IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Carama: Umuhungu yishwe na se wiwe amurashe

Carama: Umuhungu yishwe na se wiwe amurashe

dimanche 6 Nyakanga 2015

Umugabo azwi kw’izina rya Barutwanayo Joachim yarishe umuhungu wiwe amurashe mw’ijoro ryo kuwa gatandatu igenekerezo rya 5 Nyakanga 2015,muri quartier ya Carama iri muri komine Ntahangwa.

Uwo yaraye yishwe na se wiwe amurasishije inkoho yo mu bwoko bwa kalashinkov ,azwi kw’izina rya Irambona Yves Lorrier w’imyaka 25 y’amavuko,akaba yari asanzwe yiga muri kaminuza.

Nkuko uwo muvyeyi abimenyesha,hari mw’ijoro igihe uwo muhungu yasanga se wiwe mu cumba c’uburyamo azanye umupanga ngo amuteme,nawe mu kwivuna aca asanga yarashe umuhungu wiwe.Avuga ko ivyamushikiye ari isanganya,kuko ataco bari basanzwe bapfa n’umuhungu wiwe uretse ko ari ivyama bishika hagati y’abana n’umuvyeyi.

Kubwo icegera c’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye,Barutwanayo Joachim ategerezwa guhanwa,kuko uretse kwica yari atunze ikirwanisho atabifitiye uruhusha kandi umushikiranganji w’umutekano yari yasavye ko abatunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha bobisubiza ku neza.

Yaba Joachim Barutwanayo yamaze gushikanwa mu gipolisi c’inyamiramabi kugira azoce ashikirizwa ubutungane,mbere n’inkoho n’umupanga vyose biri mu minwe y’igipolisi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.