IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Céléstin NZOHABONAYO yatowe ikiziga

Céléstin NZOHABONAYO yatowe ikiziga

mercredi 21 Gitugutu 2015, par egide

Ikiziga ca Céléstin NZOHABONAYO catowe hari haheze imisi irenga indwi umuryango wiwe wabuze irengero ryiwe.

Uwo yishwe agandaguwe yahora akora akazi ko kwunguruza abantu n’ipikipiki canke n’imodoka, rimwe na rimwe akaba yanahora yunguruza n’imodoka abakozi ba RPA Ngozi.

Amakuru ava i Ngozi amenyesha ko Céléstin NZOHABONAYO yari yarigeze guhagarikwa n’igendereza ry’aho i Ngozi, hama ararekurwa, yagirizwa ko yama ariko araja i Bujumbura, hama akagaruka i Ngozi.

Umuryango wa Céléstin NZOHABONAYO wasubiriye kumubura kuva kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015, uca aronka amakuru avuga ko yasubiriye guhagarikwa.
Mu gihe uwo muryango wari ukiriko urarondeza aho yoba apfungiwe, amakuru y’uko yatowe ikiziga yaciye amenyekana, ikiziga ciwe kikaba catowe mu ntara ya Kayanza, hafi y’umupaka wa Kanyaru.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.