Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bururi - Makamba : Abajejwe intwaro babiri bishwe barashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi - Makamba : Abajejwe intwaro babiri bishwe barashwe

Bururi - Makamba : Abajejwe intwaro babiri bishwe barashwe

mercredi 16 Ntwarante 2016, par egide

Abajejwe intwaro z’ibanze babiri basanzwe bakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD mu ntara za Bururi na Makamba barishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri ushira uwa gatatu, bompi baka bishwe barashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye.

Adrien MUDOMO yahoze arongoye umutumba kuva mu 2010 gushika mu 2015 yishwe n’amasasu yarashwe n’abagizi ba nabi ku musozi Mubira, zone Nyagasasa, komine Mugamba, intara ya Bururi.

Uwugira kabiri yagandaguwe nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro mu ntara ya Makamba, ni Pascal KAZUNGU, umwe muri batanu batowe ku mosozi Mbizi muri komine Kibago, intara ya Makamba.
Abamwishe bari abantu bitwaje ibirwanisho bamurashe, bakaba bahejeje kumugandagura baciye bagenda.

Buramatari w’intara ya Makamba, Gad NIYUKURI amenyesha ko abantu batatu aribo bafashwe ku mvo z’amatohoza.


IGIHE

Messages

  • Kugeza ryari ga yemwe ubwo bwicanyi? Gezaho aho mwakanwyereye amaraso y’abantu. Ntaciza kirimwo umuntu n’umuntu. Ibuka ko namwe umusi umwe muzopfa kandi mugahanirwa ivyo muriko murakora!

  • Umwana ukwarezwe niko akura igihe abatware bigihugu twokwise abavye aribo baterura idarapo mubwicanyi nogucanishamwo abobarongoye rindira batikebutse nakataraza bazokazana mbe bibagiyeko ivyo birwanisho babitanga abarundi namakungu basemerera ngumanika agatuwicaye mukukamanura ugahagarara

  • n’ikuki genza atafashwe? rusoko wewe bamusize? n’uko buca bakabarekura vyo nyene , nabo kandi baratumara

  • ntamuntu numwe yoza arica abantu hama ngo yipfuze kuzorongora ubutegetsi nukuri ntibikunda nibazane imigambi amatora abe dutor uwo dushaka

  • Abica indongozi ziva muri cndd-fdd ni babandanye, ariko bagume bibuka ko kwaruza inkona bitoroshe. Ejo inkona ni yabata mu nzara ntibaze basubire kuvuga ngo hariko harakorwa "génocide". Imuryango wa cndd-fdd uri mu marira; ababikoze hamwe n’abashigikiye, hamwe bomeswa ababo baze bibuke amarira y’imiryango yabuze uno munsi!!!

  • izo mbwa ziradusubiriye ! banyarubimba muragabe . kazungu niwigire urambabaje pe! ntakundi

  • Na musitanteur wa komine kibago aritegura tuva kwa kazungu twinjire muri komine ntitumuraba arahasig’agatwe .hamwe abafashwe batorekurwa twanizwe n’ishavu

  • Jew namanvuga uwiyita TARI amenye neza ko utwo ajejemba nuko tutaramushira mubyara,nvuge kwizi nzirakarengane ndahojej ababuz jew karorero nzokurikiza ukwitanga kwanyu kand basindumuja bagiy kubiryozwa ibi bakoz bamenyeko inkona itaruzwa pacifique hagarika kwica abantu barankiritse reka gufasha inkozi zibibi umenyeko urya impfubyi ukinovora intuntu mundekere iciyunviro ndabeko harabohinduka.

  • EEEE!PORESANA! UMURIRO WAKA UJAYISHAMBA RISAGAYYYYY!!

  • Yooh! pore sana abantu bose babuze ndabahojeje amarira IMANA irishura abobagizi banabi bica inzira karengane natwe abene gihugu turabona tuguma dukurikirana nangwa umugambi w’IMANA Pierre Nkurunziza azadutwara mpaka tumurinyuma yiwe mbega ko riniga tutaramuha izindi manda zirimbe mpaka isi ihenutse mushaka nimuze dufatane munda ataraho namwe muzohera nkifu yimij..!cucucu emera musabe imbabazi mutama NKURUNZIZA RAMBA

  • twabihinyuye nkurunziza numugabo kuva kuntwaro yacami umuhutu ntiyigeze atwara kumumugwanya petter nabatutsi nibande bwatwaye imyaka mwishi ninama zingahe zoguha ubutegetsi za koretse mbwira,murakirekura muzocipfuza mutwagwa bufuni na buhoro ahubwo niyoroshe ubuzima bwantu batoto ntakindi kuko jew na ww tuzokwama dutora gusa

  • ndahojeje imidyangoyabuze.izonizantumva zigombo kotwama mungwano.ariko imana niyonyishu nabishe babikira.batanguye kumenyekana.imana niyonkuru.

  • Izonkonanatuzi’konabana’yabira ’bayikonayanaga!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.