IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Umunywanyi wa SAHWANYA FRODEBU yanyurujwe

Buterere : Umunywanyi wa SAHWANYA FRODEBU yanyurujwe

jeudi 29 Nzero 2015

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU, umwe mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD, umenyesha ko utewe amakenga n’umutekano w’umunywanyi wawo yanyurujwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, irengero ryiwe rikaba ritaramenyekana.

Umunyanyi wa SAHWANYA FRODEBU, azwi kw’izina rya Ndabitezimana Faustin batazira Ndababa, yanyurujwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, n’abantu batatu bamusanze muhira iwe. Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’uwo mugambwe, abamunyuruje bari bafise inkoho, bakaba baciye bamupfunga igitambara mu maso, bamutwara ahantu hatazwi gushika ubu.

Uwo mugambwe SAHWANYA FRODEBU wikeka ko boba ari abakozi bw’urwego rw’igendereza bamunyuruje, bakagira amakenga ko uwo munywanyi ashobora kwicwa. Muri iryo tangazo rya SAHWANYA FRODEBU, batabaza abarundi n’amakungu, cane cane ubutegetsi, bagasaba ko umutekano w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi wokwubahirizwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • nimugume mufatana munda nu urongoy inzira guhemuka musa batazira gancuyubwenge komera

  • Ariko urazi komugoye, abobantubamutwaye yobariwamurwi ujejwe kwegeranya abazakwisuka ku gisirikare mazenaco kukibavuzamwo urusasu, ubwobobarero mufise nukomuziko nambabamutwaye kwiteguriragutera igisirikare kizomwirenza ntakibuza, Nayokuvugango yatwawe nabakozibiperereza mukacamugerekako yanyurujwe iyabaribikunda barikubashira imbereyubutungane abakozibiperereza baranyuruza!? Ivyomurazobironderera abandi ataringaha Burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.