Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi - Makamba : Abajejwe intwaro babiri bishwe barashwe
Bururi - Makamba : Abajejwe intwaro babiri bishwe barashwe
mercredi 16 Ntwarante 2016, par
Abajejwe intwaro z’ibanze babiri basanzwe bakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD mu ntara za Bururi na Makamba barishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri ushira uwa gatatu, bompi baka bishwe barashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye.
Adrien MUDOMO yahoze arongoye umutumba kuva mu 2010 gushika mu 2015 yishwe n’amasasu yarashwe n’abagizi ba nabi ku musozi Mubira, zone Nyagasasa, komine Mugamba, intara ya Bururi.

Uwugira kabiri yagandaguwe nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro mu ntara ya Makamba, ni Pascal KAZUNGU, umwe muri batanu batowe ku mosozi Mbizi muri komine Kibago, intara ya Makamba.
Abamwishe bari abantu bitwaje ibirwanisho bamurashe, bakaba bahejeje kumugandagura baciye bagenda.
Buramatari w’intara ya Makamba, Gad NIYUKURI amenyesha ko abantu batatu aribo bafashwe ku mvo z’amatohoza.
IGIHE
Messages
16 Ntwarante 2016, 14:37, par Gezaho Gezaho
Kugeza ryari ga yemwe ubwo bwicanyi? Gezaho aho mwakanwyereye amaraso y’abantu. Ntaciza kirimwo umuntu n’umuntu. Ibuka ko namwe umusi umwe muzopfa kandi mugahanirwa ivyo muriko murakora!
16 Ntwarante 2016, 16:09, par tari
Umwana ukwarezwe niko akura igihe abatware bigihugu twokwise abavye aribo baterura idarapo mubwicanyi nogucanishamwo abobarongoye rindira batikebutse nakataraza bazokazana mbe bibagiyeko ivyo birwanisho babitanga abarundi namakungu basemerera ngumanika agatuwicaye mukukamanura ugahagarara
16 Ntwarante 2016, 16:24, par baratumara
n’ikuki genza atafashwe? rusoko wewe bamusize? n’uko buca bakabarekura vyo nyene , nabo kandi baratumara
16 Ntwarante 2016, 18:24, par manariyo
ntamuntu numwe yoza arica abantu hama ngo yipfuze kuzorongora ubutegetsi nukuri ntibikunda nibazane imigambi amatora abe dutor uwo dushaka
16 Ntwarante 2016, 19:26, par Murundi
Abica indongozi ziva muri cndd-fdd ni babandanye, ariko bagume bibuka ko kwaruza inkona bitoroshe. Ejo inkona ni yabata mu nzara ntibaze basubire kuvuga ngo hariko harakorwa "génocide". Imuryango wa cndd-fdd uri mu marira; ababikoze hamwe n’abashigikiye, hamwe bomeswa ababo baze bibuke amarira y’imiryango yabuze uno munsi!!!
16 Ntwarante 2016, 20:21, par Piyo
Isi Yaheze!
16 Ntwarante 2016, 21:58, par birabaye
izo mbwa ziradusubiriye ! banyarubimba muragabe . kazungu niwigire urambabaje pe! ntakundi
17 Ntwarante 2016, 10:06, par mbizi
Na musitanteur wa komine kibago aritegura tuva kwa kazungu twinjire muri komine ntitumuraba arahasig’agatwe .hamwe abafashwe batorekurwa twanizwe n’ishavu
17 Ntwarante 2016, 11:25, par karorero
Jew namanvuga uwiyita TARI amenye neza ko utwo ajejemba nuko tutaramushira mubyara,nvuge kwizi nzirakarengane ndahojej ababuz jew karorero nzokurikiza ukwitanga kwanyu kand basindumuja bagiy kubiryozwa ibi bakoz bamenyeko inkona itaruzwa pacifique hagarika kwica abantu barankiritse reka gufasha inkozi zibibi umenyeko urya impfubyi ukinovora intuntu mundekere iciyunviro ndabeko harabohinduka.
18 Ntwarante 2016, 13:49, par BIR
EEEE!PORESANA! UMURIRO WAKA UJAYISHAMBA RISAGAYYYYY!!
18 Ntwarante 2016, 20:08, par NDAYIZEYE MOISE
Yooh! pore sana abantu bose babuze ndabahojeje amarira IMANA irishura abobagizi banabi bica inzira karengane natwe abene gihugu turabona tuguma dukurikirana nangwa umugambi w’IMANA Pierre Nkurunziza azadutwara mpaka tumurinyuma yiwe mbega ko riniga tutaramuha izindi manda zirimbe mpaka isi ihenutse mushaka nimuze dufatane munda ataraho namwe muzohera nkifu yimij..!cucucu emera musabe imbabazi mutama NKURUNZIZA RAMBA
20 Ntwarante 2016, 21:22, par eria
twabihinyuye nkurunziza numugabo kuva kuntwaro yacami umuhutu ntiyigeze atwara kumumugwanya petter nabatutsi nibande bwatwaye imyaka mwishi ninama zingahe zoguha ubutegetsi za koretse mbwira,murakirekura muzocipfuza mutwagwa bufuni na buhoro ahubwo niyoroshe ubuzima bwantu batoto ntakindi kuko jew na ww tuzokwama dutora gusa
21 Ntwarante 2016, 06:25, par manirakiza serges
ndahojeje imidyangoyabuze.izonizantumva zigombo kotwama mungwano.ariko imana niyonyishu nabishe babikira.batanguye kumenyekana.imana niyonkuru.
21 Ntwarante 2016, 15:02, par Manirambona peter
Izonkonanatuzi’konabana’yabira ’bayikonayanaga!.