Umunyagihugu azwi kw’izina rya Bede HAVYARIMANA yagandaguwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere rishira uwa kabiri, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Yarasiwe kw’ibarabara rya 5 mu Bwiza, mu gisagara ca Bujumbura.
Uwo musore yagandaguwe mu gihe yari ashitse ku rugo rubamwo umuntu yari agiye kuramutsa. Abanyagihugu babonye uko vyagenze bavuga ko abantu bane barimwo umwe afise inkoho basanze Bede HAVYARIMANA aho yari yagiye kuramukanya, bategeka uwo bari kumwe kwinjira mu cumba n’umwana wiwe.
- Bede HAVYARIMANA yagandaguwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere rishira uwa kabiri
Abo bantu baciye barasa uwo musore amasasu ane bakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet, akaba yacikanye ageze kwa muganga.
Bede HAVYARIMANA yavuka mu ntara ya Mwaro, muri komine Rusaka.
None Uwomusor Bamuhoy Ik?