Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza : Ikiduga gitera amazi abari mu myiyerekano cahatswe kurwa ku (...)
Bwiza : Ikiduga gitera amazi abari mu myiyerekano cahatswe kurwa ku bantu
mercredi 29 Ndamukiza 2015
Kimwe mu biduga bitera amazi, cahatswe guhitana abantu muri komine ya Bwiza, Imana irakinga.

Ico kiduga c’urwego rw’igiporisi, kikaba cagize isanganya, mu gihe cariko kizunguruka muri iyo komine ya Bwiza, gihiga abari mu myiyerekano, kugira kibacucagire amazi. Abanyagihugu baba kw’ibarabara ry’umunani inomero 54, bati twahatswe gupfa kandi twari mu rugo. Ico kiduga kikaba caguye, mu mufurege utwara amazi, gica gihitana uruhome rw’inzu kiryamika hasi.

Ababa ngaho, bakaba bafise amakenga ku basuma, bashobora guca batangura kwiba ijoro. Abo banyagihugu bo muri komine ya Bwiza biriwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bakaba bazibiwe ndetse bagira bagihe umuriro.

Abaporisi benshi harimwo n’abategetsi muri urwo rwego nka Ndirakobuca Gervais batazira Ndakugarika n’uwutwara igiporisi ca GMIR eka n’abo mu rwego rw’igendereza, bose bari baje kuraba uko ico kiduga caguye. Abanyagihugu bo muri komine Bwiza, bagasaba igiporisi ko coreka kwinjira hagati mu makaritiye gutera amazi abantu, kuko kijaniranya n’abatarimwo.
Iyo myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ikaba yabandanije ku munsi ugira kane, aho muri komine Bwiza vyagaragaye ko abantu baho, bagenda bazibira ibarabara ku metero zitanu zitanu, ndetse banaturira ibiti n’amapine. Abasirikare, ni bo bashoboye kuzibura ayo mabarabara, bagafashwa mbere n’abanyagihugu, abaporisi bakinjuye. Abari muri iyo myiyerekano, bakaba bavuga ko batagenda bayihagaritse, umukuru w’igihugu nawe, adahevye kwitoza.




Aristide Nizigire
Messages
29 Ndamukiza 2015, 17:27, par None?
Imana ishimwe konyuma yokutagira uwogihitana konabagitwara barokotse ndaremye.
29 Ndamukiza 2015, 17:34, par mama
aya ni amakori y’abanyagihugu arimo kwangirika kubwumutekano muke,abazotwara hirya y’ejo bazoyishyura mumakori bazotoza mubanyagihugu kandi nanone.
29 Ndamukiza 2015, 19:59, par Nzobandora
Imana yabonye ko ico kiduga cariko gikora ibikorwa vya Satani erega.!!!Abariko barabikoresha,ababatuma hamwe n’imiryango yabo bazotemba nkico kiduga.Aho mwumvise ingene Leta, Igipolisi hamwe n’Igisoda bariko barabesha,mwibaza ko abo bantu bariko barapfa ari bo babaremwe!!!Eka da.
Muzoba mubibona.
29 Ndamukiza 2015, 22:13, par Jean Paul
Erega ntac imana ikorera ubusa ingero ugerera kwabandi nawe niyugeregwako. Uwicishije inkota nawe nyene fair dofais azopha erega benedata yehova arakinda, uburundi
General kumwe nabandi uwukomeye niyesu gusa abasigaye bose nipirate yesu yarazutse kandaba jenero baribacunze natwe tuzotabagwa babireba mwihangane Burundi
29 Ndamukiza 2015, 22:13, par Jean Paul
Erega ntac imana ikorera ubusa ingero ugerera kwabandi nawe niyugeregwako. Uwicishije inkota nawe nyene fair dofais azopha erega benedata yehova arakinda, uburundi
General kumwe nabandi uwukomeye niyesu gusa abasigaye bose nipirate yesu yarazutse kandaba jenero baribacunze natwe tuzotabagwa babireba mwihangane Burundi
30 Ndamukiza 2015, 07:31, par Iteriteka Devdev
Bagenzi Imana ishimwe .ubona ivyo bibikoresho vyose navyo igipolice cataye umurongo vyose vyoshana nabo hagasigara abakora ivyo Imana ishaka abarundi tukironkera amahora.
30 Ndamukiza 2015, 10:28, par ciza jean
uwomushoferi akwiye kuja mugasho kuko yabigize abona ntwe bariko barasiganwa
30 Ndamukiza 2015, 11:41, par rekakundwe emmanuel
nkurunziza nareke gutuma imivu y’amaraso y’abarundi ameneka mugihe bo bamuhaye amata we abituye kubamener’amaraso koko? Mana tabara
30 Ndamukiza 2015, 14:42, par nduwimana
TWEBWE ABARUNDI TUTARI BAKE TURASHIGIKIYE IKIRINGO CA GATATU CUMUKURU WIGIHUGU.
MBERE TWEBWE ABANYAGIHUGU NITWE TUZORWICIRA MU KIBANZA CITORA NIBATUREKE.URABONA!!!!!!
30 Ndamukiza 2015, 15:23, par Nzohabonimana Jean Claude
Ubu Burundi Bugira Buhinduke Ikibuga C’intambara Ubutungane Nibutature Ntitwiyabure Umutamana Twiyambitse, Garukira Igihugu Ntikigwe Mwiriba!
1er Rusama 2015, 11:16, par Kana
ahubwo uwo mu chauffeur akwiye gushimigwa. felicitation sha.
1er Rusama 2015, 22:39, par ndihokubwayo sylvestre
abanyagihugu ibihumbi nibihumbi baraye inzara kugira batange ikori ryo kugura iyokamyo aho kuyikoresha icabanyagihugu bayiguriye barayibagongesha ahubwo nibanyaragase bayigure ubutungane bukiri mwikonje nayo bukavayo bazoyiriha incuro.murakoze
2 Rusama 2015, 22:48, par Nzoyisaba Clauver
Ibibintu Tutahagabiye Binzondushira Muntambara Ikomeye
11 Rusama 2015, 16:04, par Mpawenayo Egide
Ahubwo Iyo Gitemba Cadutumako!Kibatera Amazi Kuki?Sibwabubisha Non Bac Bononye Iki?Mbega Ntibobareka Bakagaragaza Akari Kumutima!Ahubwo Nyene Urwo Rupanpu Akwiye Kubitwarira Bakamwubakira Urwo Rupangu Rwiwe ;ariko Amenye Ko Atawuribwa Ninzoka Ngo Yitware Kw,isato Ariko Abagira Ivyo Vyose Bamenyeko Akarere Katagira Indahiro Katagira N,uburagiro!Ewe Mana Garukira Abana Bawe!!!
15 Munyonyo 2016, 21:16, par NGABIRANO
None Ug Ruduga Rwavyuy Bande ?Ab Banyagihug Barabemerey Yuk Badsubira Kumijira Ay Mazi