IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buyenzi : Ikiziga c’umuntu agira gatanu yishwe akerewe catowe

Buyenzi : Ikiziga c’umuntu agira gatanu yishwe akerewe catowe

dimanche 28 Ruhuhuma 2016, par egide

Kw’ibarabara rya 14 muri zone ya Buyenzi hatowe ikiziga c’umuntu yishwe akerewe, akaba agize umuntu agira gatanu yishwe muri ubwo buryo mu kiringo c’amezi abiri gusa mu gisagara ca Bujumbura.

Abanyagihugu bo ngaho mu Buyenzi bamenye uwo yaraye agandaguwe, bakavuga ko yari umunyezamu yahora ararira kimwe mu bibanza bikorerwamwo imiduga aho mu Buyenzi (Garage).

Uwo munyagihugu yagandaguwe akerewe mu gihe mu giporisi c’Uburundi baheruka kwerekana umuntu yafashwe, bakamwagiriza ko ariwe yahora agandagura abantu abakereye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.