IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Businde : Abayoboke bane ba Zebiya bafashwe n’igiporisi

Businde : Abayoboke bane ba Zebiya bafashwe n’igiporisi

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Abayoboke ba Zebiya bagera ku majana ane basubijwe inyuma mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, mu gihe bariko berekeza i Businde, mu kibanza bahora bama baja gusengeramwo. Bane muribo harimwo umushikirizamanza n’umukuru w’ikirindiro c’igiporisi bahagaritswe, bakaba ari mu minwe y’inyamiramabi.

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, abaporisi bazindutse barashiragiza abayoboke ba Zebiya bashaka gushika i Businde mu kibanza bita ceranda, nk’uko bavyigishijwe n’umwigeme Zebiya avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya. Inyuma y’aho umukano uhungabanye, hagapfa n’abantu mu mishamirano hagati y’abajejwe umutekano n’abayoboke ba Zebiya, Reta yaciye ifatiye ingingo yo kwugara ico kibanza, hashirwa mbere ikambi ya gisirikare, kugira ntihagire abanyagihugu basubira kujayo. Abayoboke ba Zebiya ntibigeze bihanganira kwerekeza muri ico kibanza bita ceranda. Uko ukwezi gutashe, kw’igenekerezo rya 12, abayoboke ba Zebiya bama bagerageza kwegera ico kibanza.

Kuri uwu munsi, amakuru ava mu ntara ya Kayanza amenyesha ko abo bayoboke bo mu ntara nka zose z’igihugu batanguye gufata inzira ibashikana i Businde nk’isaha icenda z’ijoro. Ntibashoboye gushika aho i Businde, kuko bategerewe n’igiporisi, babona gushwiragira. Bane muribo, harimwo umushingwamanza n’umukuru w’ikirindiro c’igiporisi bafashwe n’inzego z’umutekano.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.