Accueil > Amakuru > umutekano > Buringa : Amaritiro 1250 y’inzoga zitemewe yafashwe n’igiporisi
Buringa : Amaritiro 1250 y’inzoga zitemewe yafashwe n’igiporisi
mardi 21 Nzero 2014
Amaritiro 1250 y’inzoga yitwa umudrink hamwe n’amabido 16 agaragara ajejwe kubikwamwo iyo nzoga niyo yafashwe n’igiporisi mu gihe bariko barasaka.
Igiporisi carasatse ku munsi wa mbere igenekerezo rya 20 Nzero mu mihana 5 yo ku mutumba Buringa, komine Gihanga, intara ya Bubanza. Igiporisi kikaba cabikoze inyuma y’inama y’umutekano musitanteri wa komine Gihanga yagiranye n’abanyagihugu bo muri ako gace. Abo nabo yari yabahamagariye gushengeza abo bose badandaza inzoga zidandazwa bidaciye mu mategeko, hamwe n’abo bose boba bazinwa.
Mu ntango z’ukwezi kwa Nzero 2014, igiporisi co muri komine Buganda kirongowe n’umukuru w’ikirindiro c’aho nyene muri komine Buganda, OPP1 Yohani Bihuna, cari cafashe amaritiro 15000 y’inzoga "Kanyanga" itemewe n’amategeko, yafatiwe muri komine ya Buganda, intara ya Cibitoke.
Muri iyo komine isanzwe ihana urubibe n’igihugu kibanyi ca Congo, urudandazwa rw’izo nzoga zitemewe n’amategeko hamwe n’urumogi bikaba vyarimonogoje.
Igiporisi co muri ako gace kikaba camenyesheje ko citeguye gutuza bimwe biboneka urwo rudandazwa.
Floxella Karire
Messages
23 Nzero 2014, 11:11, par NTIBIHINYURA David
Dukomeze gusenga hasigaye ko Imana nayo ariyo yikorera.