Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Chany Queen yiriwe yinyegeje, yanka kwitaba igiteramo
Chany Queen yiriwe yinyegeje, yanka kwitaba igiteramo
lundi 30 Ruheshi 2014
Bamwe mu baririmvyi barategura ibiteramo akaba ari bonyene babisivya, akamaramaza, n’ibiteramo 2 vyasivye ku munota wa nyuma, ntihagire n’impamvu yatumye bisiba itangwa.

Kuri uyu w’Imana w’igenekerezo rya 29 Ruheshi, hari ku rutonde ibiteramo 2. Kimwe bivugwa ko cari categuwe n’abaririmvyi nka Frenki The Duniano, Franck Wanajeshi, Pac-Lee, Jockas n’abandi. Igiteramo cari gutangura igihe c’isaha icenda (15h 00) z’umuhingamo, ku Musaga ahitwa kuri Panorama. Igihe twashika nk’igihe c’isaha icumi n’imwe, nta n’inyoni yariho, imiryango yari yugaye nk’uko atagihava kiba. Twahavuye tumenyako igiteramo casivye.
- Urugi rwinjira muri Panorama rwari rwugaye
Haruguru yaho ahitwa mu Buhonga, nahonyene hari igiteramo cari categuwe n’abaririmvyi nka Miss Nono, Small Dog, Mandosizo n’abandi, umutumire w’iteka muri ico giteramo yari Chany Queen. Isaha indwi z’umuhingamo, igiteramo cari caratanguye ariko uwari ajejwe gutangaza uko igiteramo kiriko kiragenda yafashe umwanya munini aha "micro" abaririmvyi bita aba"Upcoming". Aho hose bari baririndiriyeko umuririmvyi Chany Queen ashika.
Amakuru duhabwa n’umwe mu baririmvyi bari k’urutonde ku giteramo co mu Buhonga, Chany Queen ntaho batamurondeye gushika naho baja aho asanzwe aba bakamuhebura, ngendanwa yari yayizimije kuva kera. Chany Queen yaretse kwitaba ico giteramo kandi bivugwako amahera y’ibanze"Avance" yari yaramaze kuyakira. Ayo makuru abandanya avugako abanyagihugu bahavuye bakarambirwa, bagasimbira kuri umwe atangaza igiteramo "MC", batangura kurwana ari na ho igiteramo cahagarara burundu.
Turiko turondera bamwe mu baririmvyi bari kuja muri ivyo biteramo batange umuco ku mpamvu ivyo biteramo vyasivye.
- abari barindiriyeko igiteramo gitangura

Cherif Nkeshimana