IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke: Abanyagihugu basaba musitanteri guhagurukira ikibazo (...)

Cibitoke: Abanyagihugu basaba musitanteri guhagurukira ikibazo c’umutekano

lundi 19 Myandagaro 2013

N’aho musitanteri wa komine ya Cibitoke Emmanuel Niyongabo yemeza ko umutekano ari mwiza muri iyo komine arongoye, abanyagihugu bo bazindutse bagandagaje imbere y’ibiro vya komine basaba ko umutekano wabo wokomezwa, na rirya bavuga ko hari akarwi k’abantu babategera mw’ijoro bakabiba ndetse bakabasinzikariza n’ubuzima kagisibije.

Abo banyagihugu rero, baremeza ko ababahungabaniriza umutekano ari imbonerakure zihurikiye mu mugambwe CNDD-FDD ziva mu makomine ya Kamenge na Kinama, ndetse bakemeza ko na musitanteri ubwiwe yoba ariwe aja kuzana izo mbonerakure inyuma y’amanama yoba agira n’iyo misore. Imbere y’ibiro vya musitanteri wa komine ya Cibitoke rero hakaba hari hagandagaje abagore, abagabo, imisore ndetse n’inkumi. Bose bakaba bavuga ko umutekano wabo utameze neza, na rirya kuva igihe c’isaha z’ine z’ijoro, uturwi tw’abantu babafata bakabiba, ndetse bakanabakubagura.

Raphael Ngendakuriyo umwe mu banyagihugu bari ngaho, avuga ko musitanteri yanse kubakira ngo bamuture ico kibazo. Amenyesha ko ubu nabo bagiye kwivuna abababuza amahoro, mu gihe musitanteri atohagurukira ikibazo c’umutekano wabo. Ikindi naco yemeza, ni ukwo bagiye gutangura kwirarira maze ikubagurwa bagirirwa rihagarare.

Musitanteri wa komine ya Cibitoke avuga ko abazindukiye imbere y’aho akorera ari urwaruka ruhurikiye mu mugambwe wa MSD. Emmanuel Niyongabo asaba abanyagihugu bose muri rusangi ko boza baramwitura iyo bafise akagorane ako ariko kose, imbere y’uko baza kugandagaza imbere yaho akorerera. Abo banyagihugu rero bakaba batumenyesheje ko bari ngaho nk’abababajwe n’itituka ry’umutekano wabo, atamugambwe n’umwe baje baserukira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.