Accueil > Amakuru > umutekano > Caporal Chef Eufrem Hatungimana arashinguranwa iteka
Caporal Chef Eufrem Hatungimana arashinguranwa iteka
mercredi 6 Rusama 2015
Caporal Chef Eufrem Hatungimana arashinguranwa iteka mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda, inyuma y’aho arashwe n’umwe mu baporisi.
Uwo musirikare yari acungereye imyiyerekano yariko igirwa muri komine ya Musaga mu gisagara ca Bujumbura, akaba yarashwe n’umwe mu baporisi yari mu muduga w’uwutwara igendereza mu makomine ya Musaga na Kanyosha, azwi kw’izina rya Joe Dassin. Eufrem Hatungimana rero akaba yagandaguwe mw’ijoro ry’uwa 30 Ndamukiza, arashwe n’umuporisi wo mu rwego rw’igendereza.

Inyuma y’aho, abanyagihugu bo muri komine ya Musaga bakaba baciye bazibira uwo muduga, abarimwo barabakuramwo, nayo umuduga w’urwo rwego rw’igendereza, ukaba waraturiwe, uraka, uraherengetera, mu gihe bemeje ko uwo muduga nyene, ariwo waguma urasa abo mu Kanyosha na Musaga.
Mu gisirikare c’Uburundi, bakavuga ko Eufrem Hatungimana yari intwari. Umushikiranganji w’ukwivuna abansi, General Major Pontien Gaciyubwenge, avuga ko abakoze iryo shano, bategerezwa kuzohanwa, hakurikijwe amategeko. Nayo mu bateguye imyiyerekano, babona ko Eufrem Hatungimana co kimwe n’umwana w’imyaka 15 Komezamahoro Jean Nepomucene, bazofatwa nk’incungu zaguye mu guharanira iyubahirizwa ry’amasezerano y’Arusha n’ibwirizwa nshingiro.
Pacifique Nininahazwe umwe mu bateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, agasaba ababishoboye bose, ko boja guherekeza ubwa nyuma, umusirikare Eufrem Hatungimana.
Aristide Nizigire
Messages
6 Rusama 2015, 09:15, par Niyonkuru.Jiles
Imana.Imwakire.Imuhe.Iruhuko.Ridashira.Ivyaha.Yarafise.Bije.Kuwamwishe.Kuko.Yamurenganije
6 Rusama 2015, 10:13, par UYR
PACI KURIVYINCUNGU SHIRAYO RWAWE TUBAGIRINCUNGU
6 Rusama 2015, 11:09, par Ndikumana Eric
Abanyagihugu Turababajw Niyo Nzira Karengane Y’imyiyerekano.Nukuri Ibi Bintu Ababifise Mw’uruhara Imana Izobibabaza Nibatihana!!! Imana Imwakire Mu Bwama Bwayo Niba Yakoz Ivyiza Mu Kubaho Kwiwe.
6 Rusama 2015, 11:55, par ndikuriyo
NUKURI BIRABAJE KWERI BAVYEYI TWAVYAYE. RABA NKIYO NGABO YACU IGIYE TUTAYANKA. HAMA PACIFIQUE NAWE NAREKE GUKOKEZA KUKO UYU MUSI NI UYU EJO NIWE KUKO IYO NGWANO YIHAYA KO ATEGEREZWA KUGUMA AJANA ABANA MW’IBARABARA ARIKO RWIWE BIBEREYE HANZE NAWE NYENE AMEREWE NEZA SAWA AZE YEREGWE KUKO UHAMUKIYE IGIHUGU BIRAGUKURIKIRANA KWERI. SAWA KUKO N’UMWANA ARAZI IMVUGO YAWE KANDI IBI BIZOHERA NO KURI BUYOYA VYARABAYE HAMA BIRAHERA. GUSA N’UKO HARIHO ABATARABONA KO BARIKO BAKWIRIKIRA UBWIJE NAYO UMUNTU YARI AFISE UBWENGE 93 UBU ACABONA IVYO ARI VYO.
6 Rusama 2015, 13:27, par Napoléon
Imana imuhe iruhuko ridashira kandi uwamwishe nta teka nkiryo apfanye azogira nabandi bazohora bamwibuka!Rip
6 Rusama 2015, 13:55, par hxhhhjh
ndikuriyo uri ku nkota pe intambara y amazuru yaraheze uyapanura uyasongora aba magufi ama maremare ntakamaro uzarebe ikiva mu zuru ryawe kurya ari kibi kuki ugihayagiza ijambo ni rimwe nta peter dushaka haza ubwoko bwose bugatwara twabwemera umugore umugabo sawa ariko nkurunziza non subiza izuru mu rwubati
6 Rusama 2015, 19:22, par kaneza florA SCHEILLA
ndikuriyo hamwe nauyo yiyise uyr nsanze muri bijuju saaanaa kuko ntamoko akiri muburundi mufise mumutwe ivyo petero nkurunziza yagiye arigisha mubanyagihugu ababesha kuvyerekeye ivyigihutu nigitutsi hama agaca aba isachet yumuceri ntakindi mukwiyamamaza yigisha none nivyo mwafashe nsanze mufis ivyumviro nkabatize hama mureke pacific urya numugabo ikibabaj nuko yabahay ibirwanisho vyokumara abrundi nkamw urabona iyongabo nabana muriko murica bitebe bitebuk muzobibazwa kndi petero nabe aritegura na kakarwi kwambare impuzu yakatsi kabisi.Nohereza kurizo mbonerakure kobabandanije musaga na kanyosha nomuri rural kobamesa vyukuri ngira mwamaze kuvyumva.