IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inyuma y’igitero co muri Kenya, igipolisi c’Uburundi cakomeje (...)

Inyuma y’igitero co muri Kenya, igipolisi c’Uburundi cakomeje umutekano

jeudi 26 Nyakanga 2013

Mu gatondo ko ku munsi w’ejo kuwa gatatu, igipolisi cazindutse cugariza muri komine Buyenzi no mu bindi bice vy’igihugu c’Uburundi nka Rumonge na Gitega. Abantu 300 nibo bahagaritswe ku mvo z’amatohoza. Ico gikorwa c’igipolisi kije mu gihe ubwoba ari bwose mu banyagihugu, inyuma y’iminsi ine gusa abihevyi bateye inzu y’ubudandaji "Westgate", i Nairobi, mu gihugu ca Kenya.

Ico gitero co muri Kenya, abarwanyi b’umurwi w’iterabwoba wo muri Somaliya, Al Shabab baremeye ko aribo bagikoze, bamenyesha ko ari kubera ingabo za Kenya zarungitswe muri Somaliya. Ubwoba rero ntibubuze ku Burundi nabwo nyene busanzwe bufise ingabo mu gihugu ca Somaliya, zagiye mu bikorwa vyo guhagararira amahoro.

Abanyagihugu bo muri komine Buyenzi bazindutse ku munsi w’ejo basanga igipolisi cugarije, nta n’umwe yemererwa kurengana. Abatagira ibibaranga baca burizwa imiduga bajanwa kwegeranirizwa hamwe ku mvo z’amatohoza. Harafashwe n’ibindi bikoresho nk’imyambaro ya gisirikare, iy’igipolisi hamwe n’inzoga zitarekuwe n’amategeko. Abatagira ibibaranga benshi barahagaritswe. Ariko rero, abo banyagihugu batangazwa n’ingene igipolisi gikurikirana ibibanza bibamwo abayisilamu gusa. Kubwabo, ntivyumvikana kubera kuba uri muri iryo dini, ntibisobanura ko uba uri muri iyo mirwi y’iterabwoba.

Mu gipolisi bamenyesha ko ari ibikorwa vyo kwikingira mu gihe abakora iterabwoba babandanya kurwiza ibitero. Pierre Nkurikiye, icegera c’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi yemeza ko bagavye. N’iyo iyo mvugo y’igipolisi ari iyo kuremesha, abanyagihugu bo mu gisagara ca bujumbura ntibanyegeza ubwoba bafise. « Imbere y’uko muri Kenya baterwa, habanje muri Uganda mu gisagara ca Kampala. Aba Al Shebab baramaze kugabisha ko bazotera ibihugu vyose bifise abasirikare mu gihugu ca Somaliya, none igihugu gisigaye kitaraterwa mu bibafiseyo ni Uburundi. Na Kenya yaratewe ko abapolisi bama bavuga ko bameze amagabo. Twebwe rero nta kitwemeza ko igipolisi c’Uburundi kizoshobora kuturinda. Amakenga yacu n’uko inyuma y’igitero c’i Nairobi, hashobora gukurikira igisagara ca Bujumbura, ku mvo z’abasirikare b’abarundi bari i Mogadiscio ».

N’aho abo banyagihugu basaba ko izo ngabo z’abarundi zigera ku 5.600 zovanwa muri Somaliya, umunyamabanga ntayegayezwa w’inama nkuru y’igihugu y’umutekano, General de Brigade, Prime Ngowenubusa, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo kuwa gatatu yamenyesheje ko gukurayo abo basirikare atariyo nyishu kuko abakora iterabwoba bahora canke bamaze gutera n’ibindi bihugu bitagira abasirikare muri Somaliya. Kubwiwe, inyishu nyabuna ni ukubarwanya bakabatuza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Noneho umwislam wose ni alshaabab?nimubakure isomalia abo basirikare barigufurayo ubusa ,mbe nikuki amakungu yama atera ibihugu bifite igitoro bama bibayo, batotwara no muri somalia agisirikare cabo?ko banse ubumwe bwa afrika guhagarira ivyari biri kwa Gadafi canke syria nahandi,ubu bakaba baremeye muri somalia abe ari twebwe tuhirabira,ntinubonako badushuka?kuko ntakintu cokwiba,bama bashaka aribo bahagarira umutekano ntibaje rero muri somalia twebwe tuvane igisirikare cacu

  • AMAHORO.
    ABARUNDI NI BEZA, KANDI IMANA YADUHAYE IGIHUGU CIZA. MBERE TWESE TWOYISHIMA MU GUKUNDANA,NO MUGUKUNDA IGIHUGU YADUHAYE. KURI IVYO RERO:

    1. NDIBAZA NTAKEKERANYA KO UMURUNDI PERDU ARI UWOBONA UMU AL-SHABAB HANYUMA AKAMUKINGIRA IKIBABA. IRYO RYOBA ARI IKARA MU GASHAMBARA.

    2. IGIPOLISI C’UBURUNDI NDAZI KO GIKOMEYE,KANDI MU BIHE NK’IBI,KIGAVYE CANE. RERO KURI IVYO, MUGUKORA AMATOHOZA NA HO NYENE BOKORESHA BWA BWENGE BUDASANZWE BAHORA BAKORESHA,KUGIRA NGO NTIHAGIRE ABARWA MU MPORERO KANDI ARI BENEBURUNDI.

    3. AL-SHABAB NTIBASINZIRA,NI CO GITUMA ABARUNDI TWESE TWOKANURA. DUSHOBORA KUBITEGA UNO MUSI ARIKO BAZA EJO, NA KARE NGO:"UMUSI WO GUSHAZA SI WO MUSI WO GUHURA N’ABAKWE ."

    EREGA KENYA,NTIYARI IZI KO ITERWA !!!
    RERO IGIHE COSE N’UKWIYUBARA,NTITWIBAGIRE,MAZE ABO BANSI BAZE BAMARAMARE NATWE TWAMAMARE MU MAKUNGU.

    MURAKOZE.

  • kuba igipolisi c`uburundi kirinda umutekano ni vyiza ariko barabe ntibagume bafata abarundi babatesha imirimo yabo ngo nabihevyi,umurundi ga aroberana? Umusomariya aroberana? Barabe ntibahungabanye umutekano ngo bari kurondera abihevyi,aryamakamyo y`abarundi bapakira nibo bihevyi? Gucunga umutekano si kuja gupakira abantu mumakamyo,nugutesha umwanya abarundi,baratubaza uko babigenza gucungera umutekano.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.