Amasasu menshi yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana muri zone ya Bwiza, abantu batatu akaba aribo baguye muri ivyo bitero vy’abantu bataramenyekana, abandi bane barakomereka.
Muri ivyo bitero vyabaye muri bice bitandukanye muri zone Bwiza mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana rishira uwa mbere, kw’ibarabara rya gatanu, umunyagihugu umwe niwe yitavye Imana, akaba yahora akora akazi ko kwunguruza abantu ku makinga. Kuri iryo barabara nyene rya gatanu, uwundi muntu umwe yarakomeretse.
Mu bunywero bita Escotis buri mu Bwiza kw’ibarabara rya kane, harabaye naho nyene igitero cahitanye abantu babiri, abagera kuri batatu nabo barakomereka.
UBWICANYI BUBA GUTE KANDI UMUBURUNDI BURONGOWE NABAMA MURUSENGERO BAME BAVUGA IVYO BAZI AHANDIHO IMANA IZOBATURIRA.