IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buyengero : Abanyeshure batanu bapfunzwe bagirizwa kuba bari mu mirwi (...)

Buyengero : Abanyeshure batanu bapfunzwe bagirizwa kuba bari mu mirwi irwana

mercredi 28 Gitugutu 2015, par egide

Abanyeshure batanu bo kw’ishure ryisumbuye ryo mu Buyengero mu ntara ya Rumonge bapfungiwe mu gasho k’igiporisi kuva kuri uwu wa mbere. Bagirizwa kuba bari mu murwi w’abarwanyi bafatiwe mu myimenyerezo ya gisirikare i Rubanga muri komine ya Matana.

Amakuru atangwa na OPC1 Donatien Manirakiza ajejwe igiporisi mu ntara ya Rumonge amenyesha ko babiri muri abo banyeshure bafatiwe i muhira iwabo ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, mu giporisi bakavuga ko bari barataye ivyigwa. Abandi muri abo batanu bakaba bafatiwe kw’ishure mu gihe bari batonze.

JPEG - 47.2 ko
OPC1 Donatien Manirakiza, ajejwe igiporisi mu ntara ya Rumonge

Musitanteri wa komine Buyengero yemeza ko abo banyeshure bari mu mirwi irwana kuko n’impapuro batoye mu Rubanga aho bagirira iyo myimenyerezo ziriko amazina yabo.

Abo banyeshure bafashwe inyuma y’iminsi mike gusa igiporisi kimenyesheje ko cafashe umurwi w’abantu barenga ijana, bari mu myimenyerezo ya gisirikare kw’ivuriro ry’abigenga rya NEMA. Bamwe mu banyagihugu b’i Matana bakavuga ko ari irementanya abafashwe bariko barakorerwa, kuko ku bwabo bitumvikana ingene abantu barenga ijana bomara ukwezi kwose mu myimenyerezo mu kibanza kimwe, ntihagire n’umuntu n’umwe abimenya.


IGIHE

Messages

  • abantu 100 mumyimenyerezo?leta yarabonye ko abarundi ari ibijuju byo kubeshwa

  • Nibarek kubesh abo batanu bafashw n’imboner kure z’i buyenger nyene

  • ico ciyita leta jew numva ataco kigishoboye niyaba mu gihugu witwa ngo uratwara habera formation ukwezi kose ntibafatire murico gikorwa kugira itwereke twese la verité mumva ataco bagishoboye botaga imihoho kandi ninibisanze no mubihugu biteye imbere nduhora dufatako référence mpora mbona batanga imihoho bikaba ibisanze natwe twobarabirako akarorero.

  • Barababeshera kuko abavyeyi n,abigisha nabandi banyeshure bemeza ko batigeze bata ivyigwa, none niba bataguruka bobikora vyose gute?Ariko Mana!Nibareke kubarenganya.Baratanguye ikintu citwa irementanya kugira bamare urwaruka mugabo barabesha twarabahinyuye1

  • Abo banyabuyengero babuze ubuswage n’utudagara baba barigugunira none bagiye kurwa mu vyo batazi vy’ama mndat?

  • NDATANGAZWA NUTUNTU TWIYITA [email protected] NA KI MBAYA NIBA NAMWEGE MURIMURIBO BURAKEYE INKON IBACAKIRE KUKO INKONA NTIYARUZWA ABAYANKA MWESE MUZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA

  • none ako karenganyo mwumva kazohera?umuntu nuwokwitunganya yesu agomba kuza gutora umugeni

  • None gayemwe biraciyingani urwaruka barumarire mubusho kubwakarenganyo? ntabantu ijana bokorera imyimenyerezo ngaho hantu ni saha imwe gusa ngo bagende batamenyekanye,uwo numugambi wateguwe wo kumarira abantu mubusho kuko mugasho aho akugombeye nihakuronkera. ariko bibuke umugabo umwe Yitwa Etrere ntakwatakoze mukugandagura abenigihugu,unomusi arihehe? kabiri, Murwada interahamwe ntako zitakoze mukumara abenigihugu,unomusi zirihehe? zipfuye ziyerera nkakayini. rero ntamwicanyi yaronse amahoro nubwo yoyaronka nayakanya gatoooo, namwe bibashobokeye mworeka gutoteza benewanyu!.

  • Bantu Mwese Mwahoze Kurugamba,reka Gufatwa Nkibirofa. Uwomutegetse Atwemeza Ko Mwikigihugu,harabantu 100 Bogirimyimenyerezo Ya Gisirikare Barihamwe Ukwezi Kwose,bari Muri Reyi Na Tactique Militaire,ntibafatwe. Ubu Niho Nciye Mbona Kwabobagabo Baturunguruka Mubwonko. Kubwivyo Rro Ivyo Kwasama Bihagarare. Mubandanije Kutugiramakopo Nivyogukizura Bamwebamwe Tuzoca Tubiheba Canke Bibaye Ngombwa Tuzibarabisheko. Turabagabishije Mwebwe Mudukurira Mumugambwe.

  • Uwo mu polsi wamatama nkikareso yabatama baruguru avugiki ngaho

  • Nta kwita umwasi umwana ahubwo nyabuna leta nirabe ihindure ingendo kuko ndabona umwasi akomeje!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.