IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza : Umuntu umwe yishwe abandi 18 barakomereka

Bwiza : Umuntu umwe yishwe abandi 18 barakomereka

vendredi 13 Rusama 2016, par egide

Ubunywero buri muri zone ya Bwiza mu gisagara ca bujumbura bwatewemwo gerenade n’umuntu ataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane. Iyo gerenade yahitanye umuntu umwe, abagera kuri 18 nabo barakomereka.

Nk’uko vyemezwa n’icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Moise NKURUNZIZA, iyo gerenade yatewe muri zone ya Bwiza kw’ibarabara ry’icenda nomero 32, akaba hari nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko batashoboye gufata umuntu yateye iyo gerenade, ariko ko amatohoza yamaze gutangura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.