IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Busoni: Umugabo n’umugore bagandaguwe bunyamaswa

Busoni: Umugabo n’umugore bagandaguwe bunyamaswa

lundi 25 Munyonyo 2013

Muri komine ya Busoni intara ya Kirundo, abantu babiri nibo bishwe urw’agashinyaguro ku musozi na zone ya Nyagisozi nk’uko tubimenyeshwa na musitanteri wa komine ya Busoni Leokadiya Kabihogo.

Musitanteri akaba avuga ko kuri uyu wa gatandatu mw’ijoro umugabo n’umugore bishwe bunyamaswa n’inkozi z’ikibi nubu zitaramenyekana. Abo bicanyi rero bikavurwa ko batoboye munsi y’uruhome rw’inzu babona kwinjira mu nzu, maze baca bafata umutama nyene inzu bamucumitagura ibibugita mu mutwe hose, mu nyuma abo bicanyi bakaba baciye baniga umupfasoni nawe. Bahejeje gukora ubwo bubisha, baciye babaryamika ku buriri, barapfuka n’uburengeti, baraheza baca barigira.

Ubwo bwicanyi rero bikavurwa ko bwoba bufatiye ku burozi, aho uyo muryango woba wagirizwa uburozi aho muri zone ya Nyagisozi nk’uko bivugwa n’inzego z’igiporisi mu matohoza yoba yakozwe. Abo bagandaguwe rero, bikavurwa ko boba bari baherutse guhunga umusozi bahora babako bita kumana wa Zone ya Gatare, aho bahunze bagirizwa kuroga. Gushika ubu, hakaba hamaze gufatwa umuntu umwe ku mvo z’amatohoza.

Kabihogo Lewokadiya rero akaba asaba abanyagihugu kuba maso, kugira inkozi zikibi zigandagura abantu zitwaje ko boba ari abarozi ziburizwemwo, na cane cane agasaba abanyagihugu ko bokwirarira, kandi baze baratabara ababa babahungiyeko ku bw’imvo z’umutekano wabo, mu kubatabariza ku bajejwe intwaro n’umutekano.


Aristide Nizigire

Messages

  • Hari mwo ubujuju bwinshi ,!!!Kuki umuntu yimuka ahunze ntabimenyeshe intwaro`?kuki umuntu atotezwa ntabivuge ,,Abanya kirundo turi mu bujuju nubu bugoye guhera,,canke ni polotike ko nzi ko Gihahe asya atambaye...

  • Si abanyakirundo gusa.Le Nord yose mwafashe ubutegetsi hanyuma ntimwahindura mentalités.Niho hapfaa abagore benshi bishwe n’abagabo babo!
    Banza mukubure iwanyu hanyuma mubone kuja ahandi!Gitega,Rutana,Bururi,Makamba,Muramvya,Mwaro,.... haratekanye ariko Kirundo,Ngozi,Muyinga,Kayanza,Bubanza,Cibitoke nta joro ryijana ata mugore yishwe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.