihimbili bahambe hamwe bose bakorweko urwibutso rwimboneza mukajagari baragahona

  • Biragoye kwemera ko ivyo ipolice kivuga ko arivyo.

  • dusenge imana igifise intango kigira iherezo

  • Barundi iki nikinyoma ca pierre Nkurikiye atumw numugamb Cndd-fdd ivyo vyunvikana gute ko aba polisi bari kuja iburinga gutegera abantu bavuy kumaziko atari Mission batumwe na Nkurunziza na Bunyoni? ubu bwicany basasiy indava nabo buzobageraho.

  • Barundi iki nikinyoma ca pierre Nkurikiye atumw numugamb Cndd-fdd ivyo vyunvikana gute ko aba polisi bari kuja iburinga gutegera abantu bavuy kumaziko atari Mission batumwe na Nkurunziza na Bunyoni? ubu bwicany basasiy indava nabo buzobageraho.

  • EWE MANA TABARA TWEBWE ABARUNDI HAMWE NINDONGOZI ZACU TURAGUSAVYE UTWIBUKE NKUKO WIBUTSE AB ISRAEL BARI MURI EGUPUTA KWA FARAWO!!!!!!!!UREMEYE IMIVYIMBA Y ABARUNDI YUZURE IGIHUGU?

  • Ico Giporisi kiraryoherwa Nokwica,ivyo Navyo Bitwaza Ngo Bivunye Uwagomba Kubatera Grenade Iryo Nirementanya Ariko Nabonyene Bamenye Ko Bari Musi Yivu Kuko Ntamuntu Yica Uwundi Ngo Ace Yidegemvya.Porisi Burya Namwe ntimuriho,ubwo Bubeshi Bwuwo Muvugizi Wanyu Turabumenyereye.

  • mbega wa mwanditsi kuhengama cane! erega abarundi ubu inyanka burundi ninkunda burundi turabazi.hengama canke ureke inkorera bazungu turazizi ninkorera barundi turazizi

  • ivyobiywamarasovyabadd ntibirahimbamaraso nibar
    indi tubucadushika

  • ivyobiywamarasovyabadd ntibirahimbamaraso nibar
    indi tubucadushika

  • Hongorinjavyi amatwiyimpene yumvayokeje

  • nivyo porisi yarifise amakuru yukuri avuye kubanyag
    ihugu, kuko baramaze kumenye KO cenared ataho izobashikana atarukubakwegera gusa. e nabandi bazoberekana aho bari.abenegihugu bihagurukiye....

  • AHUBWO IZO NKOHO NIBAZITANGE BATARIBONERAKO.

  • AHUBWO IZO NKOHO NIBAZITANGE BATARIBONERAKO.

  • nivyo porisi yarifise amakuru yukuri avuye kubanyag
    ihugu, kuko baramaze kumenye KO cenared ataho izobashikana atarukubakwegera gusa. e nabandi bazoberekana aho bari.abenegihugu bihagurukiye....

  • Mbega Désire Uwamahoro Na Anti-emeute Yiwe Nibo Bajejwe Ivyo Mw Ibarabara?Il Est Temps Qu Ils Dégagent Gusa N Uko Bagira Bagende Bakwegeye N Imiryango Yabo!.Mbabazwa N Uruvyaro,n Aba Dame Babo Bagiye Kuba Impfuvyi N Abapfakazi Ata Ruhara Babigizemwo!.Burira Ntibuteba Kumpeshi.Nta 5 Mois Ba6gaje Ndakurahiye!!!

  • uwo yiyita mpanda harigihe.ivyo yibaza atariko bizoguma hazogera igihe urukwavu gwiruka kumbwa ndumva araryohewe kubera amaraso ariko araseseka ariko uzi ubwenge ntiworyohegwa kukonawe ntuba uzi ibirimbere kandi ntugacire urubanza mugenzi wawe.ugwifuriza mukaso rugatwara nyoko uyumusi nitwebwe ejo nimwebwe kurubworero funga akanwa kawe!!

  • MANA,RUGIRAVYOSE%TABARA ABARUNDI BAMENYEKO IBIRIKO BIRABA ARI IVYAHANUWE !!! SOMA MATAYO24:6-51MUZOKWUMVA INTAMBARA N’IMPUHA Z’INTAMBARA MWIRINDE NTIMUHAGARIKE IMITIMA KUKO BITAZOBURA KUBAHO ARIKO UMUHERO UZOBA UTARAZA....... _ _ EVYEREKAKANA KO YESU ARI KURUGI IMBURI YANYUMA IRIKO IRATAGWA KW’ISI YOSE TWITUNGANYEGUSA%

  • Bravo Police Burundaise!!! bandanya muhashe izo nkozi c’ikibi za banyarwanda
    urabona iyo mihimbiri bariko barajaba igihugu cacu. Police gira fouille ya banyarwanda bari ku butaka bw’uburundi.

  • Mugeze kugwego gohejur ahomugeze mukurya imitwe yabantu abo muriko murarya nibahera muzorya abana nabagore banyu muriko murawatsa haraho mwowota shetanii abajana habi mbega inka impene intama inkoko nibindii nibindi vyarabuze komusigaye murya imitwe yabantu muragowe mwaba polisi nimbonera kunya mwishinga desile uwamaraso

  • Ewe mwaba polisi mwe umusi iyo mwijuru yabakubise urushi harico muzobona kabisa abo bantu muguma mukerera muzobaruka muragowe kabisa amaraso yabantu arahuma urabaza Gahini canke Yuda

  • Ewe mwaba polisi mwe umusi iyo mwijuru yabakubise urushi harico muzobona kabisa abo bantu muguma mukerera muzobaruka muragowe kabisa amaraso yabantu arahuma urabaza Gahini canke Yuda

  • Ntamvura idahita bihumwanya ntabuhizi buri mukwica muriko mwiyanduriza ubusa kuko naho mwokwica nti muzomara abo imana yaremye mwi shusho yayo

  • Uwo munyarwanda yaguye mu bibazo vy’uburundi yazize iki?Ubwo si umucangero w’icaduka CNARD?Ibibazo vy’uburundi bizotorerwa inyishu nabarundi ubwabo.

  • Mbega Mwaba Polis Ntasoni Rindira Turabeka Mwijor.Mwica Abanyagihugu Ngo Nagwanyi.Nkurumbi Arabahenda.Twabahwikira Ntimwumva.

  • Uwicisha inkota azicishwa indi. Iyo mihirimbiri yirwa itera grenades munzirakarengane. Umuti si ukubafata ahubwo ni kubarasa mugahanga.

  • Inkotanyi(jenocidere) zabinjiranye kuva kera aho mwishinga inkinamico ngo ni ibisabisho, Nkurunziza n’umugore batera mwitabira. Mwagira ngo abandi barasinziriye.Reka babanyukure; ambaza ya mashetani yanyu azobatabara. Bwire Nkurunziza n’umugore mugire crosades.

    Igihugu coreka gutembagarira mu manga y’ubukene butagira izina mumara amazi n’amezi ubuzi bwahagaze muri mu biteramo? Abandi batwara ibihugu barara badasinziriye biyumvira ingene boteza imbere ibihugu barongoye namwe mukamara amezi musaba ibigigwamana. Uburundi na none bwaramba.

  • IMANA NITABARE UBURUNDI

  • Jewe Ikintu Natangura Gushimira Igiporisi C’ Uburundi Ukuntu Citanga Mukurwanira Umutekeno Wabanyagihugu Imana Ibafashe .Nayo Abo Banyarwanda Badushaka Kwiki? None Ubu Ntibihaye Bija Ahabona Aho Urwanda Rwaharira Ko Rutivanga Muvyuburundi None Hamaze Gufatwa Abangana Gute Bariko Barica Abanyagihugu Nigipolice Cacu. Ico Bomenya Co Nuko Bohagarika Vuba Navuba Ibikorwa Bibi Bariko Bakorana Nabo Bihevyi Babarundi .Burya Umusi Natwe Ukwihanga Kwaheze Tuzobavugutira Umuti

  • Ndasubiyemwo igihecose uzobona umuntu winkozi yikibi afise ikirwanisho ntubibwire abajejwe umutekano uzomenyeko harihabandi babibonye bamaze kubibwira abajejwe umutekano, mugihewewerero uzoba wiyiziko atabirwanisho kugira ariko uwugifise ariruhandeyawe agashaka kukwikingiriza ngwarase abajejwe umutekano ushobora kuzosanga wikwegeye amakara mumishambara noneho akaguturira. Mwebwemwese mwumvako abitwaje ibirwanisho birirwabaracenganacengana abajejwe umutekano ariboncutizanyu, ejomurababahisi/banyakwigendera nkukonabandi bimaze kubagendera. Ahamubona nkukonabivuze turacari kuntambwe yambere muzirenga 40 Tuzohangana nizonjavyi mpaka Yezu agarutse nayo ivyovyamakungu ntacobidutwaye kukonubundi sibwobwambere uburundi butereranwa ahokubufasha nhobuve muvyago ahubwobagasongera isibemurindi kuvakera ayomakungu yamyeyemera ivyuruhanderumwe ruvuze nunomusi barikobaremera ivyuruhanderumwe ruvuze! Rekadutegereze kumbe ejobazobona kobihenze canke babahenze, ariko turakomeza gututumura ijavyi.

  • Data wa twese girira imbabazi abarundi uheze utubohore ntakikunanira

  • Ibyiza ni ukujya babarasa rimwe mumutwe naho kubafata bagafungwa bituma nabandi batera amagrenade mubanyagihugu kuko baba bazi ko batazicwa.

  • Babikore bibuka ko intumwa za UA z’abahinga muvyiperereza kuvyaha nkivyo zahawe imisi 45 kandi ntiziratanga rapport.ivyo kuvuga ngo hapfuy umwe nabireke kuko birafise abazobikurikirana. Nta muntu yemerewe kurasa abasivile ngo nuko bavuye gufuba umunyarwanda canke ngo nuko abasanganye numero za tel za MSF,abo bantu ni abansi ba nkurunziza kuko ivyo bakoze ntaco bimufasha uretse kumushikanayo

  • Barundi barundikazi reka amacakubiri mureke gusesa amaraso ya benewanyu mwibuke ugwoHerodi yapfuye Imana irababona basha

  • Ahaa!!mana fasha igihugu c’uburundi gisigaye ki nuka icuya n’amaraso yabatishoboy,mana wavuko uwugusaba kumuha dukurirho 3man

  • Nibampfumbatire amahorde kuko bonse rimwe

  • EREGA SINARINZI KO NKURIKIYE PIERRE YASONGOJE AMENYOOOO
    OJOJOJ

  • TURASHIGIKIYE IGIPOLISI TUZOGWANYA ABASI BIGIHUGU GUSHIKA KUWANYUMA!!ABANYAGIHUGU TURASHIGIKIYE LETA TWITOREYE.

  • ntamvura irwa idahita imana irabona icabarund barik barazir.

  • Wewe Wiyita Bushom Nimba Warize Uri Kijuju ! Nico Gituma Muburundi Hazokwama Hari Akaguma Hari Bamwe Bamwe Bigira Ngo Barize Ariko Aribidebire .Mushaka Intambara Ariko Ntayo Muzoronka Guko Uwuzoyirondera Ntazoduterana Intambwe Dufise Igiporisi Ni Gisirikare Cinkerebutsi

  • Mana!dufashe nimba ubu gufuba umuntu gisigaye ari icaha gihanishwa igihano co gupfa!

  • AHUBWO SINUMVA UMUNTU AGOMBA GUHUNGABANYA UMUTEKANO ICAGOMBA AHUBWO BARABAKOMESHA KUMBURE IGIHUGU COTEBA KIKARONKA AMAHORO

  • Mbe aho mwitwaza abanyarwanda nibo bateye ikibzô ca 3e mand?nimwipfane n amacakubiri yanyu mwaravumwe muri bene gahini muragakizwa nka Saouli

  • Hhhhhh ngo aba polîces bakomere mukwica?erega bazoba bazibiye ivyobo vyabonamwe ivyanyu birasamye birabarindiriye

  • Wewe wiyita Sara, uravuga buhoro kuko burya ubonye inkuba irabije ntukavuge ngo mara abansi kuko numukunzi birajana. Uyumunsi nibarya ejo azoba arimwebwe!

  • UH EWE PASCAL NYABENDA URI IKIJUJU BASI MBE AHO UDEBAGURA AMAHOPA NGO UBUBILIGI BUGOMBA KUBASUBIZA MUBUJA MBE UBUNDI HOHO TWIGEZE TUBUVAMWO? MBE KO UTARIMBWA YUMUJA WABO HAMWE WOMANGANA UJA KUBIWABO UHUNAHUNA IBIKOROTSE KUMASAHANI YABO MURI CANADA KO UTAGUMA IWANYU MBE KO WAMA UDEBAGURA INDIMI ZIWABO KO WIZE MUNDIMI ZABO NARI KUKWEMERA KO UTARI INTOZO YABO IYO UBA UTARIZE MUNDIMI ZIWABO! URUMVA UMUBILIGI YIGA MU KIRUNDI WAKIGWARUDUBIWE? UMENGO NTANAYAGA MUKAMA WIZE MUGA NDAGUTAHURA MWASAZE KUBERA AMARASO Y’ABARUNDI MUGUMA MUSESA!

  • igih imana yashavuy ivyomugira mwibaz ko mwebwe mutazobibazwa ? abo mwica baremwe nande ? imana izobamaramaz mumas yabarundi bose. munywe amaz amaras muyahebe.

  • How is that possible to say that someone was going to release grenade to the police men ?
    And police men shot him ?yes ?
    So that grenade was already activated to launch ...so if u shot this man who has grenade ,it means that grenade has fired all around ?enh ?don’t lie people

  • Burundi we wari igihugu ciza ntangere turagusabira kumuna ngo ugihe ubuyobozi bukunda abanyagihugu ubakize inyamaswa zirirwa zirabarya

  • Ewe Pierre Nkurikiye urambabaza ingene ukoreshwa nkuwutagira ubwenge hari umunsi abo bagokoresha bazokwihakana nkuko Petero yihakanye Yezu yooo uzoca wiyahura usange abandi aho muriko murabashira.

  • mukomeze myiyenze ku banyarwanda....sibyiza gukangura intare yiryamiye oups nta ntare ziba mu Burundi ntago nabarenganya

  • Komeza mudutohoreza kuko birimwo amahinyu!

  • TUGIRIRE IKIGONGWE MANA UDUHE AMAHORO MUGIHUGU CACU!

  • @generalhutu w’umusega ukaba n’igipfapfa. Ureke gusebya abahutu kuko uri umwe muri babagome (Sindumuja).

  • UBUHO BABIKOZ KUMUGARAGARO

  • mwese nimunume kuko uwoyahambw ndamuzi neza dusangiy colline ava"komine:GITOBE,Province:KIRUNDO ,COlline:bigombo(mumbizi) kand yariyinjiy mumirwi yabicanyi

  • TUSAKONABOKOMBOREKURWA,BAKABAGIRAIKIGWE.PRO.MUYINGA.COLLINE.NKOYOYO

  • Murabivuga nkabari bahari! Abashakira amabi abarundi Imana yo hejuru yonsa izobaha ikibanza kibabereye kandi ikingire abarundi!

  • je ndabasabira kuramba! ivyo vyose muvuga, mukora ngo namwe muzobihemberwe. mbega iyaba Imana ihaniraho ivyaha, ugira ni mwe mwosigay?

  • Iyab Umuntu Akora Ivyo Yarazi Ko Igihe Yorwara Yoba Asumbwa Nakanyegeri Gakomey! Yobireka Akihana! P6

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.