IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Abanyagihugu bagumye mu mazu kubera amasasu menshi ariko (...)

Cibitoke : Abanyagihugu bagumye mu mazu kubera amasasu menshi ariko avuga

mercredi 1er Mukakaro 2015

Amasasu menshi niyo ariko arumvikana muri komine ya Cibitoke, ndetse n’ibararabara ryo muri iyo kimine rikaba ryugawe.

Abanyagihugu bo muri iyo komine bakaba bari mu mazu, bamwe bagatinya ko bohitanwa n’amasasu. Iyo komine ya Cibitoke ikaba ari imwe mu zaranzwemwo imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Ku va ico gihe, abanyagihugu barara amarondo, ariko bakavuaga ko umutekano muri iyo komine wifashe nabi, amasasu n’amagrenade, bikaba bidasiba kuvuga.

N’abariko bipfuza guhimbaza umunsi mukuru w’ukwikukira, bakaba bose bagumye mu mazu, mu kwanka guhura n’amasanganya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.